Abakuru b’ibihugu barungitswe n’ubumwe bwa Afrika bose bari i Bujumbura

Yanditswe na IGIHE
Kuya 25 Ruhuhuma 2016 saa 10:28
Yasomwe : 111789
0 0

Umukuru w’igihugu wa Afrika y’epfo, Jacob ZUMA, ari nawe arongoye umurwi w’abakuru b’ibihugu batanu bagize umurwi udasanzwe w’intumwa z’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, yashitse i Bujumbura mu gatondo ko kuri uwu wa kane. Bose abarungitswe n’ubumwe bwa Afrika bakaba bari i Bujumbura.
Abaje bose hamwe ni Jacob ZUMA umukuru w’igihugu wa Afrika y’epfo, umukuru w’igihugu wa Mauritania Mohamed Ould Abdel Aziz, umukuru w’igihugu wa Senegal Macky Sall, umukuru w’igihugu wa Gabon Ali Bongo Ondimba, hamwe (...)

Umukuru w’igihugu wa Afrika y’epfo, Jacob ZUMA, ari nawe arongoye umurwi w’abakuru b’ibihugu batanu bagize umurwi udasanzwe w’intumwa z’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, yashitse i Bujumbura mu gatondo ko kuri uwu wa kane. Bose abarungitswe n’ubumwe bwa Afrika bakaba bari i Bujumbura.

Abaje bose hamwe ni Jacob ZUMA umukuru w’igihugu wa Afrika y’epfo, umukuru w’igihugu wa Mauritania Mohamed Ould Abdel Aziz, umukuru w’igihugu wa Senegal Macky Sall, umukuru w’igihugu wa Gabon Ali Bongo Ondimba, hamwe n’umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia Hailemariam Desalegn.

Uko ari batanu barungitswe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika kugira bafashe mu gutorera inyishu ibibazo vya poritike biri mu Burundi, bigatuma abantu babandanya kugandagurwa. Bakaba baje kuvugana n’impande zose ingene ibiganiro vyosubira gutangura.

Abo bakuru b’ibihugu baje bakurikira urugendo Ban Ki-Moon umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yaheruka kugira mu Burundi. Muri urwo rugendo, inyuma y’umubonano yagiranye n’abaserukira Reta hamwe n’abaserukira imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi, umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yamereye Ban Ki-Moon umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ibiganiro bihuza bose.


Kumenyekanisha

1
Nkeshimana Medaster 3-03-2016 à 08:34

Ahubwo Imana Ifashe Nyakubahwa Nkurunziza Kugira Ahangane Nuwo Wese Yorota Adusubiza Muntambara Ngo Nuko Abuze Ivyo Yipfuza Turashimiye Abo Bose Bitanga Kugira Uburundi Ntibusubire Mukaga

2
Bacemwo 26-02-2016 à 14:50

Ibi bavyita ibimenyetso vy’ibihe. Abari n’amaso ni babone, abari n’amatwi nabo nibunve.kandi baca umugani ngo uwo uja gusiga uramurorera, kandi ngo uruja kwica imbwa ruyiziba amatwi

3
innocent divine. 26-02-2016 à 13:14

yemwe jew ndabona,inteko zitaje turahonye.kuko kumus kumusi abajene baguma bapfa.jew ndabona abo bakuru bariko barasesagura itike.

4
Me 26-02-2016 à 04:41

Nibaze ariko uwomugabo ntakuri kuri muriwe, ivyo aza kubemerera ntanakimwe azoshira mungiro. harahantu nasonye mugitabo kimwe havugango umuhusha tunga ahusha umugore,Nkurunziza peter nawe yabuze itunga nyamahoro,kuko yabuze abamuhanura bamwegereye. muvyo rero abobashitsi biteka batugendeye bazakumubwira biza gusigara harya kwiryantebe yi cayeko, aboyita abahanuzi biwe baca bamwijiramwo bati ntiwemere. namwe muravyibonera ivyo yivugiye arikumwe nirya ntumwa mpuzamakungu ONU,mumwanya mutoya umushitsi ahavuye, ya ciye yitangariza ivyiwe hamwe nabahanuzi biwe ivyo bikuriye muvyiyumviro vyabo, abakera barayamaze ngo ntawabaye nya bwa aba nyanka. baratunga ubuntu burihabwa, uwigizigikutsi ayorumwavu.

5
habimana batazira kavuyo 26-02-2016 à 00:48

Nivyiza cane ko amakungu atanguye kwishikira mu burundi nibaze ko bazobwira nabasigaye uko ibintu vyifashe.

6
Havugimana 25-02-2016 à 20:49

Icipfuzo canje nuko abo bakuru b’Ibihugu baje kugenderera Nkurunziza bosiga basavye abarundi bose bahunze gutahuka, kuko ata honyabwoko ry’abatutsi basanze mu Burundi, hanyuma bongere basabe ko ibiganiro vyonyarutswa kuko nta kuguma hategwa grenades mu masoko n’ububari bidahonyozwamwo ikirenge ca Nkurunziza, c’est vraiment archaique comme solution de la crise politique en cours. Il faut que les burundais évoluent avec le temps, kuko ubwicanyi muri politique buhamagara ubundi kandi si bwiza namba mu basangiye Igihugu. Vyiza rero nukwitwara nk’abantu civilisés, tukamenya gusonera uwo tutiyumvira kumwe muri politique twibuka na cane cane ko umunyagihugu yipfuza igihe cose gutwagwa mu mahoro. Tubandanye rero duterera ivyiyumviro vyubaka abarundi n’Uburundi tureke kwisenyerako nk’impene.

7
Hassani 25-02-2016 à 20:33

Imana indufashe kuko amarira abantu barimwo iyaduhoze kuko niyo ishoboye vyose kandi vyose bizohera ntamvura igwa ngo ireke guhita

8
Biguvu 25-02-2016 à 20:26

Ivyonibiki.!

9
Navuga 25-02-2016 à 20:17

Ewe Nkurunziza n’uko hari ivyo udategera wari gusoma muri izo ngendo zoooose ico zisigura harimwo ingwano y’amadini wewe nyene watanguje mu kwinjiza Uburundi mu ngwano y’amadini. Abo bakuru b’ibihugu bose baje ni aba framacons,ubu harimwo ingwano y’ama loges: convictions philosophiques. Ndavuga simvura.

10
Delphin 25-02-2016 à 19:39

Mbe Ko Mutatumenyesha Ibisabwa Nibiki Kugira Bakwandike Mubahiganwa

11
Let 25-02-2016 à 19:26

Seulement Dieux! A La Résolution.

12
casimil 25-02-2016 à 19:17

karibuni kwa inci yaburundi mungu awabarikiye

13
FELIX MUHIRE 25-02-2016 à 18:14

Aba bantu bandika batukana, bagatuka n’umukuru w’igihugu, bagahindukira bakavuga ngo Imana, bari bakwiye kwumva ko Imana yamaz kwerekana uruhande irimwo. Nta kuganza kutava ku Mana, kuko ukuriho kwazanywe n’Imana (Abaroma 13: 1). Niyo iganza ubwami bw’abantu, ikabwimikamwo uwo ishaka wese (Daniyeli 5: 21). Uwo muntu yitwa Iribuka, avuga ko amerewe neza ku buryo vyoduter’ishari, ni yigumire iyo amerewe neza areke kutuvuruga. Abo aturatira ba Pacific na ba Vitali ngo bazururuka indege n’agateka, yibagiye ko abarundi twese tuzi ko amaraso aseseka ategwa n’akaguma badusutsemwo. Ako gateka bahabwa no kugwiza imivyimba muri Bujumbura, no kugurisha igihugu ku Babiligi, twe ntako dushaka. Mbe burya ngo Pacific na Vital bashaka kuzoba abaperezida? Shaka muzane na Sinduhije, mushireko na Cimpaye, nayo Nyangoma we ni Nyangoma nyene. Mwebwe ayo majwi yo gutegeka igihugu mwoyakura hehe vraiment? Erega uko mukomeza kudutera akajagari, niko mutakaza icizere no mu banyabujumbura mwabeshe! Igihugu kizotegekwa n’abo Imana yagiteguriye " Les chiens aboient, la caravane passe". Amaraso y’abantu arahuma, muzotaha mubundabunda canke muher’iyo, nayo amaronko mwashatse, muzoyaronka ariko Gehinomu murareha!

14
Havugimana 25-02-2016 à 17:48

Icipfuzo canje nuko abo bakuru b’Ibihugu baje kugenderera Nkurunziza bosiga basavye abarundi bose bahunze guhunguka, kuko ata honyabwoko ry’abatutsi basanze mu Burundi, hanyuma bongere basabe ko ibiganiro vyonyarutswa kuko nta kuguma hategwa grenades mu masoko n’ububari bidahonyozwamwo ikirenge ca Nkurunziza, c’est vraiment archaique comme solution de la crise politique en cours. Il faut que les burundais évoluent avec le temps, kuko ubwicanyi muri politique buhamagara ubundi kandi si bwiza namba mu basangiye Igihugu. Vyiza rero nukwitwara nk’abantu civilisés, tukamenya gusonera uwo tutiyumvira kumwe muri politique twibuka na cane cane ko UMUNYAGIHUGU yipfuza igihe cose gutwagwa mu mahoro. Tubandanye rero duterera ivyiyumviro vyubaka abarundi n’Uburundi, tureke kwisenyerako k’impene.

15
Rukundanyamayimpene 25-02-2016 à 16:49

Ego nibaze batugire inama U Burundi bwogorore. Eka abo bose bapfa ubutegetsi babugabangane maze umunyagihugu mutomuto aronke amahoro.

16
DRONGO 25-02-2016 à 16:24

ego karibu iwacumuburundi

17
amini 25-02-2016 à 16:21

jew ndibaza ko haricobashitse?Banyakubahwa twebwe banyarucari nitwe tuhasinzikarira,kuk abohejuru ubukene dufise ntibabiraba,ugasanga nuwuriko ahiga ubuzima yagirango agiye muri ville ntaha kand yaragy gusuma utwarara ahaye uryango.

18
INTAGOHEKA 25-02-2016 à 16:03

WEWE WIYITA IRIBUKA NZOKWAMA NDAGUTWENGA KUKO UBWENG UFISE BUNGANA NUBWINGURUBE KUKO WAMA URIKUVUG AYAMUHE ME WIBUKE WAMUGANI NYENICUBAHIRO YABABWIRA LE CHIEN BOIS ME LES CARNAVALES AVANCE.NONE NAMWE MUSIGAYE MUMEZE NKATWIMUJERI INKONA NTIYARUZWA KIRAZIRA

19
INTAGOHEKA 25-02-2016 à 16:01

WEWE WIYITA IRIBUKA NZOKWAMA NDAGUTWENGA KUKO UBWENG UFISE BUNGANA NUBWINGURUBE KUKO WAMA URIKUVUG AYAMUHE ME WIBUKE WAMUGANI NYENICUBAHIRO YABABWIRA LE CHIEN BOIS ME LES CARNAVALES AVANCE.NONE NAMWE MUSIGAYE MUMEZE NKATWIMUJERI INKONA NTIYARUZWA KIRAZIRA

20
Uwizeyimana Severin 25-02-2016 à 15:42

Nibagerageze Ahandi Hoho Ivyo Muburundi Vyayoberanye

1 | 2

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha