Accueil > Amakuru > u Burundi > Abahoze ari abategetsi basaba Reta gufata ingingo zotuma haba amatora (...)
Abahoze ari abategetsi basaba Reta gufata ingingo zotuma haba amatora yemewe
vendredi 10 Mukakaro 2015
Abahoze ari abategetsi bakomeye kw’isi, batera akamo Reta y’Uburundi gufata ingingo zikomeye, kugira amatora y’umukuru w’igihugu yimirije abe amatora yemewe kandi yubahiriza ibisabwa hisunzwe amasezerano yo mu karere ka Afrika, ku bijanye n’amatora arangwa n’intwaro rusangi n’ubuyobozi bwiza.
Koffi Annan, arongoye abo bahoze ari abategetsi bakomeye akaba yigeze kuba umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, yamenyesheje ko amatora yitabwe na bose kandi abaye ku mugaragaro ashobora kuzana umutekano mu gihugu.

Kubwa Koffi Annan,ivyo bitabaye, ayo matora azotuma ibintu bimera nabi gusumba, aho gutorera inyishu ibibazo vya politike biri mu Burundi. Avuga ko ayo matora ntazotuma abayatsinze bemerwa,bikaba bitazofasha gutorera inyishu ibibazo bikomeye bigeramiye igihugu.
Abo bahoze ari abategetsi bakomeye bavuga ko uburyo amatora azoba yabayemwo, bizoba bihambaye kugira agende neza.Bamenyesha ko kubera izo mvo, italiki y’amatora yotegerezwa gushirwaho biciye mu mwumvikano hagati y’impande zose.
Kugira ibikenewe bishirweho,abo bahoze ari abategetsi basaba ko ibiganiro hagati y’abanyapolitike vyosubira kubandanya, abapfungiwe ivya politike bakarekurwa, ibinyamakuru bigasubira gukora mu mwidegemvyo, urwaruka rwahawe ibirwanisho rukavyakwa.
Kubw’abo bahoze ari abategetsi,Imigambwe yose ya politike itegerezwa kurekurirwa kwiyamamaza ata gutegwa ubwoba, abakwirikirana amatora bo mu mahanga bakarekurirwa kuja aho hose bipfuza kuja ata ntambamyi.
Uwo murwi w’abahoze ari abategetsi washiznwe na Nelson Mandela mu mwaka w’2007,ugizwe na Marti Ahtisaari, Kofi Annan, Ela Bhatt, Lakhdar Brahimi, Gro Harlem Bruntland, Fernando Henrique Cardoso, Jimmy Carter, Hina Jilani, Graca Machel, Mary Robinson na Ernesto Zedillo.
Messages
10 Mukakaro 2015, 07:53, par Sawa
Ivyo Nivyo Bivugira Gusa,amatora Mabi Niyo Yama Ashirwa Imbere Ntihagire Ikivugwa.Ahubwo Abo Bategetsi Nibagire Ico Bavuze Kuri Candidature Yahonyanze Amategeko.Uburundi Umengo Ntiburi Kurino Si?Nkeka Turi Mu Kuzimu.Twarambiwe N’akajagari Kaharangwa.
