IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Ibintu 10 bishobora kukwereka ko umukobwa yagukunze

Ibintu 10 bishobora kukwereka ko umukobwa yagukunze

mercredi 31 Kigarama 2014

Abagabo canke abahungu baragira ingorane yo kumenya canke gutahura ibintu vyerekana ko umukobwa yabakunze. Bizwi ko mu mico y’Abarundikazi harimwo kunyegeza ko bakunze umuhungu canke umugabo.

Kuri abo bagabo badashobora kubona ko bakunzwe, ng’ibi ibintu 10 borabirako :

1) Haheze iminsi mikeyi cane mumenyanye arakubaza ko ufise uwo mukundana, umufise aca akuza aho aba ico akora canke akagusaba ifoto yiwe. Utamufise naho akubaza igituma utamufise

2) Umukobwa yakunze umuhungu canke umugabo aguma afise ibibazo amubaza, harimwo n’ibitagira akamaro ariko wewe aba akwiyumvamwo kandi abashaka ko utogenda kugira umugume hafi. Ntakindi abona yokoresha kugira umugume hafi atari izo nkuru aguma agutera

3) Iyo muriko murayaga aguma yikora mu mishatsi canke asa nk’uwica inzara, yitoze utuntu hasi nk’utwatsi canke atabagura udupapuro, ashira mu kanwa umugufu wiwe (mu gihe awambaye)

4) Iyo muri kumwe aratekereza kandi ntaco womusaba ngo akwime canke akubwire ko atoshobora kugikora canke kukironka, yama hafi yawe akanagerageza kumenya ivyo urimwo

5) Uwo mukobwa aguma arondera kuri wewe ibintu musesha (point de ressemblance): araba mu ntoke zawe, amano yawe, inzara zawe canke uko usa mu maso kugira akwereke ko mufise ibintu muhireyeko. Ivyo abikora kubera isoni zo kukubwira ko yagukunze

6) Aguma akwibutsa inkuru ziryoshe wamubwiye canke yumvise ku bandi, naho wovuga bibi wewe abigira vyiza. Ivyo vyerekana ko akwitaho cane naho woba utari hafi yiwe

7) Ararazwa ishinga n’ubuzima bwawe. Arakubaza ko wafunguye, ko waraye neza, ko wambaye impuzu y’imbeho abonye hakanye, canke yumvise nk’isanganya aca akubaza aho uri kugira atekane, akubwira uko imanza yagiyemwo zagenze cane cane izo gukwa n’iz’ubugeni

8) Hari uwukuraba mu maso muriko murayaga, rimwe na rimwe akamera nk’uwushavuye canke nk’uwushaka kugutera ikigongwe. Muri ico gihe abashaka ku kwereka akababaro afise kubera utabona ko agukunda

9) Hari n’abandi bakobwa batubahuka kuraba mu maso y’uwo bakunze, akaguma agira isoni umuhungu atazi ico zivako, kenshi iyo umuhungu nawe aciye umukunda za soni ntasubira kubona iyo zahereye

10) Iminsi yose aritwararika kukubwira ijoro ryiza canke umunsi mwiza abicishije ku butumwa bugufi "sms" canke akaguhamagara kuri ngendanwa. Abadafise za ngendanwa bavyigumizamwo ariko muhuye aca akubwira ko yamye akwiyumvira canke ko yakurose.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.