Accueil > Amakuru > u Burundi > Abagize umugwi w’igihugu ujejwe ukuri n’ugusubiza hamwe bamenyekanye
Abagize umugwi w’igihugu ujejwe ukuri n’ugusubiza hamwe bamenyekanye
mercredi 3 Kigarama 2014
Inyuma y’umwidondoro ya bamwe mirongo itatu na batatu batogwa n’umugwi wari ujejwe gusesangura amadosiye y’abari basavye kuja muri uwo mugwi, abashingamateka baciye batoramwo cumi n’umwe (11). Imbere y’uko batora, umushingamateka w’umutwa Alfred Ahingejeje, yari yamaze gusokora idosiye yiwe.
Abatowe kuja mu mugwi wo kumenya ukuri n’ugusubiza hamwe (CVR) akaba ari : Umushingamateka Liberate Nicayenzi, yatowe ku majwi 84 kuri 88 y’abari bitavye mu mana y’amakoraniro yo mu Kigobe, Munseyeri Bernard Ntahoturi ku majwi 83, Musenyeri Jean Louis Nahimana ku majwi 83, umushikiranganji Clotilde Niragira ku majwi 82, Sheikh Ali Shabani ku majwi 82, Musenyeri Antoine Pierre Madaraga ku majwi 81, Musenyeri Onesphore Nzigo ku majwi 80, umushingamateka Didace Kiganahe ku majwi 79, Pascasie Nkinahamira ku majwi 77, Patiri Désiré Yamuremye ku majwi 77, hamwe na Clotilde Bizimana ku majwi 76.

- Musenyeri Jean Louis Nahimana
Alida Sabiteka
Messages
4 Kigarama 2014, 07:58, par bumwe
Jewe nk,umukristu wo mukatolika ndumva ko abo bihebeye Imana batoja muriyo mirwi kuko bashitseyo baradutirimutsa bidasanzwe ivyo bakora usanga bitabonwa kumwe nabose akarorero kahafi nabari muma CECI na CEPI imvugo zabo zidatandukanye n,imvugo yareta.Ntibibagire igikorwa Yezu yabahaye.murakoze
4 Kigarama 2014, 09:51, par rashaad
Ntivyiza harko ntibahenkamiye uruhande tarabazi abihebeyi imana basa nkabashaka kuja mubyapotitike
4 Kigarama 2014, 10:45, par pasteur
Abobakozi b,imana basubiri mugitabo c,imana cera, bazirikane kumajambo intumwa Paulo yandikiye abaromani, mugice 12:1-3, ikindi cokuzirikana gikwiye kumenywa nawariwe wese, ntamuntu azwikwizina ryumukozi w,imana yasizwe ashobora guhabwa igikogwa kinyuranye nicimana yabashiriyeho. abaheburayo 5:1-3, nimba naho uwomugwi aruwo gusabirimbabazi nugusubiza hamwe vyonyene ntibari kubavanga nabobandi ! nukuvuga abobandi basanzwe arabakozi b,imana. ikindi nsaba nuko bobahereza akaryo kokutumenyesha umwumwe uko azorangura ayomabanga, nindahiro bazebazishireko.
4 Kigarama 2014, 15:00, par ntakirutimana jeanine
jewe ndanezerewe cane kubera haje abakijijwe ngira nibo batahengama;turindiranye igishika ibizobavamwo
4 Kigarama 2014, 20:18, par Siraa
Basha reka twizere muga ntibabemerere ama etage bace bahengama ,,inda ntiraba agakiza ahubwo abagutse nabakorera Imana ugiye kubiraba nibo bapanutse amada ..........ntacizere dufise