IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abagendesha amakinga bananiwe n’ubuzima bw’i Bujumbura

Abagendesha amakinga bananiwe n’ubuzima bw’i Bujumbura

mardi 23 Mukakaro 2013

Abagendesha amakinga bavuga ko iduzwa ry’ibiciro ku bidandazwa bitandukanye mu Burundi hamwe n’ikoroka ry’agaciro k’ifaranga ry’Uburundi, biri mu bituma ubuzima babayemwo ari bubi cane kuko atababashorera bakironka kuko ubukene bwugarije abantu bose muri rusangi.

Abagendesha amakinga bavuga ko umwuga wabo usaba inguvu nyinshi kuko amakinga atanywa igitoro nk’imiduga, ari naco gituma bategerezwa kunyonga ikinga bafise utuguvu. Ariko rero muri iyi minsi bavuga ko haza abantu bake cane ku buryo usanga bashoboye kuronka amafaranga igihumbi kimwe canke igihumbi n’amajana atanu. Bavuga ko amafaranga nkayo ariyo ukoreye umunsi wose kandi utegerezwa gufungura, ukanayapangamwo inzu ko ari make cane. Ikindi naco ngo ni ukwo ubu abanyonga amakinga ari benshi bigaca bituma hari abamara umunsi wose ataco batahanye. Abagendesha amakinga bo mu Carama bavuga mu minsi iheze baronka amafaranga atari make kuko atamabisi yashika aho mu Carama, ubu rero abantu bakaba bakunda bisi kuruta amakinga.

Astere Ramadhan asanzwe ari umwe mu bagendesha amakinga asanzwe ndetse afise n’umuryango aha mu gisagara ca Bujumbura, avuga nawe nyene ko ababitura ubu bagabanutse. Aremeza nawe nyene ko barindira kuva mu gatondo gushika ku mugoroba bakabura n’umwe bunguruza. Abandanya avuga ko kugira ashobore kugaburira umuryango wiwe, kenshi usanga arinda kwunganirwa n’abagenzi biwe bakorana. Abo bagendesha amakinga bavuga ko bamara umunsi wose bicaye munsi y’igiti barindiriye ko boronka abo bunguruza.

Abo ku bituro vya Buyenzi na Bwiza baragenda gushika mu Kinama bariko bararondera abo bokwunguruza, ariko bakabura. Basaba Leta ko yobafasha bakaronka ikindi bokora kugira bashobore gutunga imiryango yabo.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.