IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakenyezi n’abigeme bo mu gisagara ca Bujumbura barigina intsinzi

Abakenyezi n’abigeme bo mu gisagara ca Bujumbura barigina intsinzi

mercredi 13 Rusama 2015

Inyuma yo gushwiragizwa bamaze gushika ku kibanza co kwikurikira (Place de l’Independance), abakenyezi n’abigeme bo mu gisagara ca Bujumbura baciye bahungira kuri Station Engen aho benshi bita ’’Kwa Kati Kati’’, aho naho igi polisi kika gisa nicagavye.

Imyiyerekano y’abakenyezi n’abigeme yo kuri uno wa gatatu irabanya, inyuma yo gushwiragizwa batewe ivyuka bikoroza amasozi n’amazi, abakenyezi ntibigeze bacika intege, ubu bakaba bahungiye kuri Station Engen aho benshi bita’’ Kwa Kati Kati’’, aho bariko baravyina, batamba, banacishamwo ururirimbo ruhayagiza igihugu kuko ku bwabo batsinze bashitse mu gisagara ca Bujumbura.

Kw’izina ryabo bakenyezi, Umushingwamaza Suzanne Bukuru yamenyesheje ko uno munsi wa gatatu ku bakenyezi mu gisagara ca Bujumbura ari ntibagiranwa kuko bakoze ibitangaza bashoboye gushika ku kibanza co kwikukira(Place de l’Independance). Nk’uko yabimenyesheje, abakenyezi barashoboye akanamenyesha ko baje kwifadikanya n’abagenzi babo mu gushigikira amahoro, gusaba iyubahirizwa ry’ibwirizwa shingiro ndetse n’amasezerano y’i Arusha.

Mu butumwa bari bafise abo bakenyezi n’abigeme bo mu gisagara ca Bujumbura basaba amahoro k’Uburundi, basaba irekurwa ryabafatiwe bose mu myiyerekano, iyugurukwa ry’ama radio kugira abarundi bamenye ibiba mu gihugu, banasavye amakungu ko yobafasha ikabakurako Petero Nkurunziza. Aho hose bakaba baguma bacishamwo ivyino biyamirizwa ikindi kiringo ca Petero Nkurunziza.

Aho mukamenya ko abo bakenyezi n’abigeme bakiri kuri station engen, aho igi polisi naco gisa nicagabirije atawuzi ibihava bikurikira, hagize aba polisi begera, abo bakenyezi barerekana ko bagenzwa na mahoro bakaca bicara hasi bakaduza amaboko.


Alida S.

Messages

  • Uyo mu dame ntiyitwa Suzanne

  • abo bakenyezi ndabashigikiye abarundi nimukundane berekanye ko bafise urukundo ubundi mwaretse byose mukubaka igihugu abasirikare nabapolisi mugakundana mwese nabadamumwese mugasenyera kumugozi umwe wurukundo mukubaka iguhugu catwibarutse habe amahoro ntihagire amaraso yongera kumeneka urukundo ibikorwa namahoro birange uburundi nabarundi ninuyngu zabarundi gushira hamwe ibyo mukora byose mubikore mumahoro numutekano kandi imigabwe mushire hasi urwankano pe imana irakunda abarundi mwese muri abavukanyi yari umwana wuburundi yavukiye igitega muri1982 mana kiza uburundi nukuri uzigame bose amen mutegure ibiterane musenge ibindi mubireke amasoko afungurwe abana baje kwishure aba papa na ba maman baje gukazi amenbizaba mana imana iradukunda faite circule c msg

  • Rema bakenyezi ico mwaharanira mwakironse.

  • abagore bose bo muri yama Quartiers y’aba sans Ehecs bari bashigikiye aba mutins ngo NKURUNZIZA n’agende
    murateye isoni hanyuma ngo mushaka kunganya ibitigiri n’abagabo.

    NIYOMBARE yaraye atwaye ikiringo ca 3 ubu NKURUNZIZA agiye gutwara mandat yambere

  • abo bagore mubareke berekane akababaro kabo mu mamahoro mumutekano

  • Nkurunziza ayoborwa n’Imana ntaho ahuriye nabo bene Nyabingi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.