Accueil > Amakuru > u Burundi > Abahuye n’imvura i Nyaruhongoke na Kajejete basaba gufashwa
Abahuye n’imvura i Nyaruhongoke na Kajejete basaba gufashwa
mardi 31 Ntwarante 2015
Abantu icumi nibo bamaze kumenyekana ko bahitanywe n’imvura ivanze umuyaga mwinshi, 14 ntawuzi irengero ryabo, nayo amazu 600 akaba yarabomotse kubera imvura yaguye mu makomine ya Muhuta na Bugarama, intara za Bujumbura na Rumonge.

Iyo mvura ikaba yahitanye ibintu n’abantu, aho n’ibarabara rya Bujumbura Rumonge guhita ari ingorane muri iki gihe. Imiduga, abasirikare n’abaporisi bakaba bariko barakora ibishoboka vyose kugira iryo barabara riziburwe. Abanyagihugu bahuye n’iyo mvura, bakavuga ko bataye barahunga; igihe iyo mvura yariko iragwa, bakabona amabuye akoroka nk’imvura ava mu misozi ihanamiye ibarabara rya Bujumbura-Rumonge. Kugeza ubu, abo banyagihugu akaba ataco bafise, mu gihe n’amazu yabo yasenyuwe n’iyo mvura; tutibagiye amashure 14, ishengero Eglise Méthodiste n’ibindi.

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ari kumwe na bamwe mu bashikiranganji akaba yishikiye aho habereye iryo bara kuri uyu wa 30 Ntwarante. Mw’ijambo ryiwe, umukuru w’igihugu akaba yasavye inzego zibijejwe kugira urutonde rw’ivyahononokariye aho mu Kajejeti ku misozi ya Mubone, Rutunga na Nyaruhongoka, kugira bashobore gufashwa.








Aristide Nizigire
Messages
31 Ntwarante 2015, 19:43, par Nawanka Joni
mberenambere mbanje kushimira nyakubahwa papawacu kizigenza sebarundi imanaimuzigame amen mbonako bokwihutira kumenyesha ababijejwe kureba ivyononekaye bafashwe kukobaragowe hama sebarundi aragahorakungoma imana imuzigame muvyiwe nabiwe
1er Ndamukiza 2015, 22:20, par félix hatungimana
NONE IBIKORWA BIGEZEHE? UBU IMIDUGA,IRARENGANA?