Accueil > Amakuru > u Burundi > Abagenywe muri sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro barahiye imbere (...)
Abagenywe muri sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro barahiye imbere y’umukuru w’igihugu
lundi 5 Rusama 2014
Abagize sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro bahinduwe, hashirwamwo babiri bashasha basubirira abandi bahahora. Abo bagenwe barahiye imbere y’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kuri uwu wa mbere, biyemeza kwubahiriza amasezerano y’ubumwe bwa Afrika n’ibwirizwa shingiro.
Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro yahoramwo abacamanza indwi bagizwe na bane ntayegayezwa, hamwe n’abandi batatu. Abagize iyo sentare barahinduwe hashirwamwo babiri bashasha. Nimpagaritse Sylvère yagenwe mu kibanza c’icegera c’umukuru wa sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro, asubirira Kiyago Générose yahora muri ayo mabanga. Karenzo Claudine nawe yagenwe kuba ntayegayezwa mu bagize sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro (Membre Permanent), asubirira Amani Jean Pierre.
- Nimpagaritse Sylvère yagenwe mu kibanza c’icegera c’umukuru wa sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro
Abo bagenwe barahiye imbere y’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kuri uwu wa mbere. Bafashe ibendera ry’igihugu c’Uburundi n’iry’ubumwe bw’abarundi, bompi biyemeje kwubahiriza ibwirizwa shingiro n’ukuzorangura imirimo bashinzwe mu bwigenge.
- Karenzo Claudine yagenwe kuba ntayegayezwa mu bagize sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro (Membre Permanent)
Mwomenya ko sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro igizwe n’abacamanza indwi, muribo hakaba harimwo umukuru wayo, icegera ciwe, muri abo bose indwi, batanu muribo bakaba ari ntayegayezwa (Membres permanents)



Egide Nduwimana
Messages
5 Rusama 2014, 14:39, par Vyanwa
Yuyuuu izininkinamico nkizindi tumenyereye rekatura be iyobija
5 Rusama 2014, 15:13, par Ntaco ntemanga
Aho rero umukuru wigihugu ntaranyugwa ko hageze ko tumusezerera?niyemange ace atubwira uwuzomusubirira muri dd!kandi azeruke nimba yaracizeye!kandi acambwiramwo umwe hagati ya:RUFYIKIRI,NTAVYOHANYUMA NA NYABENDA!
5 Rusama 2014, 15:43, par birahinduka
IVYO NI IBIKANGA-NYONI NTA MUCAMANZA AZOKWIGERA AKORA YIDEGEMVYA DD IKIRI KU BUTEGETSI BW’AGACINYIZO.
25 Munyonyo 2016, 21:47, par Maths
Bazokora Gushika Ryari?