IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakenyezi baremeza ko batsinze naho igi polisi kiriko kirababurabuza

Abakenyezi baremeza ko batsinze naho igi polisi kiriko kirababurabuza

mercredi 13 Rusama 2015

Abakenyezi n’abigeme bo mu gisagara ca Bujumbura naho bakubaguwe mu guterwa ivyuka vyokera n’amazi, baramenyesha ko bazikenye ko bahagurutse kugira biyamirize ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.

Mu gitondo ko kuri uno wa gatatu igihe c’isaha zine(10h) abakenyezi n’abigeme bo mu gisagara ca Bujumbura bari bahanye isango ryo guhirira hagufi y’inyubakwa za Cathedral Regina Mundi kugira ngo batangure imyiyerekano y’amahoro, aho biyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, basabe n’amahoro ndeste n’irekurwa ry’abantu bose bamaze gufatirwa muri iyi myiyerekano imaze iminsi mu gisagara ca Bujumbura.

Igi polisi nticahavuye ngo kibareke bashobore kwiyegeranya kuko baciye babashwiragiza. Abakenyezi n’abigeme ntibacitse intege, baciye bagenda buke buke bamwe baca hepfo y’i Banki y’ubudandanji y’i Bujumbura(BCB) abandi baca impande yahari icicaro c’ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru rya Leo, aho hose igi polisi cari cagavye aho ubona ko bamaze kwitegura kugira ngo bababuze kugira imyiyerekano.

Naho vyari uko, abakenyezi bari bazikenye baca basidukana niyonka bahurira hagufi yahahoze i hoteri Novoteri aho bariko baravyina, bitwaje n’ivyandiko aho biyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza bongere basaba amahoro. Bamaze gutambuka intambwe zikenya gose i polisi cari camaze kubategera, baca baricara hasi baduza amaboko basaba ko bobareka bagakora imyiyerekano mu mahoro ariko akamo kabo ntikumviwe kuko itegeko ryaciye ritangwa haca haza ya modoka itera amazi, arabashwiragiza. Abari muri iyo myiyerekano bamenyesha ko naho bariko barabatera amazi batarota bava mw’ibarabara.

Nk’uko vyashikirijwe n’umwe mu bakenyezi bari muri iyo myiyerekano, kuribo ni intsinzi kuko bashoboye gushika ku kibanza co kwikukira(Place de l’Independance), aho yongera agatangazwa n’inguvu ziriko zikoreshwa n’igipolisi muguhohotera abakenyezi atakirwanisho na kimwe bari bafise ariko bagakoreshwa kugira bakingire inyungu z’umuntu umwe, uwo nawe ngo ni Petero Nkurunziza.

Aho mukamenya ko kugera kuri ino saha(11h30) abakenyezi n’abigeme bakiri mu mabarabara hano mu gisagara ca Bujumbura ariko igipolisi kikaba kitariko kiravyorosha kuko babacucagiyemwo na vyavyuka bikoroza amosozi.


Alida S.

Messages

  • Courage bavukanyi. Les droits s’arrachentbet la verité triomphe. Ce que femme veut Dieu veut. LEs femmes ont accompagné jésus sur la croix et ont été les premières témoins de sa résurection. La résurrection est proche, courage mes soeurs

  • kOMERA KU MUHITA.EREGA TWESE TWAHAGURUTSE NTITUZOHAGARARA

  • mwumvishe ibihejeje kuba?muraguma hafi yimihana yanyu kandi mukomeze amasengesho Imana niyo ifise ijambo ryanyuma mufatane mu nda kuko iyo urugamba rukomeye ruba rugiye kurangira tube kwizamu ry,igihugu cacu Imana isumba ingabo kubatavyumvishe Générale Godefroid Niyombare ahejeje kumenyesha abicishije kuri Radio Bonesha FM ko bakubise coup d,ETAT président Nkurunziza Pierre mwihangane kandi mubwirane ntihagire abagwa muvyo batazi!!! murakoze!!

  • Izo ndaya zo ku Musaga ngo zatsinze!!! Nazo nizihunge zijye i Kigali tuzihate imirizo murebe ko hari iyongera gusubira i Burundi kubatesha umutwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.