IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Diamond na Zari bigize nk’umwami n’umwamikazi: Amafoto

Diamond na Zari bigize nk’umwami n’umwamikazi: Amafoto

lundi 4 Rusama 2015

Igiteramo gikomeye ca All White Party cabereye mu gihugu ca Tanzaniya cabonekamwo Zari na Diamond bifashe nk’umwami n’umwamikazi. Igiteramo nk’ico kizoca mu bihugu vya Afrika y’Ubuseruko kiretse Uburundi.

Bambaye bose impuzu zera nk’uko igiteramo citwa "All White Party", amafoto yafashwe ku munsi w’igiteramo, yerekana Zari n’umukunzi wiwe Diamond bifashe nk’umwami n’umwamikazi naho atamwamikazi yokwambara ikanzu nk’iyo Zari yari yambaye.

Ibirori vya "All White Party" vyatangujwe na Zari, vyariko bibera mu gihugu ca Tanzaniya, aho mu mwaka w’i 2014 vyabereye muri Uganda, igihugu c’amavukiro ca Zari. Igiteramo canke ibirori bidasanzwe vya "All White Party", bizoca mu bindi bihugu bigize akarere ka Africa y’Ubuseruko kiretse igihugu c’Uburundi ku mvo zitaramenyekana.

Raba amafoto yaranze ibirori vya "All White Party" vyabaye kw’igenekerezo rya 01 Rusama 2015.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.