IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abahembwa umushahara uri hejuru ya 150 000 y’amarundi bazoriha (...)

Abahembwa umushahara uri hejuru ya 150 000 y’amarundi bazoriha ikori

mercredi 2 Nzero 2013

Umushikiranganji w’ikigega ca reta yamenyesheje ko abahembwa umushahara uri hejuru y’ibihumbi ijana na mirongo itanu mu mafaranga y’amarundi bazotanga ikori.

Abakozi bahembwa umushahara uri hejuru y’amafaranga ibihumbi ijana na mirongo itanu ushizeko n’utundi turusho bazoriha ikori bafatiye kw’itegeko rishasha rigenga amakori ritaratorwa ngo ryongere ryemezwe.

Ivyo bikaba vyamenyeshejwe n’umushiranganji w’ikigege ca reta Tabu Abdallah Manirakiza,aho yamenyesheje ko abakozi bahembwa amafaranga ava ku bihumbi ijana na mirongo itanu gushika ku bihumbi amajana atatu bazoriha ikori ringana n’ibice mirongo ibiri kw’ijana vy’amafaranga arenga kuri ayo ibihumbi ijana na mirongo itanu.

Nayo kubahembwa amafaranga arenga ibihumbi amajana atatu bakaba bazoriha amakori angana n’ibice mirongo itatu kw’ijana.Ku bijanye n’ibisata biriko biriga imishahara yakuno kwezi kwa mbere,umushikiranganji yamenyeshejeko mu gihe itegeko rishasha ritaremezwa bazoba barakorera ku ryari rihasanzwe.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.