IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakozi bo mw’isharahamwe INSS basubiye ku mirimo

Abakozi bo mw’isharahamwe INSS basubiye ku mirimo

lundi 9 Kigarama 2013

Abakozi bo mw ‘ishirahamwe ritegekaniriza kazoza abakozi basubiye ku mirimo guhera, kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 9 kigarama 2013.

Abakozi bo mu kigo INSS bahisemwo guhagarika yegereyegere bari bamazemwo indwi, imvo yatumye bahagarika iyo yegereyegere ni kugira babanze bahembe abo basanzwe baziganiriza muri iryo shirahamwe, nk’uko tubimenyeshwa na Geregori Cishahayo, umunyamabanga w’iyo sendika y’abakozi. Abo bakozi bakaba bandikiye ikete icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu kugira abatunganirize. Muri iryo kete bamusaba kandi ko ingingo yo kugabanya utwo turusho twabo yobangira mu gihe iryo tegeko ribagenga ritarahinduka.

Mwomenya rero ko intumbero y’iryo hagarikwa ry’akazi yari iyo kwerekana akababaro bafise ku vyerekeye ikatwa ry’agashahara kabo bahora baronswa buri mwaka bita ‘’prime de mérite’’, nk’uko vyari mw’itangazo basohoye. Muri iryo tangazo nyene, bagira bati : ’’ntitwigeze tugishwa inama .’’ Bavuga ko batumva ukungene bogabanirizwa utwo turusho kandi itegeko ribagenga ryo mu mwaka wa 1999 ritigeze rihinduka.

Umuyobozi w’iryo shirahamwe INSS akaba yamenyesheje ko babagabanirije utwo turusho kubera ko umwimbu woba wabaye muke, insiguro isa mbere n’iyitemerwa n’abo bakozi.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.