IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abahuye n’ivyago vy’imvura bakeneye imiriyoni 41 z’amadorare y’Amerika

Abahuye n’ivyago vy’imvura bakeneye imiriyoni 41 z’amadorare y’Amerika

mardi 3 Ruheshi 2014

Igihugu c’Uburundi gikeneye amafranga angana n’imiriyoni mirongo ine n’imwe z’amadorari y’abanyamerika, kugira gishobore gufasha abahuye n’ivyago muri wa myuzurira.

Umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe gukinga impanuka n’ivyago (plateforme nationale pour la prévention des risques et de gestion des catastrophes), Edouard Nibigira, mu nama yagiranye n’abasanzwe bafasha Uburundi yamenyesheje ko amafranga angana imiriyoni mirongo ine n’imwe z’amadorare y’abanyamerika, ari yo akenewe, ari nayo mpamvu Uburundi bwasavye ko abasanzwe babufasha boterera agacumu k’ubumwe kugira bashobore gufasha abo bahuye n’ivyo vyago.

Tubamenyeshe ko bamwe muri abo basanzwe bafasha Uburundi, bemeye gusohora amafaranga, mu gihe hokorwa ikarata yerekana ibibanza kizira kwubakamwo, kugira ntibashire uburyo bwabo mu bice bishobora guhura n’ingorane.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.