Abajejwe umutekano bavuga ko ataribo bahagaritse umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA

Yanditswe na IGIHE
Kuya 26 Mukakaro 2016 saa 04:53
Yasomwe : 43506
0 0

Mu gihe kuva kuri uwu wa gatanu atawuzi irengero ry’umumenyeshamakuru w’ikinyamakuru IWACU, Jean BIGIRIMANA, bikavugwa ko yafashwe n’abakozi b’igendereza, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, OP1 Pierre NKURIKIYE amenyesha ko uwo mumenyeshamakuru atahagaritswe n’inzego zijejwe umutekano. Uwo avugira igiporisi c’Uburundi asaba umuryango wiwe ko wokorana n’igiporisi mu matohoza.
Jean BIGIRIMANA, umumenyeshamakuru yahora akorera insamirizi REMA FM, akaba yari asigaye akorera ikinyamakuru IWACU, (...)

Mu gihe kuva kuri uwu wa gatanu atawuzi irengero ry’umumenyeshamakuru w’ikinyamakuru IWACU, Jean BIGIRIMANA, bikavugwa ko yafashwe n’abakozi b’igendereza, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, OP1 Pierre NKURIKIYE amenyesha ko uwo mumenyeshamakuru atahagaritswe n’inzego zijejwe umutekano. Uwo avugira igiporisi c’Uburundi asaba umuryango wiwe ko wokorana n’igiporisi mu matohoza.

Jean BIGIRIMANA, umumenyeshamakuru yahora akorera insamirizi REMA FM, akaba yari asigaye akorera ikinyamakuru IWACU, yahagaritswe ku muhingamo wo kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 22 Mukakaro 2016. Uwatanze amakuru ku muryango wiwe yavuze ko yafashwe n’abakozi b’igendereza.

JPEG - 128 ko
Jean BIGIRIMANA akorera ikinyamakuru IWACU ntawuzi irengero ryiwe

Uwo mumenyeshamakuru yavuye muhira nk’igihe c’isaha umunani agiye i Bugarama mu ntara ya Muramvya, mu nyuma nk’igihe c’isaha cumi na zibiri z’umugoroba, umuryango wiwe ukaba wahamagawe kuri terefone n’umuntu utamenye, uwo muntu abwira Godeberte Hakizimana, umupfasoni wa Jean BIGIRIMANA, ko yatawe muri yompi, ariko ntibamenya ikibanza apfungiwemwo, hamwe n’ico yafatiwe. Uwo muntu yatanze ayo makuru y’ifatwa rya Jean BIGIRIMANA yavuze ko yahagaritswe n’abakozi b’igendereza, bari kumwe n’abajejwe intwaro, i Bugarama, ariko umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi akaba abihakana.

Godeberte Hakizimana, umupafasoni w’uwo mumenyeshamakuru asaba inzego zijejwe umutekano ko zomufasha kurondera hamwe n’ugukingira umugabo wiwe ari mu kibanza kitaramenyekana.

Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe (Reporters Sans Frontières) rimeneysha ko ifatwa ry’uwo mumenyeshamakuru ari ingendo y’ugushaka gutera ubwoba abakora umwuga w’ukumenyesha amakuru, iryo shirahamwe rigasaba ko Jean BIGIRIMANA yorekurwa.


Kumenyekanisha

1
Me 27-07-2016 à 01:43

Ikigihugu cacu gisigaye kimeze nkasodomu na gomora, ubonye usohotse ukagaruka ushima Imana. uwo nawe kumubona ni manimpa, kuko ikimara ca Nkurunziza kimusaba amaraso ijoro numurango none atagiye arica, ayo maraso yoyavanahehe agihereza? Jewe iyo mvuye muhira namansiga nsezeye kuko nzi kuburundi bwahi ndutse, busigaye ari mumuriro utazima.

2
Falcon50 26-07-2016 à 21:40

Uwo mugabo yoba ari i Mahama mu Rda

3
TABARA 26-07-2016 à 17:27

Turagowe

4
TABARA 26-07-2016 à 17:27

Turagowe

5
jean 26-07-2016 à 16:59

igipolisi caraboze.amatohoza adahera ntitumenye n’uwagirizwa c’icaha emwe ni mcezo wa ndani kweli

6
NYAMITWE 26-07-2016 à 16:50

Ntimukekeranye,uyo ari mumaboko yabakozi ba wamugwanizi satani yitazira nkurunziza.Mutabangutse ntankeka muzomutorikiziga bamunyoyamaraso.Ahubwo nimuze tuje mwibarabara twiyamiriziyireta,nkakumwabarabu babigenje muri Misri ya mubarak

7
NYAMITWE 26-07-2016 à 16:48

Ntimukekeranye,uyo ari mumaboko yabakozi ba wamugwanizi satani yitazira nkurunziza.Mutabangutse ntankeka muzomutorikiziga bamunyoyamaraso.Ahubwo nimuze tuje mwibarabara twiyamiriziyireta,nkakumwabarabu babigenje muri Misri ya mubarak

8
birimo urujijo 26-07-2016 à 13:37

Uwiteka Jehova tabara u burundi bugeze mu rwobo apana ku manga . Deja bwagezemwo.

9
Emmanuel Nshimirimana 26-07-2016 à 12:58

ew burundi,ivyaw biratunaniye!imana iturinde!

10
KIMAZWENINGERO 26-07-2016 à 11:05

HA!? NTACOMVUZE,

11
KARORERO 26-07-2016 à 08:45

MANA TUGIRIRIKIGONGWE ABARUNDI TUZIRUBUSA

12
copy 26-07-2016 à 08:30

Ah bon, basi!

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha