Inama y’abakuru b’ibihugu biri muri CIRGL yungururijwe isango

Yanditswe na IGIHE
Kuya 12 février 2016 saa 08:48
Yasomwe : 28305
0 0

Inama igira gatandatu y’abakuru b’ibihugu n’ama Reta biri mw’ishirahamwe ry’akarere k’ibiyaga binini (Conférence internationale sur la région des Grands lacs) yari itegekanijwe kuba kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 12 Ruhuhuma 2016, ntiyabaye, impamvu akaba ari kubera igitigiri c’abategerezwa kuyitaba kitakwiye. Iyo nama yaciye yungururizwa ku kwezi kwa Ntwarante.
Muri iyo nama y’abakuru b’ibihugu yari kubera i Luanda mu gihugu ca Angola itumweko ku butumire bwa José Eduardo Dos Santos, umukuru (...)

Inama igira gatandatu y’abakuru b’ibihugu n’ama Reta biri mw’ishirahamwe ry’akarere k’ibiyaga binini (Conférence internationale sur la région des Grands lacs) yari itegekanijwe kuba kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 12 Ruhuhuma 2016, ntiyabaye, impamvu akaba ari kubera igitigiri c’abategerezwa kuyitaba kitakwiye. Iyo nama yaciye yungururizwa ku kwezi kwa Ntwarante.

Muri iyo nama y’abakuru b’ibihugu yari kubera i Luanda mu gihugu ca Angola itumweko ku butumire bwa José Eduardo Dos Santos, umukuru w’ico gihugu, akaba ari nawe arongoye ishirahamwe ry’akarere k’ibiyaga binini (Conférence internationale sur la région des Grands lacs), bari kwigira hamwe umutekano mu bihugu biwukenye n’Uburundi budasigaye inyuma, hamwe n’ingene amasezerano yateweko umukono yokwihutirwa gushirwa mu ngiro.

Bari kurabira hamwe kandi ibijanye n’usubirizwa ry’umunyamabanga nshingwabikorwa w’ishirahamwe ry’akarere k’ibiyaga binini (Conférence internationale sur la région des Grands lacs), mu gihe uwahora muri ico kibanza aheruka gusozera ikiringo ciwe.

Uburundi bwari bwaserukiwe na Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.


Kumenyekanisha

1
mugisha (hutsi) 14-02-2016 à 07:29

gabliel tahuka ureke kunangiriza umutima muburundi na mahoro,guhunga nibisanzwe uriyizira mugihe uzi kwataco wiyagiriza,

2
mugisha (hutsi) 14-02-2016 à 07:26

gabliel tahuka ureke kunangiriza umutima muburundi na mahoro,guhunga nibisanzwe uriyizira mugihe uzi kwataco wiyagiriza,

3
INTAGOHEKA 13-02-2016 à 17:42

EWE GABRIEL SHA MUKIJA MWIBARABARA MUTURIRAMAPINE NABANTU AMAZU NIMIDUGA HANYUMA KUDETA MUTAMBIRA KURIBURENDE NGO MWAYIMESHE BIRANKA MUCA MURAHUNGA MUGABO MURARABA MUSABIKIGO INKONA NTIYARUZWA KANDI NTIGIRINZIGO

4
INTAGOHEKA 13-02-2016 à 06:59

AMAFARANGA BARIGUKORESHA MURIYONAMA NIBAYAFASHISHIMPUNZI ZIGOREWE MUMAKAMBI YIMAHAMA NAHANDI

5
Gabriel 13-02-2016 à 05:17

Abarundi Dusa Nabafise Umwaku

Inama Nkizo Nizozotuzaniye Amahoro Natwe Tugataha Tukicara Mugihugu Cacu Nkabandi.

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha