IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abamenyeshamakuru batumweko kwiyandikisha

Abamenyeshamakuru batumweko kwiyandikisha

samedi 30 Ndamukiza 2016, par egide

Mu rwego rujejwe kugenzura itangazamakuru mu Burundi (CNC : Conseil National de la Communication) bamenyesha ko hagiye gutangwa ikarata iranga abamenyeshamakuru n’abahinga bakora uwo mwuga mu Burundi. CNC isaba ko abo bazohabwa iyo karata boja kwiyandikisha.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa gatanu, Gabriel BIHUMUGANI, icegera c’umukuru wa CNC akaba n’umuvugizi, yahamagariye abamenyeshamakuru yaba aba kera canke bashasha kuja kwiyandikisha muri CNC kugira bazohabwe ayo makarata abaranga.

Gabriel BIHUMUGANI yasiguye ko izo karata zizofasha abamenyeshamakuru kurangura umwuga wabo mu mutekano, hamwe n’ugushobora kuronka n’ukurondera amakuru ahariho hose, ku butaka bw’Uburundi.


IGIHE

Messages

  • barahendabashakakubamara

  • ico nico.mugabo ,murabe neza inyungu za bamwe bamwe. zirahitana ubuzima bw’inzirakarengane .3-eme mendat irababamara.

  • mundabire ko Rugurika na kirmvu ko barimwo kuko murazi ko arabicanyi

  • mukeneye.kubicamubabona twarabahinyuye. aba.dd.nabicanyigusa ntakandikazi.bashoboye

  • Ivyo Vyo Nibiki?Intwanzangabo Murazirembeje,ubu Naho Mugombe Mutandukire Abamenyeshamakuru Nabo?

  • Abobamenyesha makuru mwatunyeko mubavanyehe ? kotuzi hano muburundi atabamemyesha makuru bakiriho. nabariho mwarabomoye kugirango mukinde mugaramye mukugandagura abanyagihugu atacamira, na ya bitwa ngo ntibomowe nabo basigaye ari bikoreshwa vya Nkurunziza petero,yi koreshereza ukwa govye mukumushigikira mububisha bwiwe, mukumutangariza ibinyoma vyiwe.

  • UKO MUYATANGA KOSE TWIMUJERI NATWISINDUMUJA NTIMUZODUHE AYOMAKARATA IKINDI NACO ABAMENYESHAMAKURU BARARIKIYABENEGIHUHU KUJA MUMIGUMUKO NTIMUZOZIBAHE

  • UKO MUYATANGA KOSE TWIMUJERI NATWISINDUMUJA NTIMUZODUHE AYOMAKARATA IKINDI NACO ABAMENYESHAMAKURU BARARIKIYABENEGIHUHU KUJA MUMIGUMUKO NTIMUZOZIBAHE

  • Igorwego cnc Ko tuzi aricitaranwa Ko biziko arurwumugambwe cndd fdd ruratumako abamenyeshamakuru Ngo bifashiki mbehoho abobamenyeshamakuru bavahe Ko babomoye ikindi urwego rwirengagije nuko gushikubu igihugu atazego kigira none ivyo vyoshoboka gute mugihe igihugu atanzego gifise nihabanze haboneke inzego zirongora igihugu hama ibindi bizoza munyuma

  • QUELLE BETISE!!!!!!!!!none ubundi ho harumumenyeshamakuru atagira carte de service?yizehe?yakorerah? bamuraba ibintu bizanira akamaro abarundi kk aho bagez bararushe nizi politique zitabitayeho.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.