IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakenyezi barungikiye ubutumwa bw’ijambo ry’Imana Petero Nkurunziza

Abakenyezi barungikiye ubutumwa bw’ijambo ry’Imana Petero Nkurunziza

mardi 12 Rusama 2015

Abakenyezi bo mu makomine ya Musaga, Kanyosha n’abo mu misozi ihanamiye igisagara ca Bujumbura, bagize imyiyerekano, aho bashatse gushika kw’ibarabara rya Rumonge, ariko barazibirwa n’igiporisi.

Abo bakenyezi bari isinzi, bakaba bari bafise bimwe mu vyandiko bisaba Petero Nkurunziza gusubiza igihugu ku neza, abandi bitwaje Bibiriya bagenda barasenga, eka abandi baririmba indirimbo zitandukanye. Bashitse hafi y’iseminari ntoya, abo bakenyezi baciye bicara mw’ibarabara, haca haza umwe mu basirikare, abamenyesha ko hari ubutumwa bwo mu baporisi, busaba abo bakenyezi kutarengana ico kibanza, ndetse ko bamwe mu barongoye iyo myiyerekano boheza bakaja kuyaga n’abaporisi uko iyo myiyerekano yoba, mu mwiherero atamumenyeshamakuru yumva. Abo bakenyezi bagarutse, batumenyesheje ko bankiwe kurengana. Baca batera ururirimbo ruhayagiza igihugu cacu, bahejeje, baca barumviriza ijambo ry’uwo munsi.

Nzeyimana Angele ni umwe mu bakenyezi, yabariye abamenyeshamakuru ko, bababajwe n’abana baguma bicwa,abandi bapfungwa n’ugushaka guhonyanga amasezerano y’i Arusha kwa Petero Nkurunziza, kandi azi neza ko ayo masezerano nawene, ariyo yatumye agaruka mu gihugu, agatorwa ku mugaragaro kabiri kose. Abo bakenyezi bamwe bafise bibiriya, bakaba bavuga ko Imana itazemera ko amaraso asubira guseseka, nko mu myaka ya kera. Abo bakenyezi bakaba baciye bitahira, ariko bikaba vyaboneka ko harimwo abashaka gushika mu kibanza bari bankiwe n’abaporisi, abandi bakenyezi vyaboneka ko bakuze barankira abakiri bato gushamirana n’abaporisi.

Ariko rero, abo bakenyezi bakaba bari bafise ijambo ry’Imana, iryo naryo barikuye muri Yeremiya, igice ca 33, 1-4, havuga ko ’’Amahoro azosubira kuba i Yeruzalemu bakuwe i Babuloni’’


IGIHE

Messages

  • Komera basha,tubari inyuma

  • Kuberiki muri 94 hoho mutagiye mwibarabara nkuko?Twarabamenye turabahinyura.

  • Muvyukuri mwari mugerageje guhanura umukuru w’igihugu,yamara mwibukeko Satani yamaze kurenga imbibe zo kwihana kuko atampwemu w’Imana akiri muriwe

  • Umwana w’umuntu ahageza, mwari mwagerageje ariko nuko Barumwete abivuze ndabona Satani yakomantaje umutima wa Petero Nkunziza. Ngumana umwizero ko Imana ariyo ifise ijambo rya nyuma kandi ko ibikomeye ibihindura ikabigira ivyoroshe, niyo duteze amaso muri iki gihe kandi mwakoze kuyambaza. N’Imana yumva kandi ikishura

  • Ba mama bacu turabakengurukiye ukuntu mukunda igihugu cacu gushika aho muja mwibarabara kandi muzi neza ko abapolisi bashobora kubarasa kuko bamaze guta ibanga bajejwe.Murakunda igihugu cabavyaye nkuko mukunda ibibondo vyanyu.Ntimuhagarike mukomeze urugamba,mikomere kumuheto maze mubohoze abana banyu bafunzwe ataco bazira abandi bakaguma bicwa ataco bazira.Ijwi ryanyu rigera kure kurusha twebwe imisore nimiyabaga baca bita abagumutsi.Turabashigikiye mukomere kwibanga.

  • Ndakunze aba bavyeyi bacu! Burya Umukenyezi arinze ahaguruka ibintu biba vyarenze igipimo! Ariko se abo si bamwe ga Petero we wabwira ngo bavyara kubuntu koko?? Ngaho ububeshi bwawe bumaze imyaka 10 yose burahinyutse...Barakumenye none rero zinga utwawe nagasaga Petero we,ugiye ntacumpaye urakagira Imana yo mw Ijuru.

