Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakenyezi bahamagarirwa kudatinya guhiganwa n’abagabo mu vya (...)
Abakenyezi bahamagarirwa kudatinya guhiganwa n’abagabo mu vya poritike
vendredi 23 Rusama 2014
Amashirahamwe atatu y’abakenyezi aratangura gukabura abakenyezi kugira baje mu bazohiganirwa kwinjira mu bibanza vya poritike mu mwaka w’2015, mu kurenza ibice 30 kw’ijana bahabwa n’ibwirizwa nshingiro.
Amashirahamwe y’abakenyezi CAFOB, APPDS na AFJO akaba atangura kuri uyu wa gatanu, igenekerezo rya 23 Rusama, mu ntara zibiri z’igihugu arizo Bubanza na Muramvya. Abo bakenyezi bakavuga ko baja gutangurira muri izo ntara, mu gihe Bubanza ariyo ivugwa cane mu mabi akorerwa abakenyezi, nayo Muramvya ikaba irongowe n’umukenyezi muri iki gihe.
Abo bakenyezi bahurikiye muri ayo mashirahamwe, bakavuga ko ibice 30 kw’ijana basanzwe bahabwa n’ibwirizwa nshingiro ari bike, bipfuza kuduga kugeza ku bice 50 kw’ijana, canke banarenze. Bavuga ko bagiye guhimiriza abandi bakenyezi bagenzi babo kuja mu migambwe kugira bahiganwe n’abagabo, mu kuronka ibibanza vyinshi, mu buzima bwa poritike. Nayo abarongoye imigambwe, bakabasaba gushira abakenyezi ku ntonde z’imbere, bareke kwama babashira ku ntonde za nyuma.
Aristide Nizigire
Messages
23 Rusama 2014, 10:19, par mukobwajana
jewe ndakorera mu gihugu hagati kandi ndakurikira amateka y abakenyezi ..Ehe rero ibikwiye n ibi>Amakenyezi barabishaka mugabo bazinzwe n ubukene no kutigaba ..kuko mu migambwe hagenda n amafranga n umnwanya//.....Abarundi kazi bari mu bukene ntangere mwese murabibona..korera rero ku bakuru b imigambwe babanze babashire mu nzego z imigambwe ,,kandi bahe uwubishoboye kuko hari ibiturire ,ubusambanyi bugisibije mu migambwe hejuru y inyungu bigasambura n ingo ...Aha muri dd birasenye ingo zitari nke !!!!!vyose rero ni volonte politique kuko ivyo vyose bikorwa kandi umukenyezi ari 52 % n ibirenga ntivyumvikana ingene tutoba benshi mu nzego ..erega ni agasuzuguro karengeje ..ntimuhaguruke kuko abaronka ni bake kandi nuwo bakuye bamusubiriza umugabo raba hose ,,,nka musitanteri w i Busoni muri kirundo!!!!twari dukwiye les etats generaux ahubwo tukacicarira ico kibazo..
24 Rusama 2014, 11:52, par mukobwajana
ABAKENYEZI NI MUVUGE KURI IKI KIBAZO CACU MU NTWARO ARIKO NTA SONI VUGA ...!!!!!!
24 Rusama 2014, 16:39, par Edouard
Bakenyezi ni mwasoma ijambo ry’Imana muzotahura ko umkenyezi akwiye kuranguraibikorwa vyo muhira. Ibirenzengaho bisamburaingo kandi nyinshi zimazegusenyuka izindi ziraregarega.
26 Rusama 2014, 17:17, par Kamaro
Ndagushigikiye mukobwajana kuko abo banyepolitique bose iyo barondera amajwi bayarondera mu bakenyezi.Muri make abakenyezi turatora abagabo bagatsinda.Twagomba gusaba abarongoye imigambwe gushira imbere abagore nka kurya babanguka mu kubasaba amajwi.Hanyuma turakeneye abakenyezi b’intwari dushobora kubonamwo urupfasoni ruzima rw’abarundikazi atari gupfa abo mushize imbere bwaca ngo vyarabananiye mugaca mubasubiriza abagabo
26 Rusama 2014, 21:07, par Mama
Abakenyezi nimubanzemuze dushigikire Concillie wa UPRONA, kubona nabakenyezi bahurikiye muri IFB batasidukanye niyonka gushigikira mugenziwabo!? ariko baragerageje nubwo batajebose.