IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakunzi ba Gen Adolphe Nshimirimana basubiye mu rugendo rwo (...)

Abakunzi ba Gen Adolphe Nshimirimana basubiye mu rugendo rwo kumwibuka

dimanche 16 Myandagaro 2015

Abakunzi ba Gen Adolphe Nshimirimana bazindukiye mu rugendo rwo kumwibuka mu Kamenge,inyuma y’indwi zibiri yishwe arashwe.

Urwo rugendo rwatanguriye ahitwa Iwabo w’abantu hasanzwe hubatswe ubunywero bwa GenAdolphe Nshimirimana gushika hafi y’igituro c’imodoka zijana ingenzi mu gihugu hagati aho Gen Adolphe Nshimirimana yarasiwe.

Abitavye urwo rugendo bari bambaye impuzu ziri mu marangi yerekana umubabaro bitwaje n’ibimuri.Kuri izo mpuzu hari handitseko ngo : Hapfuye Adolphe ntihapfuye ba Adolphe,izindi nazo zanditseko ko batazomwibagira hariko n’ishusho yiwe.

Mwomenya ko urwo rugendo rubaye urwa kabiri inyuma y’urundi rwatunganijwe kuw’Imana igenekerezo rya 9 Myandagaro 2015,inyuma y’indwi imwe gusa Gen Adolphe Nshimirimana yitavye Imana.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Baba bahinvye kanyanga kuko turazi ko mukamenge bayikunda cane ntitari nkabandi

  • abo barabacangero ba adolphe kuko ntakuntu bokwibuka umuntu atarahambwa uko nukwigina kuko yabavuyeko ako nakanyamuneza kabuzuyemwo nukuri.barambabaza vyukuri.nibareke kubabaza abo yahekuye.mugabo twaramuhariye.yumve amahoro vyukuri.

  • Mbe Tuveko Kanyakuvako Urushato Uwo Yapfuye Ntava Amaraso Nkayuva?Mwanyakugirimana Bakunzi Ba Adorofe Komera Natwe Iyoturi Turikumwe Namwe.Ba Adorofe Nihotukiri.Izontagondwa Nazo Ahoturi Turiko Turabona Ivyo Zigira,umwanya Numwanya Baribonerako,mwihangane Bakunzi Bomukamenge

  • Nibyo bishe Adolphe umwe none hamaze kuvuka 1.000.000. Nanjye ndi Adolphe.

  • ABOBAMARAYA BA ADOLPH BASAZE AHO BARAMAZE GU PFAKARA NTAKUNDI. NTAKUNDI. NIBIGUMYE. INGORANE ZIZOKWAMAHO ADOLPH YARIGENJENJE NABI ARIKO NTARUBANZA NDAMUCIRIYE AHA TURI HARABANDI KUBAKWISI NUKWITONDA.

  • Kumbe abakehabwenge barabaho,Mkombozi yaririmvy ati"ikiziga gisumbwa n’umusazi ahema"nanj mvuze nti"ikiziga ca Adolphe ubu gisumbwa n’umwe barementaniriza ko yishe ababikira"nibareke guta umwanya cank nimba bamukunda bamusubize ubuzima.

  • Adolphe Siw Yapfuy Wenyene

  • ahubwo turakwiye kugira organisation yugwaruka rwa cndd-fdd tukaja mukamenge ahoyagandaguriwe tukamwibuka twese kuko yarintwari hanyuma ivyobirwarudubi navyo bitazi umugambwe wacu cndd-fdd icarico bimaramare cangwase vyibuke bikonyagu wabo hama turindiriye le 26/8/2015 muzehe arahire turabe icobikora ivyobiguji sawa nitugire cndd-fdd.

  • izozari imbonesi zimwe bahorabafatanya mukwica abantu

  • Mbega tous les dimanches bazokwama badefila nibamusomeshereze imisa bamusabire ikigogwe kumana jewe nibaza kobashaka utwo dupira baza bararonka nayo kwibuka umuntu boja kugandara kumuhana wiwe ako nakaguma mbega police ko yahora ibuza manifestatio ubu irihe canke nabo nyene barimwo vyose aho ntasoni

  • Abandi Bapfuye Ntabakunzi Bari Bafise?Ejo Nitwagira Urugendo Go Kwibuka Jean Bikomagu Muzovuga Ngo Ntamyiyerekano Yemewe Mubihe Vyamatora.Abarundi Twese Turangana.

  • Abo bantu mbona nta n’umwe yari azinanyi na Adolphe. Ico basaba nibakibahe hanyuma basubire ku mirimo yabo, nizere ko atari ukunywa kanyanga nk’uko hari uwabivuze.

  • Mmiyerejana Ga Ngo Aragarula? Aho Vyaraheze Bashahu Ntakundi. N’ Aho Mwokwica Abantu, Abandi Bagahunga, Adolphe Ntazogaruka. Ntihagire Rero Uwubahenda Ngo Ica Naka Adolphe Aragaruka. Azoba Abahenze, Gombo Mureke Rero.

  • bamureka abababaye ba vyerekane!kandi ntimugahamwe muhogw’ibimwakoze!korivyiza ijuru rizobemera

  • bamureka abababaye ba vyerekane!kandi ntimugahamwe muhogw’ibimwakoze!korivyiza ijuru rizobemera

  • Reka kudutuka erega abari muri defile suko bose bakunda adolph,naje ndimwo ahubwo ndiko ndaba ko arivyo ko yapfuye canke ko botwereka ikiziga ciwe kuko inkuru mbarirano irutwa niyo wiboneye.

  • Adolph yasize amateka mabi,raba uwo muhabara wiwe wimbere yenda ingene asa,nagahomerabunwa.

  • turi nu mubabaro mwinshi duhoza umudyango wiwe na bakubakunzi biwe. hamwe ni gihugu gihekuwe intwari. tutibagiye nu mugambwe wiwe. Imana Imwakire mu bwami bwayo. birababaje cane. kandi biracintege. banya kamenge mwigumye Imana irikumwe namwe ntimwihebure. mukore ukomushobuye mwubake icibuso mu Kamenge. ntituzomwibagira. yazizi iki?

  • BA ADOLPHE BAARACARIHO .BURYA NDADAYE IGIHE YAPFA NTIBARI BAZI KO BANDANDAYE DUHAGAZE BWUMA. NUBU RINDIRA GATO.

  • tuzobandanya tumwibuka jeneral wacu ariko rero ndatangazwa nikijuju ciyita ngo justice kuribose,kwavugango niba dukunda adorphe,ngo nitumusubiz ubuzima ,sogokuruza wanyoko nasogokuruza waso kobapfuye kutarabasubizubuzima ,warabanka?canke niwewe wabishe ,vibuzimu ujibuntu iciyunviro ciza nicocubaka kukabukunda bose bapfuye ntiwabazuye ncuti yanje zimuruka

  • ahubwo murareka ku mwibuka hanyuma mu mukurikire niho mwomwibuka mumubana.

  • Ni muze twambaze uhoraho bigishoboka kuko iyo nzira ni rwacu twese ariko hahirwa uwuzokwihangana agashitsa kwiherezo uyo niwe azokizwa ingo twihane rero IMANA iduharire ikize nigihugu kugira turye ivyiza vyaco

  • ntakintu kibabaza nko kubona abantu bazima bajya kwibuka umuntu wikijuju nka Adolph uwo we ubanza na shitani atazamwakira

  • Igiti kimenyekanira kuvyo camye,Adrphe nawe,abomugiriringendo ntibari bamuzi.abamuzi nabo ya bagizipfuvyi nabapfakazi. abamuzi baramuzi kubibi yakoze ahubwo kibabaje nuko aruhutse adasavyimbabazi Imana na boyahekuye kuko ahagiye sihezaa. ikitangaza nukomushuhimite mubabazwa nuwutashe twese niho turindiriye ntawuzorusimba.twige gukorivyiza gusa nivyobishimishije.

  • Ni vyiza kweli ni baze baramwibuka niho abarundi tutomwibagira kuko yari intwari kweli.

  • Abarundi bamaze kugandagurwa bazira politike mu Gihugu ni umurengera. Sinzi rero ikizobihagarika kugira twumve ko dushobora kubana tuticana hagati yacu...

  • Jew Kubwanj Ndamusabirakumana, Imana,imwakir Nayo,abacimaza Nabo Kwarabantu Nibarek Uwuhoraho Ntarubanza,yadutumy Gucira,,abandi Rero Nbona Tworindira,uwuhoraho,akazodutunganiriza Kandi Ntawuzokuguruza Twese Tuzoshima.

  • Ko mbon’ umengo yibukwa na za mayibobo gusa se??? Any way ya shitani yindi nka Adolphe aho hakurya yakanyaru yarigeze kugira ati:" Iyo wigiz’imbwa, upha nkimbwa bagat’ ubucafu". Ego hariho byinshyi byiza Rudofu yakoze mugabo bageze aho bigir’ imisega biyibagizako mumyaka 13 barwanye ntanagacimbiri bagira byitwa ko bafashe. Kwibuka byo singorane kubera na hitler hari benshyi biyahuye eka mbere hari nabishe imiryango yabo yose mbere yuko bica ngo kuko batabon’ ukungen’ isi itarimo hitler na nazisme boshobora kuyibamo kandi sinibaza ko harih’ umuntu numw’ abakumbuye.... byaba byiza mwimeshye namwe mukamukurikira.

    Ntamarira ndiko ndasesa ngo nukoumuntu yigiz’umusega nakawe yaphuye. Mbe munyumvira ya Dayimoni ngo ni BIKOMAGU nya gukoma inyo ya nyinya, bazotangura kuyibuka ryari. Abakuzi babo byoba byiza mwimanitse twe ntamatonyanga turiko kuratakaza kuberayo madayimoni.

  • nitwironderere amahoro gusa tureke abobanye politike baguma badusamaza baduteranya kuberamadayabo.sha bene burundi nitugere urunani go kwiyamiriza amabi yubucani niho tuzosaga niterambere ridushwayomwo

  • Adorphe yakuriye hano i kigali ahitwa la fraicheur muri de bandit.nyuma yurupfu rwa ndadaye arukorewe na bikomagu yahise yinjira igisoda cyinyeshyanba nabankurunziza barajyana.uyu mugaboyarerewe muri kigali kuva arumwana nimwihangane gusa bagiye bica cyane none nabo barabihawe.

  • Mana ibukuburundi jijura abantu bamenye ikibi niciza baharanire amahoro gusumba inda ndende kuko amahoro yogaburirinda Mana turinde ubunebwe ni ishari uduhe gukundana nogkunda igihugu tubone kuburundi kuva bubaho mbwamye muntambara hageze rero kotubuha amahoro umvishurwaruka kutihenze mukuturema mubudasa bwacu ejo hazobe heza uri Imana ishoboye vyose ubituronse ivyo tugusavye Amen

  • Uwicishije Inkoho Nawe Niyo Imwica Uyo Mwicanyi Yamaze Abandi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.