IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakenguzamateka bemeje izina ry’uwusubirira Général Major Godefroid (...)

Abakenguzamateka bemeje izina ry’uwusubirira Général Major Godefroid Niyombare

mardi 24 Ruhuhuma 2015, par Egide N

Inama nkenguzamateka y’Uburundi yemeje izina rya Général de brigade Étienne Ntakirutimana batazira "Steve" kugira asubire mu kibanza cahoramwo Général Major Godefroid Niyombare aheruka gukomborwa n’umukuru w’igihugu.

Inyuma y’urwandiko urwego rw’igendereza rwarungikiye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ku bijanye n’ikiringo ca gatatu, Général Major Niyombare Godefroid yari amaze amezi atatu gusa arongoye urwego rw’igendereza, yaciye akomborwa n’itegeko ry’umukuru w’igihugu nomero 100/30, bikaba bivugwa ko yoba yazize urwo rwandiko yarungikiye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, amwereka ingaruka zizoterwa n’ikiringo ca gatatu, banamusaba ko atorwa mu mutego w’abamuhanura ko yosubira kwitoza.

Kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 24 Ruhuhuma 2015 akaba ariho inama nkenguzamateka yemeza ijana kw’ijana izina ryari ryatanzwe n’umukuru w’igihugu. Général de brigade Étienne Ntakirutimana batazira "Steve" niwe yemejwe kugira asubirire Général Major Godefroid Niyombare. Kuva mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri akaba ariwe aramutswa urwego rw’igendereza ry’Uburundi.

Général de brigade Étienne Ntakirutimana batazira "Steve" ni umuhutu avuka mu ntara Cibitoke, muri komine Bukinanyana. Yahora arongoye igisata kijejwe ububiko mu gisirikare c’Uburundi. Muri kahise kiwe, Général de brigade Étienne Ntakirutimana batazira "Steve" yinjiye ishamba avuye muri kaminuza y’Uburundi, akaba yamaze imyaka icenda yose mu mirwi irwana imbere y’uko ashirwa mu gisirikare c’Uburundi inyuma y’amasezerano y’uguhagarika intambara yateweko umukono hagati ya Reta y’Uburundi n’abarwanya iyo Reta.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.