Accueil > Amakuru > u Burundi > Abamenyeshamakuru bo mu Burundi bandikiye Ban Ki Moon
Abamenyeshamakuru bo mu Burundi bandikiye Ban Ki Moon
mardi 16 Ruheshi 2015
Abamenyeshamakuru b’abarundi bandikiye ikete Umunyamabanga mukuru w’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, Ban Ki-Moon, bamumenyesheje ko ubwigenge bwo kumenyeshamakuru bwahonyanzwe na Reta.
Muri iryo kete,abamenyeshamakuru bamenyesha ko amaradiyo amwe yugaye,ayandi agasamburwa n’abo mu nzego za Reta,abanyamakuru bakabuzwa umutekano,kandi bagahunga,mu gihe hariko hategurwa amatora.
Abo bamenyeshamakuru bandikiye Ban Ki-Moon bamubwira ko hakenewe ko ibinyamakuru vyugawe vyugururwa, kuko arico cotuma amatora ateganijwe aba mu muco no mu bwigenge.
Iri kete abamenyeshamakuru bandikiye Umunyamabanga Mukuru wa ONU , ryarungikiwe kandi abakuru b’ibihugu vyo mu karere.

Amaradiyo amwe yaturiwe mw’ijoro ryo kuwa 13 Rusama rishira uwa 14 Rusama uyu mwaka.Muri Reta bavuga ko ayo maradiyo ashobora kwugururwa inyuama y’amatohoza ngo hamenyekane ababikoze n’igituma babikoze.
Messages
16 Ruheshi 2015, 13:18, par Don Tonny
Yoooh!erega bari baratevye,nibamubwire turabe ko twova muri kano gacerere kokubaho tutagira aho tuvugira ingorane zacu.
16 Ruheshi 2015, 13:19, par Don Tonny
Yoooh!erega bari baratevye,nibamubwire turabe ko twova muri kano gacerere kokubaho tutagira aho tuvugira ingorane zacu.
16 Ruheshi 2015, 13:52, par PEACE
NTAHO VYAKABAYE AHO AMA RADIO YUGARWA, BASHAKA BIC’ABANTU ATACAMIRA
16 Ruheshi 2015, 14:07, par Nyakuri
Amaradiyo Yaturiwe Na Pacifique Nininahazwe Amazimisi Aturirabantu Namapine,aturira Imiduga,ama Moto,nibindi Nkuko Mumyaka Ya 1995-1997 Yicishije Akongera Akica Abanyeshure Benshi Babahutu Mumashure Atari Make Yisumbuye Na Canecane Lycée Rutana Na Makamba.Kandi Murabo Baturiye Ayo Maradiyo Harimwo Raymond Nzimana Wo Muri RSF Bonesha,umumenyeshamakuru.Bitebe Bitebuke Bazobihanirwa.Nibareke Kubeshera Leta.
16 Ruheshi 2015, 14:08, par claver
Mbe none komwasizeho iphoto ya RPA gusa,iya REMA yo ntayo mufise?
16 Ruheshi 2015, 14:37, par cyriaque
ahubwo baribakwiye kujana ivyobirego ilahe muri sentare mpuzamakungu ikarengutsa abobicanyi bashaka kutumara atacamira. mugabo nivyo biramaze reka turindire inyishu.
16 Ruheshi 2015, 14:38, par cyriaque
ahubwo baribakwiye kujana ivyobirego ilahe muri sentare mpuzamakungu ikarengutsa abobicanyi bashaka kutumara atacamira. mugabo nivyo biramaze reka turindire inyishu.