  • Abanyezi babwiye umukuru wigihugu gusubiza igihugu kuneza!? Egomwagashwenujuri! Noneho umuntabinvije muzokimukurako kunabi mugihe atokwumva ivyomumubwiye? Rekandababwire mwabakenyezimwe, Imana yoyo ntikina wewe wamunyavyahawe reka kujandajanda hamwe woguma nkukwuri uko urupfu rwokujana hamwe woguma nkukwo urukwo. Mwebwe musumbwa nukwumvira ijambory’Imana kwi speak hakurihabwabwanamwemwo namasatani yamahembe 7 yomubamwavyemera mwarihubwo kubanza kuja kunsengero zanyu umwumwewese akabanza gusengerwa akezwa ibindabivuze kubera bamwe murinwebwe nsanzwenzi imyifatire yabo nberebamwe twinjira numurusengero zimwe .

  • BURYA NI MUREKE KWIMARAMAZA ABO BANA MUKWEGERA MW’IBARABARA MURI ABAVYEYI NTA NI SONI. MBE 94 IGIHE NDADAYE AGANDAGUGWA KO MUTAGIZE GUTYO TWARABAMENYE KWERI ABANTU NUMVIRA AKAGONGWE NABO BANTU BO MURI LIRALE VRAIMENT UBWENGE BWARABAHERANYE AHO IRYO BARABARA VUBA RIZOHINDURA INTUMBERO. IKIBABAJE N’INZU ZABANDI N’UTUMODOKA TWABANDI DUHEREYE KU MURIRO. ICO NOBAMENYESHA COCO NUKO NKABO BAGORE BARAHO BENSHI HARABO NAMENYE BASANZWE ARI BA GITO NO MUNGO ZABO.

  • 1. Pour ceux qui ne le savaient pas, ce sont les manifestations des FEMMES ivoiriennes qui ont chassé Gbagbo du pouvoir. Ce que femme veut, Dieu veut, disent les croyants.
    2. Si le mouvement des femmes burundaises se structure, le vote feminin determinera nos futurs dirigeants. Et le prochain president proviendra de la societe civile. Dans l,entre-temps, on doit chasser la CENI evidemment.

  • singeza nabandi mbona kururubuga rwa IGIHE.COM,mushikiriza ibintu vyamacakubiri muvuga igihe ca 72,93 canke za quartier nyene twabahinyuye mutegerezwa kuba murizanterahamwe bagumabavuga zinjiriye UBURUNDI,kuko muburundi ivyovyiyumviro vyamacakubiri vyarateye igihe,ubu Abarundi turihamwe ntabazodutandukanya kiretse IMANA yonyene yaturemye,mwabijujumwe murasubira iyomwavuye mureke gutera umugera wamacakubiri mubarundi icodushaka ni AMAHORO, ITERAMBERE MUGIHUGU CACU.

  • nukuri niyumwe akamo bamutera

  • ICO NOBIVUGAKO NUKO ABATWARA UBURUNDI BOYUBAHIRIZA AMASEZERANO YI A RUSA

  • imbere yuk mbaterera nshak mumbwire ibi bikurikir: mbega muka pacifique mwarikumwe? nimurek kwiha amenyo yabatwenzi kk abagore nkamwe muraziko ari mwebwe mwazanye urupfu ibivyose biba vyavuye kutumvira kwanyu imana mukatwinjiza muvyago ntamuntu aba agowe ntibitangaje rero.uguhanura si bibi arik mwebwe mwiyita abakenyezi nimurinde kuko mwaravumwe n’imana.genda murindire kandi uwo yabaserukiye ntagishasha kirimwo abatutsi ivyo murondera n’amaraso gusa kuk mwamenyereye kuyanwa.ndi nkamwe inzi yuko ndi umugore ntaco novuga mukwiye imbere yuk mbaterera nshak mumbwire ibi bikurikir: mbega muka pacifique mwarikumwe? nimurek kwiha amenyo yabatwenzi kk abagore nkamwe muraziko ari mwebwe mwazanye urupfu ibivyose biba vyavuye kutumvira kwanyu imana mukatwinjiza muvyago ntamuntu aba agowe ntibitangaje rero.uguhanura si bibi arik mwebwe mwiyita abakenyezi nimurinde kuko mwaravumwe n’imana.genda murindire kandi uwo yabaserukiye ntagishasha kirimwo abatutsi ivyo murondera n’amaraso gusa kuk mwamenyereye kuyanwa.ndi nkamwe inzi yuko ndi umugore ntaco novuga mukwiye kwinumira.

  • Abo bakenyèz nibarek kwitwenga turazi ukuri kwabo n’isi ibay muvyago kubera bo nibatuz mukasinduhij arih ko bakeregez abana biw barih ?

  • Yemw,Imana Irarem Pe!Umunt Yibahuk Gutuk Abakenyez Aribo Batang Ubuzima Ngo Bazany Urupfu!Kubwanj,nkurunziza Akwiye Kubumvira Kuko Bomuvuma Bifash Amaber Womufata Kuko Ni Abavyey Nk’uwamwibaruts,ico Ntazi Ni Uko Yoba Arigera Amusaba Impanuro Za Kivyeyi Kuko Vyumvikana Wapi Ntibaravugana Kur 3eme Mandant!

