IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakozi bo ku kivuko ca Bujumbura bagabisha ihagarikwa ry’akazi

Abakozi bo ku kivuko ca Bujumbura bagabisha ihagarikwa ry’akazi

samedi 16 Munyonyo 2013

Sendika y’abakozi bo ku kivuko ca Bujumbura (SYTRAPO : Syndicat des Travailleurs du Port de Bujumbura) yaragabishije ihagarikwa ry’akazi.Nk’uko vyamenyeshejwe ku munsi w’ejo na Ernest Mutunge, umukuru wa sendika y’abakozi bo ku kivuko ca Bujumbura, kuva ku munsi wa mbere igenekerezo rya 18 Munyonyo, bazohagarika akazi.

Abo bakozi bamenyesheje ko bagiye guhagarika akazi biyamiriza ingingo yo kutabaha ibirarane bafitiwe n’uwahora abakoresha ishirahamwe ricitwa EPB. Ernest Mutunge, umukuru wa sendika y’abakozi bo ku kivuko ca Bujumbura amenyesha ko bashaka kandi kwerekana akababaro bafise mu vyerekeye amafaranga y’igice ca gatatu bategerezwa kuba baratangiwe mw’ishirahamwe INSS (Institut National de Sécurité Sociale) ritegekaniriza kazoza abakozi, amafaranga agera ku miriyoni 235, ariko atigeze atangwa muri INSS.

Babandanya bamenyesha kandi kandi ko vyabananiye kwihanganira ubuyobozi bukuru bw’ikivuko (Autorité Maritime, Portuaire et Ferroviaire : AMPF) bwaretse gushiraho amategeko y’akazi nk’uko ubuyobozi bw’akazi mu Burundi bwari bwabibemereye.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.