16 Ruheshi 2015, 14:49
Yoooooooooo, ni ibihendwa abana!!!! Mbega amatohoza yoba ageze he? Ko ikibaye cose bavuga ngo amatohoza yatanguye, ntitwumve icayavuyemwo? Amatohoza yo mu Burundi turayamenyereye
16 Ruheshi 2015, 14:56, par kajondi aime
None ariko aba dd ntamutima bafise biyumvira ko haramatora yohaba namba bibaza ko bagifatishije umuheto nibatamero barekure vuba kukko umugambimubi bafise eokwicabantu atacamira namaradiyo yabivuga barayugaye bagiye gushengezwa vuba
16 Ruheshi 2015, 15:10, par Kirama
Kugira Ubusuma Bwamatora Bube Atacamira Pita Nakakagwikiwe Bategerezwa Kuguma Bugaye Amaradiyo Kugira Ivyaha Namanyanga Bakora Ntibimenyekane Emwe Tuzohakugwa Nimana Yomwijuru.
16 Ruheshi 2015, 15:10, par manimpa donatien
igikwiye gukorwa imbere ya vyose nuko ama radio yokwugururwa hama hakaba amatora yizewe nabose
16 Ruheshi 2015, 15:20, par Zachéé
Kwugara amaradiyo yigenga no kuyaturira, bashatse ko abanyagihugu babura aho bavugira akabari ku mutima, n’abanyepolitike batavuga rumwe babure aho bavugira imigambi yabo gurtyo abarundi tugume mu mwiza w’umuzimiza wo kutamenya ibiriko biragirirwa abacu, twicwe, dufungwe, twangazwe eka tugirirwe amabi yose atacamira. N’amadosiye amwe yari yarakozwe n’ivyo bimenyeshamakuru nk’idosiye y’ubwicanyi bw’ababikira mu kamenge vyose vyibagirane. Ikindi bashaka, ni uko ivyo bimenyeshamakuru vyinjira mu murongo wa leta wo gutangaza ivyo yo ishima ko bivugwa. amabi iriko iratugirira ntituyace n’ikanda. Ariko baribesha Imana isumba ingabo!
16 Ruheshi 2015, 16:02, par Bucumi
Amaradiyo niyugurugwe abarundi tumenye vyinshi bivugwa mugihugu abo nabo bavugango azugurugwa inyuma yamatora ngo bamenye abayaturiye vyahehe karibonyene bayaturiye. Amatora yoyo kuyoba nikashi ugira 2010 amaradiyo yose ntiyavuga? Indirimbo basohoye munyuma zabaye izihe,BACEMO NTIBABONA amakungu arageze aho atinya uburundi kubufatira ingingo?Erega Ban kimoon abarusiya bamuhaye gasopo kutivanga mubibera muburundi nicogituma murire muzosarara zitabaye inguvu za opposition emwe ndabarahiye!!!!!!
16 Ruheshi 2015, 16:43, par Niyongere Ismaëk
Natwe Turabashigikiye.Uwakoze Ivyo Baze Bamuhane Bisunze Amategeko
16 Ruheshi 2015, 16:48, par Irakoze
Hahaaa!!!R P A Ituguruwe Ntagishoboka Bashaka Kuyiba Amaradiyo Yugaye!!Sabe Imana Idufashe Bayugurure!!!Ahandi Ho Ntakibuza Bazoyiba Atacamira!! Ariko Ntibizoshoboka Twaramaze Kubahinyura Shaaaaa!!!!!!!
16 Ruheshi 2015, 17:07, par uwarivuze Alain sylain
Nimuze musa imana ifashe uburundi kuko ningorane.
Ego sivyizako abakuru bibihugu bakwisuka cane ninguvu kuvya plolitique y’uburundi ariko bamenyeko biramutse biyangaye muburundi niwabo hatazotekana. Burya ntimubonako ukukuntu ibinyamakuru vyugawe n’amaradiyo kandi kugurugwa umengo numugani bifise intumbero yinyegeje kuvyerekeye amatora?
16 Ruheshi 2015, 17:07, par nduwimana
ntaho vyakaye ko abamenyesha makuru ba participa muri coup d’état.ahubwo ntibazusubire ufyina ahafyikiye.....kandi ntantambwe bazodutorana.
