IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abantu indwi bafashwe bagirizwa urudandazwa rw’Abarundikazi

Abantu indwi bafashwe bagirizwa urudandazwa rw’Abarundikazi

lundi 20 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Amatohoza yakozwe n’igiporisi c’Uburundi ku bijanye n’urudandazwa rw’abantu yerekanye abigeme n’abakenyezi 267 aribo bamaze kujanywa hanze biciye mu nzira z’urudandazwa rw’abantu. Abantu indwi bagirizwa urwo rudandazwa bakaba bari mu minwe y’igiporisi.

Igiporisi c’Uburundi cerekanye kuri uwu w’Imana bamwe mu bagirizwa urwo rudandazwa, kiranashira ahabona amashirahamwe yo mu Burundi n’ayo hanze akorera hamwe muri urwo rudandazwa.

Nk’uko vyashikirijwe na OP1 Pierre NKURIKIYE umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, inyuma y’ayo matohoza hafashwe abantu indwi bagizwe n’Abarundi batatu hamwe n’abanya Kenya bane, hamwe n’amashirahamwe 11 akora urwo rudandazwa. Muri ayo mashirahamwe, ane akaba ari ayo mu Burundi, ane yo muri Arabie Saoudite, amashirahamwe abiri yo muri Oman hamwe n’ishirahamwe rimwe ryo muri Kenya.

JPEG - 95.5 ko
OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Uwo avugira igiporisi ashikiriza ko ayo mashirahamwe amaze kujana hanze abakenyezi n’abigeme bagera ku 267, kuva mu kwezi kwa kane gushika itariki cumi n’imwe z’ukwezi kwa gatandatu.

Mu mashirahamwe akorera mu Burundi, iryitwa, Royal Services rirongowe n’uwitwa NIYONKURU Ali, niryo biboneka ko ryarungitse hanze y’igihugu abigeme n’abakenyezi b’Abarundikazi benshi, nk’uko amakuru atangwa n’igiporisi abishikiriza. Mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bakaba bavuga ko iryo shirahamwe ritemewe n’amategeko.

Umuvugizi w’igiporisi akamenyesha ko amatohoza abandanya, akavuga kandi ko abafashwe bafatanwe impapuro z’inzira zigera kuri 19 z’abandi bigeme bagira barungike, kenshi bakaba badakwije imyaka yo gushobora kurungikwa hanze, OP1 Pierre NKURIKIYE akavuga ko abo bigeme barondererwa ivyangombwa vya magendu vyerekana ko bakwije iyo myaka.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.