Accueil > Amakuru > u Burundi > Abamenyeshamakuru basabwa kudahengama mu gihe c’ amatora
Abamenyeshamakuru basabwa kudahengama mu gihe c’ amatora
jeudi 16 Ndamukiza 2015
Mu ruganda rwateguwe n’ishirahamwe "Dushirehamwe" ku bamenyeshamakuru batandukanye bakorera mu Burundi, abamenyeshamakuru basabwa kudahengama mu makuru batanga, na cane cane muri iki gihe hegereje amatora.

Urwo ruganda ruriko rubera mu kigo c’abamenyeshamakuru kuri uwu wa kane, rukaba rushimikiye mw’itegurwa ry’inkuru zidakumira mu gihe c’amatora. Muri urwo ruganda, abahinga batanze inyigisho bakaba basaba abamenyeshamakuru gukora bubahirije amategeko agenga umwuga w’abamenyeshamakuru n’ubuntu.
Innocent Nsabimana umwe mu batanze inyigisho, akaba yatanze uburorero bumwe bumwe aho usanga kenshi abamenyeshamakuru bakora basa n’aho begamiye mu migambwe, kandi ivyo bigashora kubakwegera.
Aho rero abamenyeshamakuru bakaba basabwa kudatanga na rimwe ibiharuro vy’ingereranyo vy’abitavye inama z’imigambwe mu gihe c’amatora, ahubwo nyabuna batange imigambi y’abo banyamigambwe, kuko abanyagihugu batora imigambi, badatora ibitigiri vy’abitavye izo nama z’imigambwe.
Abamenyeshamakuru bakaba bagiye baratanga uburorero bw’inkuru zagiye ziratangwa muri ubwo buryo na bimwe mu binyamakuru, mu matora yo mu mwaka w’2010 canke mu bindi bikorwa, aho izo nkuru zishobora guca zibagaragaza ko bafise aho bahengamiye, bimwe mu bicafuza abamenyeshamakuru.

Umushingamateka Catherine Mabobori ari mu mashirahamwe y’abakenyezi kandi akaba yigeze kuba umumenyeshamakuru, avuga ko n’uwutari umumenyeshamakuru, ashobora gutandukanya inkuru ikozwe neza, n’inkuru ikozwe nabi, yakozwe n’uwufise aho ahengamiye. Akavuga ko yaba abakorera amaradiyo canke abakorera imboneshakure zigenga canke iza Reta, bokwitondera cane inkuru bagira batange, bakayikora neza, baterekanye ko bahengamye. Uwukora ku mboneshakure yerekana amasanamu atariyo canke y’abantu bake kandi hari benshi, abo ku maradiyo nabo ugasanga bahengamye. "Abamenyeshamakuru bakora uko, bakora nabi, kandi biracapfuza."

Aristide Nizigire
Messages
16 Ndamukiza 2015, 14:23, par sek
nimubwire rpa irahenga ikavyerekana
16 Ndamukiza 2015, 17:00, par Nuwera
Usomye ibivyanditse ngagaha ucubonako mubundi hariho abantu bazi uko akazi kogutabgazamakuru gakorwa. Ariko kubera natwe abatari abamenyeshamakuru mwaduteyiteka mukavugako natwe dushobora kubona amahunyu kunkuru yakizwe numumenyeshamakuru rekandababwira akantu nkunze kubona nokwumva mubamenyeshamakuru bacu bongaha Burundi. Umva: Ugiraguti ukumva umutegetsi runaka arahaye inkuru abamenyeshamakuru yoguhumuriza canke yokwizeza abenegihugu, umumenyeshamakuru akavyandika canke akabivuga nkuko vyavuzwe, ariko mumpera akaca arondera akantu komurukahise kababaje akakaryamijaho! Ubwonyene akaba aratesheje agaciro inkuru yarihawe nuwomutegetsi canke akaba ateje abaribakurikiranye uvyuyo mutegetsi avuze kutavyitaho, ariko ukazosanga hariho abandi babahinkuru bakayandika bakayivuga nkuko yabibabwiye ntihagire icobongerako cokuyitesha agaciro urumvanyene ucubonako hariho ahahengamiye. Muvyukuri ikikiganiro cariciza.
25 Rusama 2017, 20:59, par Ndayihereje,vital
Jewe,ndi,numubabaro Kuko,abamenyeshamakuru,bakorera,muntara,twebwe,abanyagihugu,bomumisozi,ntitumenya Ahotubatorango Tubahe,inkuru?Nkakarorero,agateka,kumukenyezi,ahontumbereye Karatotezwa,cane Musitanteri,dufise Ntiyitaho Gutanga Amakuru Bihereramugiporisi Ishavutur4ta Kubajejwe,intwaro Mudufashije Iki?Akarorero Abakenyezi,basuka Amarike,kubagabo,hari,awuherukagusuka,bibiharage,ateruye Kuziko,aca,abisukamumugongo Wumugabo,arasha,ararangira?Twararindiriyeko,abatware,batanga Amakuru Nubu Umugore Arapfuzwe,umugabonawe Aboreyemubitaro Murumeza Gira Icomudufashije,muduhe,inimero Du,fone,tubahamagare,baze,batohoze,inyabune Niho Izoba,iriko,irakora Aha Isonga Ntayiriho Kuko Umwera Uhera Ibukuru Ugakwirahose Murakoze,kari Akababaro Kibiraho Dutumbereye,