IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abagendesha amapikipiki baritunganiriza umwuga wabo

Abagendesha amapikipiki baritunganiriza umwuga wabo

vendredi 23 Myandagaro 2013

Abagendesha amapikipiki mu gisagara ca Bujumbura, baraja hamwe mu ntumbero yo baraja hamwe bagatora igituro bararindirirako abaza kubashorera. Aha twotanga akarorero k’igituro kiri kw’ibarabara ryitiriwe Nicolas Mayugi, hafi yahashinguwe incungu z’intwaro rusangi, aho benshi bita kwa Ndadaye.

Kuri ico gituro rero, usanga hari amapikipiki atari make, atonze ku murongo, ndetse zigapakira ku rutonde rw’imwe yose, ntayisubiriza mu gihe haba hari iyindi itara ronka. Desire Bucumi ajejwe gutunganya ico gituro avuga ko, uwuje kuri ico gituro wese yiyemeza gukurikiza amategeko aba ahasanze. Avuga ko ico gikorwa agikora ku bushake bwiwe, kandi ko ushatse ashobora ku muha nk’amafaranga amajana abiri canke amajana atanu. Ayo ayahabwa n’uwushatse, iyo ashimishijwe n’igikorwa aba yakoze. Avuga ko ari umunywanyi w’’ishirahamwe AMOTABU, ariko ko adahemberwa ico gikorwa arangura.

Abagendesha amapikipiki bavuga ko bashimishwa n’ico gikorwa ndetse n’itunganywa ry’ico gituro. Bavuga ko bataravye imigisha ya bamwe bamwe, mubo baba bari kumwe aho kuri ico gituro, baronka amafaranga asa n’ayamgana, kuko atawupakira adashikiriwe, ikindi naco, ni ukwo hagize uwuhamagarwa n’uwusanzwe amushorera ngo aje kumwunguruza, aho atangorane, ariko agarutse aca ashika atonda inyuma y’abandi.

Abo bakorera kuri ico gituro rero bakaba bavuga ko baronka amafaranga menshi kuruta abatagira igituro, bamwe usanga baguma bazunguruka barondera uwobunguruza. Muri ico gihe, ugasanga igitoro kihaherera, mu gihe aba ariko arazunguruka umwanya muremure atararonka uwo atwara.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.