Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakenyezi bo mu nzego zifata ingingo baracari bake mu Burundi
Abakenyezi bo mu nzego zifata ingingo baracari bake mu Burundi
samedi 30 Munyonyo 2013
Mu gihe bariko bararaba urugero umukenyezi aserukiweko mu nzego zifata ingingo, Perpetue Kanyange ari mu runani rw’abasanzwe bafashanya mu guteza imbere agateka k’abakenyezi yamenyesheje ko umukenyezi w’umurundikazi aserukiwe ku bice 17,52 kw’ijana kandi ibitegekanijwe n’amategeko ari ibice 30 kw’ijana.

Umukenyezi w’umurundikazi aserukiwe ku gice 1,47 kw’ijana mu nzego z’umutekano. Mu ntwaro aserukiwe ku bice 17,6 kw’ijana. Mu guteza imbere ubutunzi, umukenyezi aserukiwe ku bice 20,15 kw’ijana. Ariko naho biri uko, ivyo bitigiri biracari bito bagereranije n’ivyanditse mu mategeko nko mw’ibwirizwa shingiro, no mu masezerano ya Arusha, yompi ategekanya ko umukenyezi yoserukirwa ku bice 30 kw’ijana.
Ishirahamwe SPPDF (Synergie des Partenaires pour la Promotion des Droits de la Femme) ryibutsa ko Uburundi bwateye igikumu ku masezerano akingira agateka k’abakenyezi, rigasaba rero ko inzego zose za Reta gukurikiza ivyo ziyemeje mu guteza imbere umukenyezi, na cane cane muri kino gihe himirije amatora yo mu mwaka w’2015.
Floxella Karire
Messages
2 Kigarama 2013, 01:57, par Kabizi
Irire amahera basha nayo ivyo guserukirwa bigeze aho!Ko mwama mwinjira mu migambwe abakenyezi bamaze gushinga imigambwe yabo ni bangahe?Mwiruka aho bihiye gusa ariko mwoshaka mwohindura Uburundi à l’image des autres pays où la femme a un mot à dire!
Abo nyene bakoma induru bamaze gushika muri ivyo bibanza ntawusubira kubumva baryogoye.Combien de femmes meurent chaque jour à Kirundo ,Cibitoke,Muyinga,Bubanza,...;tuées par leurs maris?Quelle déclarations avez vous sorties pour dire NON? Kwega basha ayo ma per diem abazungu babahaye hanyuma mwigire!