IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakomiseri babiri bo mu murwi CNIDH bagiye gusubirizwa

Abakomiseri babiri bo mu murwi CNIDH bagiye gusubirizwa

dimanche 15 Ruheshi 2014

Imyiteguro yo gusubiriza abakomiseri babiri bo mu murwi wigenga ujejwe agateka ka zina muntu iriko irakorwa mu nama nshingamateka.

Kubwa Furera Emmanuel Ntakarutimana, umukuru wa CNIDH, avuga ko ikiringo cabo ba komiseri babiri carangiye kuwa 7 Ruheshi 2014. Abo bakomiseri bakaba bari bafise ikiringo c’imyaka itatu mugihe umurwi CNIDH wo ufise ikiringo c’imyaka ine. Ikiringo gishobora kwongerizwa (4ans renouvelable).

Naho umukuru w’umurwi CNIDH ashima intambwe igezweko mu vyerekeye agateka ka zina muntu, haracari ho utugorane two kutihanganirana mu vya poritike, hamwe n’agashavu kaboneka muri bino bihe twegereje amatora yo mu mwaka w’2015. Umukuru wa CNIDH amenyesha kandi ko icegeranyo c’ibimaze gukorwa na CNIDH bigiye kurungikirwa mu nama nshingamateka kugira baze bavyige muri bibikorwa barimwo muri kuno kwezi kwa Ruheshi.


KARIRE Floxella

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.