Accueil > Amakuru > u Burundi > Abahoze barongoye Uburundi bavuga ko gusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza (...)
Abahoze barongoye Uburundi bavuga ko gusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza kudakurikije ibwirizwa nshingiro
vendredi 15 Rusama 2015
Yohani Batisita Bagaza,Petero Buyoya,Slyvestre Ntibantunganya na Domisiyano Ndayizeye,bose bahoze barongoye Uburundi,bamenyesha ko ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza guciye inyuma y’ibwirizwa nshingiro ry’igihugu,kandi ritubahirije amasezerano ya Arusha.

Mw’ikete bateyeko umukono kuwa mbere igenekerezo rya 11 rusama,ariko ryagiye ahabona ku mirongo ngurukanabumenyi kuri uno wa gatanu,abo bahoze ari abakuru b’igihugu c’Uburundi,bavuga ko haheze amezi abarundi berekana ko bafise amakenga kuri kazoza k’amasezerano y’amahoro no gusubiza hamwe yateweko umukono i Arusha,muri Tanzaniya.
Muri iryo kete,abo bakuru b’ibihugu bamenyesha ko amakenga yiyongereye kuva aho,mu mpera z’umwaka w’2013,umukuru w’igihugu yagerageza guhindura ibwirizwa nshingiro ryo kuwa 18 Ntwarante umwaka w’2005.
Iryo kete rimenyesha kandi ko ingingo ya sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro RCCB 303,yo kuwa 4 rusama umwaka w’2015,yemeza ko gusubira kwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza mu kurongora Uburundi ata nguvu ifise kandi yivuguruza biciye kw’ihunga ry’uwahora ari icegera c’umukuru w’iyo sentare,yavuze ko yagizweko iterabwoba kugira yemeze iyo ngingo.
Kubwabo bahoze barongoye igihugu,ihamagarwa mu myiyerekano ryakozwe n’abari mu murwi Mouvement Arusha,hamwe n’abari mu migambwe canke inani z’imigambwe itavuga rumwe na CNDD-FDD,inyuma yaho uwo mugambwe ushiriye imbere Petero Nkurunziza,ngo azowuserukire mu matora,ivyo bavuga ko biteye kubiri n’ibwirizwa nshingiro,hamwe kandi nuko ingingo ya sentare itaje gutorera inyishu ikibazo kuko abari mu myiyerekano bavuga ko batarota bava mw’ibarabara,Petero Nkurunziza adahagaritse kwitoreza gusubira kurongora Uburundi,ivyo vyose vyerekana ko ingingo ya sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro,yivuguruje.
Abo bahoze barongoye igihugu bavuga ko babajije umutima n’ubwenge,basanga ingingo yo kwitoza ku kiringo ca gatatu k’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza,kudakurikije ibwirizwa nshingiro ku ruhande rumwe ,ku rundi ruhande naho ,iyo ngingo ishobora gutuma ivyazanywe n’amasezerano ya Arusha bizimangana.
Inyuma y’ivyo vyose abahoze barongoye Uburundi basaba abakuru b’ibihugu bigize akarere ka Afrika y’Ubuseruko,gufasha umukuru w’igihugu gufata ingingo izana amahoro,umutekano hamwe no gusubiza hamwe kw’abarundi hamwe no mu karere,kandi bigafasha mw’itunganywa ry’amatora yizewe na bose.
Barangiza bamenyesha ko ivyo bashikirije bishobora gufasha mu gufata ingingo ifasha gutsimbataza amahoro mu Burundi no mu karere.


Van Naris
Messages
15 Rusama 2015, 18:13, par Eric
Nta munye politike numwe abaho,afite inyota yo gutwara yotera amashurwe mugenziwe.mb Buyoya uwo mubaza,barya yakubita coup d’état,bitoza bahonyanze amategeko?Cnk Niw Yari Mukuri?Ntamaramara ahubwo
15 Rusama 2015, 18:13, par Eric
Nta munye politike numwe abaho,afite inyota yo gutwara yotera amashurwe mugenziwe.mb Buyoya uwo mubaza,barya yakubita coup d’état,bitoza bahonyanze amategeko?Cnk Niw Yari Mukuri?Ntamaramara ahubwo
15 Rusama 2015, 19:35, par korakwishaka
twebwe abaru twipfuza icoduhesha amahorogura.kuko ndazi neza dufise umukuru wigihugu aciye ubwenge.twizeye rero ko agiye gufata igingo ituma tudasubira aho twavuye.Rabarero muduhumurizd.
