IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abahora mu gisirikare batera akamo INSS ko yokwitaho ineza y’abanywanyi

Abahora mu gisirikare batera akamo INSS ko yokwitaho ineza y’abanywanyi

mercredi 11 Nyakanga 2013

Ishirahamwe rihurikiyemwo abahora mu gisirikare no mu gipolisi n’imiryango yabo ( AMINA : Amicale des Militaires en Non Activité) ririyamiriza isohorwa ryihutirwa na INSS ry’amafaranga menshi cane yoba ashika imiliyaridi zitandatu z’amafaranga y’amarundi yo gutanguza ihinguriro ry’ibinyobwa vy’umutobe « AMANDA Drinks ». Ivyo bakabivuga kuko bitajanye n’amategeko ngenderwako ya INSS.

INSS ( Institut National pour la Sécurité Sociale) ni ishirahamwe ritegekaniriza kazoza abakozi. Mu gihe bivugwa ko INSS yoba yaratanze umutahe woba ungana n’imiliyaridi zitandatu zo gutanguza ibikorwa vy’ishirahamwe « AMANDA Drinks », abakukuruke bahora ari abasirikare, abapolisi n’imiryango yabo bamirira kure urwo rudandazwa INSS ishaka kwinjiramwo kuko rurimwo impanuka nyinshi cane.

Karori Katihabwa, umukuru w’iryo shirahamwe ry’abakukuruke « AMINA », mw’itangazo yashize ahabona ku munsi w’ejo amenyesha ko INSS isohoye amafaranga muri ubwo buryo ari uguhuhura ivyari bisanzwe bihuhutse aravye ubuzima abakukurutse, impfuvyi, abapfakazi n’ibimuga barimwo, atibagiye n’abagikora basanzwe ari abanywanyi ba INSS.

JPEG - 34.3 ko
Karori Katihabwa, umukuru w’ishirahamwe ry’abakukuruke " AMINA "

Muri iryo tangazo, ishirahamwe AMINA ririyamiriza uwo mugambi kuko bavuga ko unyuranye na kazoza keza k’abaterera muri INSS, na cane cane ko abanywanyi ba INSS batagishijwe inama. Batera akamo abakozi baterera muri INSS basabe ko uwo mugambi utoshirwa mu ngiro.

Barangiza basaba umushikiranganji ajejwe abahora mu gisirikare ko yova mu gacerere, abaremeshe kandi ayage n’abo bakukurike bose bahora ari abasirikare ku bibazo bafise. Abarongoye INSS nabo bibuke ko iryo shirahamwe rigizwe ahanini n’amafaranga ava mu ntererano y’abanywanyi.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.