10 Mukakaro 2015, 09:02, par kelly
Mwavuga mwareka amator ategerezwa kuba guko amator niyabaruni siyabanyamahanga arya maher mwahay pacific ayatwar mumigumuko ngo azobah ibitoro na god niyombar ahubwo nibayasubiz idirir isets urasubiz rero vyabananiy
10 Mukakaro 2015, 10:38, par Iribuka
Kelly Imana ikubabarire ivyurimwo nivyuvuga ntubitahura ,umubiri wawe wawe wariyunguruje ariko ubwenge ntacahindutse nagahungu kanje gafise imyaka itatu kavuga ibitumbereye cane urapfuma uza kakunyigishirize kandi kokunyurwisha karabishoboye ,ayomazina yabo bategetsi uzopfa atawe uhanaguriye nibirato ,uzopfa utimotereje naho bahonyoye
10 Mukakaro 2015, 10:42, par NGENDA
MUVYO ABOBANYAMAHANGA BAVUGA VYOSE,BOMENYA KO UBURUNDI ARIGIHUGU CIKUKIYE KANDI GIFISE AMATEGEKO CUBAKIYEKO.NICOGITUMA TWOSABA KO PRESSION ZOBA NKE KUGIHUGU C’UBURUNDI.MBEGA ABANTU BAMBERE BASHOBORA KUVUGA KAMATORA YAGENZE NABI CANKE NEZA S’ABENEGIHUGU? N’ABANYAMAHANGA ? IVYOVYUKO IKIRANGAMISI COKWUMVIKANWAKO NAHO,MBE NIMBA KWUNGURUZA AMATORA VYOTUMA INZEGO ZIHUNGABANA,TWOCA TWEMERA TUKAGIRA KUMATEGEKO Y’ABANYAMAHANGA DUHONYANZE AMATEGEKO Y’UBURUNDI?BAZOZE BARARABA IVYO BASAVYE BATABIKOREYEKO BIBABIFISE IMPAMVU KANDI NDIBAZA NAHOBOKWISHIRA MUKIBANZA C’UBURUNDI NOBONYENE ARIBO NTIBOVYEMERA GUHONYANGA AMATEGEKO Y’IBIHUGU VYABO.
10 Mukakaro 2015, 11:36, par Aone
Mb Basha,ko Aba Na Bariya Bahanura, Bos Boba Banka Uburundi N’abarundi?Mbga Ann Yoba Ari Mubazungu Dusigay Tutemera Ivyo Bahanuy?Agasozi Kintahanurwa Kahiy Abantu Babona.
10 Mukakaro 2015, 11:52, par emma
emma
nyakubahwa kofi anani amatora ategerezwa kuba kuko amatora atabaye nabo barondera ubutegetsi bamukuye kunguvu igihugu ntikizosubira kugira amahoro! kandi mumenyeko abarundi beshi bashigikiye petero nkurunziza,
10 Mukakaro 2015, 13:37, par Bonaventure
Bwana Annan,ntawuhomera Iyiyonka Opposi6o Itaj Mubiganiro Ntawuzobakwega Kunguvu Kandi Amatora Azoba Ntakubahatira Kuvyo Badashaka
10 Mukakaro 2015, 15:47, par OKAY
Ntakintwenza nko kwumva abantu baguma bavuga ngo uburundi n’igihugu cikukiye. Mbega cikukiye unomusi? Canke niho mukibimenya? Kuva igihugu cikukira, imyaka 53 iraheze atanurushinge rukoregwa muburundi. Abo banyamahanga nibo babarisha bakongera bakabambika. Umu president atowe muburundi, umengo aserukiye abarundi kuja gusegereza. amaboko yiwe yamira imbere y’abandi bategetsi. Ariko ubu bari kugerageza kubereka ko muri hagati y’urupfu n’agasho, muca mwigira ba surivu ngo mwarikukiye. Mbega hikukiye abantu 20 gusa ? canke hikukiye igihugu cose. Reka natwe turabe ukwikukira kwanyu aho kubageza hahaha
10 Mukakaro 2015, 20:37, par nd.cy.ruyigi
amatora nabe kugihe cagenye na reta yuburundi.
11 Mukakaro 2015, 06:40, par ndayh
mana ukurundi burageramiwe
11 Mukakaro 2015, 07:28, par NTAZINA YOVUGA
JEWE MBONA ATAKIGENDA KUKO IVYO VYOSE MUVUGA NTIBAVYUMVA ABARI MURI RETA BARADADIKA ABO MURI OPOSITION BAKADADIKA BIRAHERERAHE ABO BASHAKA TRANZITION NTANIBINDI ARIKO BAZE BARONDERANE BONYENE HAMA BAREKE ABANYAGIHUGU NTIBAJE MUMPORERO,
11 Mukakaro 2015, 17:39, par Pie Niyongabo
iyo ngingo yari nziiza cane.
12 Mukakaro 2015, 07:03, par ABDUL
MBE KELLY UBWO UBWENGE BWAWE NTUSIGAYE UBUTAMBUKIRAKO !MBE TWOVUGAKO BUKIRI MUMUTWE CANKE BUGEZE MUBIRENGE?NTA JORO RIDACA KANDI NTA MVURA IDAHITA