15 Rusama 2015, 19:46
Ahubwo Ndatangaye Kubona Atanisaha Irahera Abantu Twazigamo Ijambo Bakigiruko Sindabatse Icubahiro Cabo Bakoresheje Ubuhimbiri Bw,abungere Ehe Nkabuyoya Ayo Yakoreye Bagaza Kwica Ndadaye Guteramazirantoki Ntibantunganya N,ayandi Mabi Ubwo Yohanura Iki Muratey-isoni Kwandika Amakete Biboneka Ko Mutanezerejwe Nuko Coupd,etat Yanse Menya Abarundi Turamwiyumvamwo Menya Mwebweabaperezida Bane Naho Mwoteranyamajwi Kuri Nkurunziza Ntimworyako Muragomba Mupime Murabe Muratey,isoni
15 Rusama 2015, 20:07, par le13
ntaco umaramaririra kuri Buyoya bavuze kurenga ibwirizwa shingiro mukurenza les mandats
15 Rusama 2015, 22:07, par rra
mwese imbere yo gupfa muribuka kwihana ivyaha mwakoze kuko ubutungane budahengamiswa n’ibiturire canke aka mpingayanje bubarindiriye.
15 Rusama 2015, 22:19, par Mr B.
Jewe nta rwego rwa politique ndimwo. Ariko nashaka kuvuga ibi:
1. Buyoya: wewe uzi iki mu bijanye n’amategeko ko tuzi ko ata mategeko wize? Nta kintu na kimwe ushobora kubwira abarundi ngo bumvirize ko turakuzi bihagije. Ayo wakoreye Bagaza turayazi. Ayo wakoreye Ndadaye turayazi. Canke ushaka twibuke n’ivyo twibagiye? Amarorerwa yo muri Ntega na Marangara aracaturya k’umutima. Mbe Firmin Sinzoyiheba, Edmond Ndakazi, ...bari he?
2. Ntibantumganya; ubu nyene wibagiye ko uwo Buyoya muriko mugirira hamwe inyandiko ari we yatembagaje ubutegetsi bwawe?
Atako aranagutesha icubahiro abantu biwe bagutera amazirantoki?
3.Bagaza: ngira ni ubusaza bwakwibagije ko Buyoya yakwangaje ukamara imyaka n’imyaka usembera mu gahinga kandi wari nyenicubahiro. Iyo utahabona iyo ntwaro nshasha n’ubu sinzi ko uba urasubira guhonyora k’ubutaka bw’uburundi. Mbe burya ni nde yari yaguhenze ngo wugaze amasengero ya katolika? Uca uja narwo nk’ikiburabwenge, unanirwa no guhanuza?
4.Domitien: Wewe uwokubaza iyo wakuye arya mahera wubatsemwo ikizu kingana kuriya, aho utagirira n’isoni uca ugitereka iruhande ya Presidence, wohatubwira? Muri kirya gihe gito wari umaze k’ubutegetsi, birya vyose wakoze vyavuye mu mushahara wawe?
Muceceke ntimuzosubire no guta umwanya wanyu. Ntaco mufise mwobwira uburundi. Bamwe muri mebwe mushimire n’Imana kubona tutarabicarira neza ngo tubashire imbere y’ubutungane, musigurire uburundi n’amakungu amabi mwakoreye bene Burundi. Inyandiko z’abantu nkamwe, zifise agaciro ZERO muri politike y’uburundi bwa none.
15 Rusama 2015, 22:29, par Jean Claude NDIKUMANA
Ntibitangaje kuko Buyoya nta kindi yorota. Mbabajwe n’ivyo bigabo bindi bipfa kwiruka bitazi iyo bija. Nta soni?
Uko Buyoya abahenda, niko tubona ko ata jambo ryanyu. Nyakubahwa Domitien, nagukunda mugabo utanguye kuja hamwe na Buyoya, nca mbona ko nawe uzoduhemukira. Uraza ndagusubize Ikarata yawe!
15 Rusama 2015, 23:09, par bucumi
Aba banditse iyi baruwa le 11 bateganya ko coup etat izaba muminsi 2 ikulikira !!!
Ngirango nabo ubu balibaza icyo bayandikiye ,ahubwo bagaza abazwe abahutu yishe we na buyoya na Ndadaye abishi be baboneke ..
