Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abamenyeshamakuru basabwa kudahendwa n’abanyeporitike mu matora - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abamenyeshamakuru basabwa kudahendwa n’abanyeporitike mu matora

Abamenyeshamakuru basabwa kudahendwa n’abanyeporitike mu matora

mercredi 18 Ruhuhuma 2015

Mu ruganda rw’iminsi ibiri ruriko rurahuza abamenyeshamakuru b’abarundi ku bijanye n’agateka ka zina muntu n’amatora, abahinga batanze inyigisho bakaba bagaruka cane ku karangamutima ko kumenyesha amakuru.

Innocent Nsabimana, umuhinga mu gisata co kumenyesha amakuru yaje aserukira OPB (Observatoire de la Presse du Burundi), akaba yasavye abamenyeshamakuru bariko barakurikirana izo nyigisho zatanguye kuri uwu wa kabiri, ko bokora bisunze akarangamutima n’ubuntu bigenga umwuga, ntibahengamire aha canke hariya mu kurondera amakuru, muri iki gihe twegereje ibihe bikomeye vy’amatora.
Yasavye abamenyeshamakuru ko mu bihe vyo gukurikirana amatora yaba mu nteguro, mu matora nyezina canke inyuma y’amatora hose, ko bokwirinda gukoreshwa n’abanyeporitike, canke kuba abavugizi babo.

Avuga ko nko mu gihe c’amatora nyezina umumenyeshamakuru ashobora guhendwa n’umunyeporitike akanzwe n’igihagararo ciwe, aho uwo muhinga akavuga ko abamenyeshamakuru bokorana gusumba n’abari mu murwi w’igihugu ujejwe amatora gusa, mu bijanye no gushikiriza ibiharuro vyavuye mu matora. Innocent Nsabimana rero akibutsa ko abamenyeshamakuru bafise uruhara ntangere mu gutanga amakuru,no mu gutsimbataza amahoro, aho ijwi ryabo rishika kure. Asaba ko ivyagiye biraba aho bimwe mu binyamakuru vyagiye bihamagarira ubwicanyi n’ugukokeza intambara mu karere Uburundi buherereyemwo bitosubira kubera guhendwa no gusamara, canke gukoreshwa n’abanyeporitike ku nyungu zabo.

Eka n’abariko barakurikirana izo nyigisho,baremeza ko zije hageze, mu gihe bazi ko baraririwe n’akazi katoroshe ko kuzokurikirana ibihe vy’amatora mu Burundi. Urwo ruganda rero rukaba rwuguruwe na Tharcisse Nkezabahizi, umushikiranganji wo kumenyesha amakuru mu Burundi.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.