Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakenguzamateka bemeje izina ry’uwusubirira Général Major Godefroid (...)
Abakenguzamateka bemeje izina ry’uwusubirira Général Major Godefroid Niyombare
mardi 24 Ruhuhuma 2015, par
Inama nkenguzamateka y’Uburundi yemeje izina rya Général de brigade Étienne Ntakirutimana batazira "Steve" kugira asubire mu kibanza cahoramwo Général Major Godefroid Niyombare aheruka gukomborwa n’umukuru w’igihugu.
Inyuma y’urwandiko urwego rw’igendereza rwarungikiye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ku bijanye n’ikiringo ca gatatu, Général Major Niyombare Godefroid yari amaze amezi atatu gusa arongoye urwego rw’igendereza, yaciye akomborwa n’itegeko ry’umukuru w’igihugu nomero 100/30, bikaba bivugwa ko yoba yazize urwo rwandiko yarungikiye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, amwereka ingaruka zizoterwa n’ikiringo ca gatatu, banamusaba ko atorwa mu mutego w’abamuhanura ko yosubira kwitoza.
Kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 24 Ruhuhuma 2015 akaba ariho inama nkenguzamateka yemeza ijana kw’ijana izina ryari ryatanzwe n’umukuru w’igihugu. Général de brigade Étienne Ntakirutimana batazira "Steve" niwe yemejwe kugira asubirire Général Major Godefroid Niyombare. Kuva mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri akaba ariwe aramutswa urwego rw’igendereza ry’Uburundi.
Général de brigade Étienne Ntakirutimana batazira "Steve" ni umuhutu avuka mu ntara Cibitoke, muri komine Bukinanyana. Yahora arongoye igisata kijejwe ububiko mu gisirikare c’Uburundi. Muri kahise kiwe, Général de brigade Étienne Ntakirutimana batazira "Steve" yinjiye ishamba avuye muri kaminuza y’Uburundi, akaba yamaze imyaka icenda yose mu mirwi irwana imbere y’uko ashirwa mu gisirikare c’Uburundi inyuma y’amasezerano y’uguhagarika intambara yateweko umukono hagati ya Reta y’Uburundi n’abarwanya iyo Reta.
Egide Nduwimana
Messages
25 Ruhuhuma 2015, 10:45, par timba
None kugira bamzemere ijana kw’ijana ni kubera ukuri bamuziko!!! tuvyizere!!
25 Ruhuhuma 2015, 23:15, par kwizera
abahutu baba dd ubwenge bwawo buracuritse bahindukana ubwabo
26 Ruhuhuma 2015, 00:48, par Jean michel
Uhoraho Imana nyenijuru nisi namurenganye icogikombe cibigeragezo yuraziko izira zayo Arinyishi zogutabara Iki Biragaragara ko arigihr ciwe co kuzamuka mugihe Abarundi brshi Bamwumva Ariko batari bamuzi Abarundi dukomeze Amasengesho kugirango azashike kuco Imana yamuteguriye Atarushe Mumutima Wiwe
13 Ndamukiza 2015, 00:51, par ndundu
Uyo nimwiza nadutware mumahoro ayant à pistolet nkeyi 900
13 Ndamukiza 2015, 00:51, par ndundu
Uyo nimwiza nadutware mumahoro ayant à pistolet nkeyi 900
13 Ndamukiza 2015, 00:51, par ndundu
Uyo nimwiza nadutware mumahoro ayant à pistolet nkeyi 900
13 Ndamukiza 2015, 00:51, par ndundu
Uyo nimwiza nadutware mumahoro ayant à pistolet nkeyi 900
13 Ndamukiza 2015, 00:51, par ndundu
Uyo nimwiza nadutware mumahoro ayant à pistolet nkeyi 900
13 Ndamukiza 2015, 01:02, par ndundu
Uyo nimwiza nadutware mumahoro ayant à pistolet nkeyi 900 nongerashimapenukontizecanendabahaye rozar
15 Rusama 2017, 20:07, par eloi
nn burya niyombare yarapfuye?