IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abagirizwa ivyaha vyo mu ntambara bemerewe kwitoza

Abagirizwa ivyaha vyo mu ntambara bemerewe kwitoza

jeudi 4 Kigarama 2014

Itegeko rishasha ry’umurwi w’igihugu CENI ujejwe gutegura amatora rivuga ko abagirizwa ivyaha vyo mu ntambara n’ivyaha vy’agahomerabunwa bashobora kugumana ubudahangarwa, bagashobora n’ukwitoza, mu kurindira ko sentare idasanzwe ibacira urubanza.

Umugwi CENI ujejwe gutegura amatora ku rwego rw’igihugu wasohoye itegeko rishasha rihindura iryahahora ryari ryateweko umukono kuwa 5 Munyonyo 2014, rikaba rivuga ko abagirizwa ivyaha vyo mu ntambara hamwe n’ivyaha vy’agahomerabunwa bashobora kugumana ubudahangarwa, bakitoza mu bibanza bitandukanye vyo kurongora igihugu, mu gihe barindiriye ko sentare idasanzwe ibacira urubanza.

JPEG - 41.6 ko
Petero Karaveri Ndayicariye, umukuru w’umurwi CENI ujejwe gutegura amatora

Mu gihe uwoba yatowe yokwagirwa n’ivyaha akurikiranwako agacirwa urubanza n’iyo sentare idasanzwe, iryo tegeko rivuga ko bazoca bamukura mu mabanga yatowemwo, naho ikiringo ciwe kizoba kitararangira.


Egide Nduwimana

Messages

  • Aho babonye ko amatora atoba ibihangange bitarimwo aho ni nka Gwasa,Nyangoma,Sinduhije nabandi..nivyinshi bazohindura ko batanguye guhindgura.ibiba muburundi biteye isoni

  • abarundi muransetsa cane kabura Sinduhije nawe harivyaha vyomuntambara yagirizwa? niba uzotora aruko atashe uracafise vyishi vyogukora

  • je we ndabishigikiye muga iyo sentare inyaruke kugira ubugizi bwanabi bakor bugabanuke .

  • abagirizwa ubwicanyi ni benshi mu burundi cndd fdd iyobowe na PIERRE NKURUNZIZA,.fnl ya RWASA AGATO,NYANGOMA nabandi benshi...........muturkere twicire urubanaza wugomba kuturongora icyangombwa nuko mudahindura itegeko nshinga ry’u burundi

  • Ahooo kumbure Imana dada yacana Br bukava mumagume yigihe kinini none Ngo nu Ko Pier Ari se Burundi wewe Ko havugwa abandi nawe tuzi Ko yaciriwe urubanza.

  • nibareke bose bitoze atanumwe akumiriwe kuko abarundi twebwe twaramaze kubabariranira ubu dufatanye munda dusangira akabisi nagahiye ahubgo abavuga ngo ivyaha vyagahomera bunwa vyo muntambara badukora munkovu bagatuma twiyumvira akahise.

  • HEHEHEHEHE HIHIHIHIHIHIII IRYOTEGEKO RIJE GUCURA ZANTOZO ZIKUGA ZIRI MUSI YURUTARA KUGIRA ZIKUGIRE AHABONA KANDI MUGIHUGU.

  • Abarundi turatwenza kweli. Ubu koko iyo umuntu aravye ingorane afise yosanga abo bantu muriko muvuga bozibamarira? Turibagira yuko tuba kwisi yuzuye ivyaha kandi dutegerezwa kubaho tubize akuya, kandi none ntabategerezwa kungana kuko naho tuzoguma dukoma induru ntakizohinduka kuko tutaramenya ingorane nyamukuru dufise. Uwaduhenze nuwo wese atubwira yuko yohindura ibintu kandi twese tuzinanyi.None karashize ingani twibagireko akanwa k’abanyepolitike kavuga amajambo asosa iyo himirije amatora.Ikimbabaza niko tuzi ibibanza vya politike ari bike mugabo abatigita bakaba injonjo.Ingorane rero si abadutwara ahubwo abarundi dusigaye twarijajaye ngo dutegerezwa kuja muvyicaro vya politike.