  • NE FAITES PAS DE LA BIBLE UN OUTIL DE POLITIQUE.LA BIBLE NOUS APPREND LE RESPECT DES INSTITUTIONS PUBLIQUES.PENSEZ_VOUS QUE CA C,EST LA MEILLEURE SOLUTION?CESSEZ CETTE INSURRECTION SVP!!!

  • Encore vya bimalaya vy’ibitutsikazi ivyo birozi vyama mu bapfumu,nizereko peter atakiriye ivyo bipauro atazi ivyo basizeko?

  • YOHEBA AKAGONDOZWA ABONYE KO NA BAGORE BAVUYE INYUMA KUKO NI BO YARI YISHIMIYE KUKO BAHENDWA NGO BAVYARA KU BUNTU KANDI NGO ABANA BAKIGA KU BUSA ARIKO BATAHUYE KO VYOSE BIVA MU MAKORI BATANGA YADUGIJWE UMURENGERA AKARORERO UMUCERI UVA TANZANIA WAGURWA 1000 PETER ATARAZA KU BUTEGETSI UBU UGURWA 2000 .NI NDE ATARYA UMUCERI JA BITENGE KU BITORO IBIHARAGE ISUKARI ...BAKENYEZI KOMERA NABARUGURU BABURA AHO BAVUGIRA BAPFA GUKURIKIRA

  • Barundi Barundikazi. Subiza ubwenge inyuma murabe murikora inyungu
    Irimwo. Mwirirwa mu mabarabara muhendwa nabo banye Polique , mufata amtungo yigihugu mwonona , amabarabara musibanganya. Ariko mwibuke ko izonguvu muriko muresha muzozirwiko incuro cumi mugusibura ico gihugu.
    Kandi mwibuke Peter nkuRunziza ku ntwaro imyaka 10 iraheze umupfasoni uwariwese
    yibabaruka kubuntu , urwaruka umwana avurwa kubuntu guhera avutse kugeza kumyaka 5, umunyeshure yoga guhera
    mu mwaka 1-6 atirunwa kw’ ishure ngo ntiyarihiye ishure. Iyi nintambwe nini cane. Umunini yakuye ku
    Mitwe y’ abavyeyi., na cane cane Igihugu cari kiye mw’ isibe y.’ intambara kuva 93-2005 nyakwuhwa Melchiori Ndadaye agandaguwe n’
    abasi b’ iterambere
    Nyakwubahwa president
    komera kungoma
    abagushigiye turi inyuma yawe.urekeke ivyo bijuju vyibagiye aho wabikuye.

  • Hitamwo kimwe ari ijambo ryimana ja murusengero musenge ,ari ibarabara muhisemwo naho ntimwokwitwaza za bibiriya kuko ntimugiye mugikorane!

  • Murek’ubu bu naive bwanyu mwababyeyi mwe. Mwebwe murashobora kufat’ijambo ryimana muribarir’ ishitani nkaririya. Muzoza mubon’intambwe zose zigiz’intama muce mufatirako ngo mubony’ intama.

  • non nk’abo bakenyzi nk’inabi ya peter nkurunziza ,bovuga ko ari iyih? ndababazwa n’abanye politique bashuka abenegihugu kuja mwi barabara kandi atariwo muti. ese ko igihugu cu burundi ari kimwe (1), uwariwe wese akaba ashaka kuba president (perezida) non kizobakwira? ese abo bakenyezi bo boriy ivyo bahorako,bakareka guhendeshwa intica ntikize ngo nibaj mwi barabara! gusa n’ubwo abarundi bensh bigira abanyabwenge, n’ubujuju barabufise. aho hantu kandi bahagabire. ok

  • Barihenda Kukoyatowe Nabenegihugu

  • Bareke Batumwanya Ngo Bariko Barakora Manifertation Ataco Zimaze .Bara Bashuka Ni Bareke Petero Yitwarire Igihugu.

  • Abo Ba Bono Barasubiriye? Niku Bakorerako.

  • Nom Ntidutukane Basha Ariko Umuntu Wes Afise Droit Ategerezwa Gushkriza Ico Agomba Mais Ubu Nabarozi Nibisuma Nabicanyi Nabandibakoribizirankivyo Bitwaza Bitwaza Bibl Ariko Ndumvaneza Intumberoyabo Sigutangubutumwa Kuko Nticatangajw Kwiradiyo Nambarigikorane Ntakuganza Kutava Kumana Nadawidi Yaransw Na Goriyati Umw Wese Aseng Yinginge Kuko Izobisobanura Nanj Ndakundijambo Ry’ Imana Kandi Ndakunda Nabatuganza Nzubaha Nabazotuganza

  • Umugambiw, Imana Nibanga Ahubwo Dusenge Imana Kore Igikwiye Kuriyo

  • Basengerahe? Nabapentikosite

  • Umwana Yankwa Niwe Akura

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.