IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakenyezi bagendana ubumuga ni abakenyezi nk’abandi

Abakenyezi bagendana ubumuga ni abakenyezi nk’abandi

mercredi 6 Ntwarante 2013

Mu ntumbero yo guhimbaza indwi yahariwe umukenyezi,ishirahamwe «Les Vaillantes» riri kumwe na Handisup hamwe n’akarere k’igihugu ca Pays de la Loire,ryaratunganije inyigisho ku bijanye n’irondoka ry’amagara meza kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 5 Ntwarante 2013 ku bakenyezi bagendana ubumuga.

Intumbero y’izo nyigisho yari iyo guhimiriza abakenyezi bagendana ubumuga ku bijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza kuko nabo ari abakenyezi nk’abandi.

Mw’ijambo ryiwe ryo kwugurura izo nyigisho,Marlette Nininahazwe arongoye igisata c’imibano mu bushikiranganji bwo gufatana mu nda,agateka ka zina muntu no kunganisha ibitsina, yavuze ko ihuriro nkiri ari akaryo ko guhimiriza abakenyezi bagendana ubumuga ku bijanye n’ingorane bahura nazo.

Marlette yamenyesheje ko irondoka rijanye n’amagara meza aari ishingiro ry’imibano myiza mu ngo,kandi ko uwariwe wese ategerezwa kwumva ko bimuraba.Yabandanije avuga ko umukenyezi agendana ubumuga ategerezwa guhimirizwa ku bijanye no gutandukanya imvyaro hamwe no kumenya ibijanye no kurwanya Sida.

Kubwa Jean-JJacques Nyenimigabo ajejwe gutunganya ingendo mu biro vy’umukuru w’igihugu,yamenyesheje ko irondoka rijanye n’amagara meza riraba abakenyezi bagendana ubumuga,bikazotuma bagira ubuzima nk’ubwo abandi bakenyezi bose.

Kubwa Shabanna Ferga arongoye ibiro vy’uwuserukira igihugu c’akarere ka Pays de la Loire,ni umugambi wuguruye imiryango myinshi na cane cane ku bijanye n’inyigisho z’imyuga n’ibikorwa bijanye n’inkino.

Izo nyigisho ziri mu mugambi wo gufashanya hagati ya Pays de la Loire n’ishirahamwe «Les Vaillantes»,akarere ka Pays de la Loire wiyemeje gufashanya n’Uburundikuva mu mwaka wa 2008,mu bisata bafashanyamwo harimwo igisata c’amagara y’abantu.


Mugisha Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.