Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abamenyeshamakuru bahamagarirwa gukorera mu runani mu matora - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abamenyeshamakuru bahamagarirwa gukorera mu runani mu matora

Abamenyeshamakuru bahamagarirwa gukorera mu runani mu matora

jeudi 29 Nzero 2015

Uruhara rw’abamenyeshamakuru ni ntangere mu bihe vy’amatora kuko aribo bashikana imigambi hamwe n’ibijanye n’abitoza mu banyagihugu batora. Abamenyeshamakuru basabwa kuzokorera mu runani, batange amakuru yizewe, kuko ariyo azotuma igihugu kitarwa mu ntambara inyuma y’amatora.

Mu rukurikirane rw’ibikorwa vy’ukwitegurira amatora yimirije mu Burundi mu mwaka w’2015 vyatangujwe n’ishirahamwe ry’umuryango wa Afrika y’ubuseruko, hamwe n’ishirahamwe COMESA (Common Market for Eastern and Southern Africa), hatunganijwe kuva kuri uwu wa kane ibiganiro bihuza abamenyeshamakuru bo mu Burundi n’abo mu bindi bihugu bigize iyo miryango ibiri. Muri ivyo biganiro, barabira hamwe uruhara rw’abamenyeshamakuru imbere y’amatoramu matora nyezina hamwe n’inyuma y’amatora, kugira igihugu kivuye mu matora ntikije mu ntambara, ahubwo kironke iterambere rirama.

Thomas NZEYIMANA, icariho c’umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, ari nawe yuguruye ivyo biganiro, yamenyesheje ko ibihugu vyinshi vyo muri Afrika vyinjira mu matora n’ubwoba hamwe n’umwiheburo, bivuye kuri kahise kabi kerekana ko amatora akurikirana n’ihungabana ry’umutekano. Thomas NZEYIMANA avuga ko naho biri uko, Uburundi bwateye intambwe mu bijanye n’ugushikiriza ivyiyumviro, biciye mu bitangazamakuru. Thomas NZEYIMANA agasaba ariko ko ubwo bwigenge mu gushikiriza ivyiyumviro bwojana n’ukwubahiriza amategeko n’akarangamutima k’umwuga w’ukumenyeshamakuru.

Abahinga bagiye baratanga ibiganiro bagarutse ku bwigenge butegerezwa guhabwa abamenyeshamakuru, kugira bashobore kurangura umwuga wabo badaterwa ubwoba, aho bakaba banegura ipfungwa rya Bob Rugurika, umuyobozi wa RPA apfunzwe azira umwuga wiwe.

William Tayebwa, umwe mubatanze ivyigwa akaba yashikirije ko mu matora iyo abamenyeshamakuru badashikirije ibitagenda neza, n’abanyagihugu bagahabwa ijambo, ico gihe amahoro aba abangamiwe, kuko abo banyagihugu bataba bagifise aho bavugira baca bironderera ubundi buryo bw’ugushikiriza ivyiyumviro vyabo. Abamenyeshamakuru bakaba basabwe kuzokorera hamwe mu runani mu matora, kuko bituma inkuru zitosorwa neza, bose bakazihurizako, zigashikira abanyagihugu zifise akanovera.

JPEG - 42.3 ko
Bamwe mu bamenyeshamakuru bari muri ivyo biganiro

Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.