IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abamenyeshamakuru barafasha kubungabunga umutekano

Abamenyeshamakuru barafasha kubungabunga umutekano

mercredi 16 Gitugutu 2013

Umugambi DSS (Dévéloppement du Secteur de Sécurité) watunganije inyigisho ku ruhara n’ubushobozi bw’abamenyeshamakuru mu kubungabunga umutekano. Izo nyigisho zatanguye kuri uno munsi kuwa gatatu, zikaba zizosozerwa ku munsi wa gatanu.

Umunyamabanga ntayegayezwa w’inama nkuru y’umutekano, Prime Ngowenubusa, mw’ijambo ryo gutanguza ibikorwa vy’iyo nama yamenyesheje ko abamenyeshamakuru na Leta bakwiye gukorera hamwe kuko uruhara rwabo ari ntangere. Prime Ngowenubusa yasavye abamenyeshamakuru kwitwararika kudatanga amakuru yosa n’ayahungabanya umutekano.

Uwuserukira Pays Bas mu Burundi, ari naco gihugu gifata mu mugongo ibikorwa vy’umugambi DSS ( Dévéloppement du Secteur de Sécurité), nawe nyene yagarutse ku kamaro k’abamenyeshamakuru mu gutsimbataza umutekano, ari naco gituma Leta ikwiye gukorana nabo, igashira ahabona imigambi ijanye no kubungabunga umutekano, ikongera ikarwiza guhanahana amakuru, ku buryo n’abanyagihugu bamenya ivyo Leta iriko irakora, na cane cane ko n’amafaranga iba iriko irakoresha aba ari ay’abanyagihugu kuko ava mw’ikori ryabo.

Ariko naho abafashe amajambo bose bagarutse ku ruhara rw’abamenyeshamakuru, Oppewal Jolke Folkert aserukira igihugu ca Pays Bas mu Burundi nawe nyene ararajwe ishinga n’itegeko rigenga umwuga wo kumenyeshamakuru Leta iheruka kwemeza. Mu gihe ibihugu bitari bike na Pays Bas kirimwo vyiyamirije iryo tegeko risa n’irije kwaka ubwigenge abamenyeshamakuru, Oppewal Jolke Folkert asaba Leta kuzokwitondera ishirwa mu ngiro ry’iryo tegeko nk’uko nayo nyene yavyiyemereye.

Tubibutse ko mu runani rw’abamenyeshamakuru UBJ (Union Burudaise des Journalistes) bamaze kwitwara muri sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro, urubanza rukaba ruzokwumvirizwa ubwa mbere kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 18 Gitugutu 2013. Sentare niyasanga ivyo mu runani rw’abamenyeshamakuru bavuga arivyo, umukuru w’igihugu azoca asubiza inyuma iryo tegeko kugira basubire kuryiga irigira kabiri.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.