16 Rusama 2015, 01:28, par Rv
Erega Pita womengo ntamatwi afise, isiyose yaramuhanuye, abatwaye imbereyiwe cokimwe nabandi barundi ntibahengechanya kumubwira, ugutwi kwimpene kwumva kwokejwe.
16 Rusama 2015, 01:38, par buzokira b nkurunziza
IVYO VYEREKANA KUBAZI UMBENGE IBINTU BIBIRI UBWAMBERE NICEMEZA KO ATAMACAKUBIRI AKIBAHO MUBURUNDI.ICAKABIRI KO NKURUNZIZA YITOJE KUNGUVU UBURUNDI BUZOBA BUSUBIYE MUNRWANO BUSUBIYE INYUMA NKIBIRENGE.NB:ABABASHINGANTAHE TWUMVIRIZE IMPANURO BATANZE TUTARAVYE UMWE WESE ICO YAMAZE KUKO KANANIRABAGABO NTIYIMYE.IKIBAZO.HOBA HARABAYE INTAGONDWA MUBURUNDI KURUSHA BUYOYA?ARIKO YARAGONDOZWE NANKURU NTAZONANIRANA.DUSENGE VYOSE BIRASHOBOKA.VYANKU MUNGUMU BIKAJA MUMIGERE.ABANYAGIHUGU SUTUNTU TURIKURISHI NIBENSHI.NUTWARIKURUSHI TWARAGIZE IJAMBO.NKURU NIYISUBIREKO.
16 Rusama 2015, 05:16, par ERICO
Ivyo bigabo ni bive ibuzimu baje i buntu!
16 Rusama 2015, 08:47, par mahoro
Mariage ya Buyoya n’ivyo bigwarudubi bibona kumano gusa.
1972 umwaka wadusigiye amasomo menshi
2015 mesamesa\mujeri
16 Rusama 2015, 08:53, par VITAL
MURARUSHWA N’UBUSA MBE KURUNZIZA N’UMWANA? NSUBIZA
16 Rusama 2015, 12:35, par kirokira
ni 2015 uzogusigira ayandi masomo nimba ufise ivyiyumviro vyo kumesa abantu. hama uwicishij inkota azokwicishwa inkota, uwumesa abantu azomeswa. uwibaza ko peter atari umwana, na farawo ntiyari umwana. ariko yaratangay. va ibuzimu uje i buntu, ivyo vyiyumviro vy’ubwicanyi vyararengany.
16 Rusama 2015, 14:13, par Manu
Nkurunzinza narekekubeshya nibagihe cyarangiye nafashe hasi bible. Afungenurusengerorwiwe. abarundimusigayemuribyicanyi rukurwa sha inkonikubise mukeba uyirenza urugo. ntagomurusha ubutwali bya bikoko bya habyarimana. ububana banzinya byasizebarikugorerwa mwishyamba ryazäire. Amasomo ya politiki mugomba kuyacamo, nukomwivuze ngo nikijuju cyumurundi nikinyepolitiki ndabona igenda ibakamana. haaaaaaaaaaaaaaaaaa
16 Rusama 2015, 14:31, par simvura dj
NIVYIZA KO ABAHOZE ARI ABAKURU BIBIHUGU BAJA HAMWE BAGASHIKIRIZA IVYIPFUZO VYABO KURI LETA YA PRESIDENT ACTUEL.ARIKO NUKO BIBAGIYE KUVUGA IVYABARANZE KUGIRA ABARUNDI TUMENYE ICO BAMARIYE IGIHUGU IMBERE YO KUGAYE IVYA PRESIDENT ACTUEL!BARYA BAFASHWE BAGOMVYE GUTEMBAGAZA UBUTEGETSI UBU BABA BARIHE,IYO BIBA KUNTWARO ZABO BAHOZE BARONGOYE UBURUNDI?CANE CANE EX-PRESIDENT BUYOYA YONYISHURA.IBISIGAYE REKE AMAJAMBO TUBISHIRE MU MATORA YIMIRIJE,UWAKOZE NEZA BAMUSHIMIRE UWAKOZE NABI NAWE BAMUGAYIRE HANYUMA IMANA ISHISHIKARE IHANGAZA ABARUNDI NABABUKUNDA BOSE,IMANA IKORE IKIBEREYE KURI PRESIDENT ACTUEL.NTIMUKIGINE INSTINZI INTAMBARA ITARAHERA.
MURAKOZE.
16 Rusama 2015, 15:27, par NTUNGIYABANDI Evariste
Gusubira kwitoza kwa Petero NKURUNZIZA ku kiringo ca 2015-2020 birubahirije ibwirizwa nshingiro mugabo ntivyubahirije amasezerano y’i Arusha. Kugira avyubahirize vyose, yoheba gusubira kwitoza.
16 Rusama 2015, 15:47, par Ezeniyu
Non
Bigendagute,ahumuntu,yicamatwi,ntiyumve,abamuhanura,erega,burya,turakwiyekumenyako,umuntu,afise,ubuzimankuwundi,abobapfa,bobntibfise,ubuzimankabobabica,uwishinkota,nawe,azokwicwaniki?Ibisigayentimumbaze,ruriyabandi,`,ntamukuruwi,,,,,,,,,,,,,
16 Rusama 2015, 15:48, par Ezeniyu
Non
Bigendagute,ahumuntu,yicamatwi,ntiyumve,abamuhanura,erega,burya,turakwiyekumenyako,umuntu,afise,ubuzimankuwundi,abobapfa,bobntibfise,ubuzimankabobabica,uwishinkota,nawe,azokwicwaniki?Ibisigayentimumbaze,ruriyabandi,`,ntamukuruwi,,,,,,,,,,,,,
16 Rusama 2015, 16:30, par pascal
nimupfe kuruta ariko mbona nkurumbi arikigaba.ntakimbabaza nkiyombonye acishije imana mukanwa kiwe.atariko arasonera ibiremwa vyayamana aguma avumereza.
16 Rusama 2015, 16:33, par Alexis
Abo bompi intwaro zabo turazizi nabahende buyoya muri 96 ko uwo mugwi batawugize.
16 Rusama 2015, 17:09, par mutabazi
Abo nabo harimo inkoramaraso nka Buyoya na Bagaza. Nizere ko Nkurunziza abafatira ibyemezo bakarya ubusa bakumva ko inzara iryoha. Bagaza we aho yari ageze ari Ntahonikora none yibagiwe. Umurengwe wica nk’inzara
16 Rusama 2015, 17:57, par jean pierre
Abo bose turabazi baradutwaye twarabonye imigambi yabo. Mbega ko amakori yose ashingwa n-ibwirizwa hamwe n-ibwirizwa shingiro mu ngingo ya 159( domaine de la loi). Buyoya amahera yatoje ya effort de guerre mu ma quartier y’abahutu yari yisunze irihe bwirizwa?? Uwo nahore ntasubire kuvuga n’inzego yahiritse n’abahutu baturiwe arorera. Abatutsi ntibibaze ko abahutu turi ibijuju kandi urubanza rwa ndadaye incungu ya democratie ntirwaboze!!! Ivyari imagera vyarageruye kandi amase ya kera ntagihoma urutaro.
16 Rusama 2015, 19:29, par Minani evariste
Ntibitangaje kuko abo bamwe muribo ivyo bakoze turabizi nubu baracafise akarigangamuhogo ko gusenyura inzego zitorewe nabenegihugu,aho rero ntagishasha ko bovuga benayo majambo yuzuyemwo agasuzuguro,ariko bararabe neza kuko abarundi turabona kandi turumva nibagume hamwe namba bashaka gutwara baje mumatora hama urutaro rugosore ibihumbwa hasigare imbuto ikomeye irimwo intungamubiri zose numunezero kubarumdi kandi bamwe murabo bagabo bane aho batugejeje turahazi.
16 Rusama 2015, 19:55, par Metode
Muradutuga None Abayituriyi Ntanigihano Mwobamwarabahaye
17 Rusama 2015, 08:56, par Minori
Abarundi dukwiye gukerebuka kuko akesnhi, iyoturonse umuperezida, wogirango hariho akantu gasosera gatuma batava kubutegetsi! Ivy’ukwibaza:
1.twoba dutora abaperezida batazi imyuga kuburyo baramutse bava kubugetsi bokwicwa n’inzara?
17 Rusama 2015, 09:02, par pascal
abo nabashingantahe bijambo.nukuri nivyo cndd fdd iriko yiba nabo babirondeye.canke warigeze wumva bahanugwa bakanka??iyo BUYOYA yanka muba muraho muri?!!!iconzico kananira bagabo ntiyimye.ubunaho mugeze kuntambwe yukwikubita coûd-etas kugira mubishire kubo mutavuga rumwe!!!murakomey kubukozi bwikibi ariko iciza kizotsinda ikibi.
17 Rusama 2015, 12:06, par Rutembere
Ni muve ibuzimu muje ibuntu.Ariko abahutu tuzoca ubwenge ryari? Mbega iyo Democratie twiwaza kombona Abahutu aribo tuharwa ! Utwo Dututsi turi kurushi Kandi ubu dusigaye twaramaze kwivanga.Mukurikije "Statistique" nkogushika 2050 hazoba hari ibivange gusa atagatutsi "pur"kagihari .None ntimubona ukwonona igihugu kwa Nkurunziza naba DD arimwo ko abamererwa nabi ari Abahutu. Turabe imbere tureke gukwega ibirenge twitwaza abatutsi mwa Bijuju.
17 Rusama 2015, 14:23, par ntwari
Em wa bahut m wibagiye ningoga Ntiba Uri bagiye yama vyi wategwanabuyoya
17 Rusama 2015, 19:46, par jonas
mbegabazehe! ubu mwongeye kugikumbura? mbega buyoya nawe mugutembagaza ubutetsi waza wubahiriza ibwirizwa nshingiro? nisawa? abarundi nitwe twaritoye kandi nitwe tuzomutora. reka basha reka. nitwe tubigira tukabigirura. mwihangane batama bacu iki-kiringo kizohera mwadegey n’ubusaza. abasore ninkumi tukijeko twebwe tugezweho.
18 Rusama 2015, 06:02, par Nicaise
Ico niyumvira nuko Nkurunziza yoreka guhonyanga amasezerano ya Arusha kuko arazi inzira vyaciyemwo kugira tuyashikeko. Niyumvire impanuro zabagenziwe bahoze barongoye uburundi kuko kananirabagabo ntiyimye!
18 Rusama 2015, 09:26, par Manisha alain
Nimwivugire basha mwarahaze amahera yigihugu domisiya yatumye ntubakinzu buyoya yatumye ntarongora petero yatumye ndonka amahoro nkakira abo bamenja
18 Rusama 2015, 10:18, par jeanpierre
igihugunic Imana sicumuntuntanumwazokoribinezezumuntu
18 Rusama 2015, 14:48, par viateur
Erega ntaniyindi nama yarikenewe kuko abo bahoze barongoy iki gihugu cacu yarakwiye kubuvira kuko baramukurira. Ahaa nawe mbona yananye ashako amaraso yinzirakarengane yongera guseseka ariko azobibazwa
19 Rusama 2015, 22:30, par Nestor Nsavyumukama
Imana niyo mushoboravyose,twizere izina ryayo niyo yokwizerwa!
20 Rusama 2015, 15:22, par pipppen
Komera muravuze ijambo mureke abo bahagaze kunyungu zabo ngo mwivye canke nti mwatwaye neza ahubwo murabagabo kubona mwatwaye mubihe bitoroshe ari imigwi ihungabanya umutekano!!!ntaco mukwiye kubazwa ivyerekeye amahoro,umutekanomu burundi uno munsi kuko ivyo mwakoze biramaze mwaratanze ibishoboka vyose kugira abahoze bagwana kuhagarika intambara twubake igihugu so Mr kurunziza niwe watwaye mugihe ciza ata vurugu zimubuza gushikana igihugu heza ariko ubu turi buri amabrgo wobaza aba bahoze batwara igihugu gute kandi uwahoze agwana niwe agejeje igihugu habi ata migwi igwana ivugwa@manisha alain...mureke imvugo ziturira igihugu vuga ukuri naho woba uronka ibice 2/100 bivuye muri reta kubera benshi nibo bazira ubusa
22 Rusama 2015, 07:50, par NDIKUMANA
NYAKWUBAHWA//PETERONKURUNZIZANAREKEKWITOZAKWUKOYITOJEYODUKWEGERAMUNTAMBARANTARENGEKWIBWIRIZWASHINGIRO.IBINTU,AFISEBIRAKWIYE
25 Rusama 2015, 08:01, par anselmo song
non au 3eme mendat kubarongora uburundi iki gihe n’abazoburongora mu myaka iri imbere
5 Myandagaro 2015, 13:27, par jamari
nukuri
nyakubahwa petero nkurunziza nibamureke arongore uburundi turacamukeneye
8 Ndamukiza 2017, 20:52, par LEONIDAS
ICO MVUGANUKO ABANA BATO BIGA CKAVUGWA BAKIBARUKA K’UBUNTU