  • rwarakabije,rwarakabije weee!!wa nkotanyi we ivyo uvuga uwokujana irwanda iwanyu wobivugirayo uriko uca urubanza n’ababijejwe babanje kubangira!ese umutima mubi n’inzigo idacika yanyu,mwama mugomba gukokeza gusa amacakubiri yanyu,twarabahinyuye.mbega barya uvuze,n’abo nyagasani y’i rwanda yakweretse canke kagame yagutumyeko nka ba ba pasteri?Reka kwisuka muvyo ABARUNDI! wewe nta ntererano tugusavye,genda uterere i rwanda,uhagararire iryotegeko"nshinga" ryanyuABARUNDI,mwihanganire imvugo za banyarwanda bamwe-bamwe,abo bapoliticiers nabo,nibumvikane .Cane-cane,bibuke gushira imbere "ISUMBA VYOSE",démocratie,n’agateka ka kiremwa muntu.

  • Abarundi turacari kure nkukwezi ni hehe vyabonetse uwagijwe icaha naho yoba ataracibwa urubanza yitoza? Birateye isoni ni agahoberabunwa. Abarundi tuzotera imbere ryari ko dutera tuja inyuma nk’ibirenge. Gerageza mwisubireko abakuru murateye isoni.
    Mbega muribagiye ko ibiba vyose amakungu abibona. Murakenyeye mwisamburireko.

  • Abarundi twibagiye uwadushikanye ahatugeze ko ari Nyangoma Leonard yemeye guheba ubushikirangaji yemera kurara rubunda kugirango kwicwa nk’impene bihagarare ariko no kugira ngo bamwibuke no mugihe twahimbaza imyaka 50 ntibigeze bamucisha no mukanwa, ubu bamushiburiye kure. Jewe rero mbona ko ubutungane bwukuri buri mwijuru. N’aho se Barundi yama atubwira ijambo ry’Imana aratubesha. Nagendere ukuri niho ijambo ry’Imana rizoba muriwe hako turyumva k’umunwa

  • Ubu naho "ndayicariye" ati n’abagirizwa ivyaha vyo mu ntambara bazitoza??????? !!!!
    none ga yemwe barundi bavukanyi, ko mbona tuguma dutwagwa n’abakoze amaraso, tukaguma tubakingira ikibaba, none iki gihugu kizokizwa na nde? Ryari? Gute? Burya rero, ni dufukame dusenge, IMANA RUGIRAVYOSE izodutunganiriza. Nta giturire irya, kandi ntawe irenganya. Karashize ingani iki gihugu kibe ikirimbiro ry’abicanyi gusa? Kandi hari abarundi bizwi neza ko batigeze bakora amaraso???? Cfr la chanson : "KUKO IMANA NTISHAKA YUKO UBU BURUNDI BUHINDUKA IKIBUGA C’AMADAYIMONI IRADUKUNDA..." j’aime bcp cette chanson.

  • ewe nizigama joanne,biraboneka ko ataco uzi mu bijanye n’amategeko: uwiketsweko icaha naho boba bariko bamugirako amatohoza aba acitwa umwere gushika sentare ibifitiye ububasha imuciriye urubanza icaha kikamwagira.

  • nizigama joanne,biraboneka ko ataco uzi mubijanye n’amategeko. uwikekwako icaha naho yoba yahagaritswe ku mvo z’amatohoza aguma ari umwere gushika sentare ibifitiye ububasha imuciriye urubanza icaha kikamwagira.ushatse uzobibaze abo woba uzi ko bize amategeko.

  • Emwe muburundi niho tutazokir’ubukene!!! twama dutwarwa nabicanyi gusa.

  • kubera amatora yamaze kwibwa kubera indanga muntu nimutake amakungu barondere irangi rifudika haheze 3days umuntu agiye gutoraari kozamwo urutoke kugira ntaje ahandi gutora nutwuma dupima Iiryo rangi umuntu yinjiye gutora bakamupima nako kuma yaryisize naho yogerageza kurifuta karazwira vyotwara make cane mutake amakungu abahe nubundi buryo uburyo nibwishi bwuko umuntu atotora kabiri

  • Bishitse Akaja Kuntebe Y’umukuru W’igihugu Wumva Atariho Nyabuna Hoba Hageze Kwamara Abantu. Murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.