Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakukuruke barasaba Leta ko yobagarukira
Abakukuruke barasaba Leta ko yobagarukira
vendredi 5 Mukakaro 2013
Mu nama yahuje abakukuruke n’abagikora akazi ka Leta bahurikiye mu kigega co gutegekeniriza n’ugukinga impanuka ONPR, abakukuruke basavye Leta ko yoraba ubuzima abakukuruke barimwo kuko busanzwe atako bwifashe, hama ikabamirira amate mu kubaha amahera y’uburaro.
Bamenyesha ko abakukuruke baronka amahera y’intica ntikize, bakavuga rero ko iyo bakiri mu kazi, Leta yabaha amahera y’uburaro ariko ngo iyo hageze ko ibasezerera (ni ukuvuga iyo umukozi wa Leta akwije imyaka mirongo 60 y’amavuka acaja mu karuhuko kiza bukuru). Ayo mahera ari nayo yobafashije gupanga inzu ntibasubiriye kuronka n’ikuta, aho ni mu gihe abasirikare n’abapolisi bafatira agahembo kabo k’izabukuru mu kigega INSS, bobo ayo mahera y’uburaro bayagumana. Umukukuruke yashikirije ico ciyumviro akaba yavuze ko bakwiye kuvyihweza ku neza y’abari muza bukuru cokimwe n’abakiri mu kazi.
Umuyobozi mukuru w’ikigo ONPR, Onesphore Baroreraho wewe avuga ko itegeko rigenga ico kigo ryahindutse mu ngingo yaryo ya 4 kuko kare muguharura amahera ahabwa abakukurutse, bashiramwo n’uturusho ariko ngo rimaze guhindurwa itegeko rivuga ko abafatira ku mishahara yandiro (salaire de base) gusa. Nayo ku bivugwa n’abo bakukuruke ko abasirikare n’abapolisi bo baronswa amahera y’uburaro, Onesphore Baroreraho avuga ko we akurikiza itegeko n’ayo ivyo bindi bivugwa n’abakukuruke bagiye kubishira mu vyegeranyo hama babirungikire ababakurira.
Egide Ndayisenga