16 Ruheshi 2015, 18:14, par VITAL
JEWE NZOBAMBONA UBUTEGETSI MWEMERA NAMWEBWE MUTWAYE NIKO BOBAVUMA NTAWUSHIMWA NABOSE
16 Ruheshi 2015, 18:37
NAHIMANA
16 Ruheshi 2015, 19:14
NAHIMANA
16 Ruheshi 2015, 19:53, par Cyiyumviro
Mumubaze Uwajanye Blinde Guturira Radio Rema Fm Abaniriza R P A Sanganiro Nizindi Ajanye Nabari Kugumuka Abakuye Kumusaga Mwese Abamenyeshamakuru Mwaravyiboneye Kumasanamu Reta Ko Yari Yasenyuwe Yarikiha??
16 Ruheshi 2015, 21:28, par vuganeza
@nyakuri
jewe naravuzeko ayo maradio yaturiwe n’aba manifestants baturiye rema fm ,wewe ntubonako ari plans z’abatutsi kugira banke amatora?Pacifique na vitali ivyo vyose ni bo babikoze,nta radio leta ya dd iriko irabugururira,au contraire dusubize nyabina irya rema fm,ahubwo ikabikora noyigaya,abafise ivyo mushaka kuvuga ja kuri RTNB natwe twarayumviriza kantungane ariko aratwicisha,
16 Ruheshi 2015, 22:30, par Schwarzenegger
Mwabamenyeshamakurumwe komukomeje kwirengagiza umwansi wanyu uwariwe muzokwama muribitazi forever, umvandababwire cankendabibutse uryamuntu yaje akabagerekerako imbunda akabakoresha kunguvu Nlngwarenganishe amatangazo avugayuko atembagaje president Nkurunziza na reta wiwe muracamwibuka? Uryaniwe mwansi wanyu nabaribamushigikiye bose , nimbamutabizi ngomushobore nokubibwira umunyamabangamukuru wa ONU muri ibitazi numuganga muriko murabwira uburwayi mufise muzohavamwibazako atazi ivyubuvuzi kumbe nimwebwe mwiganye ingwara murwaye nabi.
17 Ruheshi 2015, 15:16, par Evariste MINANI
Burya, harigitangaza.Baryabose baribarindiriye igihugu c’uBdi?umurundi w’unomusi siwawundi womumwaka wa 1968,1972,1988,1993.Ico mwomenya:igiti ntikigukora mujisho2.Abanye Politique twarabahinyuye abo babahenda,ngogenda muteze imigumuko mugihugu,kugirabaronke uko basubiza kubutegetsi a(....)ntaryame ngwasinzire.Kuko Inkoni ikubiswe umukeba urayirenza urugo.kandi,ngozirisha mukike ziraririye mpanda.
17 Ruheshi 2015, 15:17, par Evariste MINANI
Burya, harigitangaza.Baryabose baribarindiriye igihugu c’uBdi?umurundi w’unomusi siwawundi womumwaka wa 1968,1972,1988,1993.Ico mwomenya:igiti ntikigukora mujisho2.Abanye Politique twarabahinyuye abo babahenda,ngogenda muteze imigumuko mugihugu,kugirabaronke uko basubiza kubutegetsi a(....)ntaryame ngwasinzire.Kuko Inkoni ikubiswe umukeba urayirenza urugo.kandi,ngozirisha mukike ziraririye mpanda.
18 Ruheshi 2015, 05:50, par fidelité
Abatutsi murarinda nukuli,ayo ma radio yaturiwe n’aba ba manifestants baturiye Reme FM,bari bitezeko coup d’etat ikunda ngo bace batanguza genocide y’abahutu bahereye ku mbonerakure,nibo bazituririye,ubu rero kubera vyabapfanye bashaka leta y’aba dd izibubakire nibabwire pacifique,vitali na kalavera n’abandi bazibubakire riko bareke gukoresha leta,mwaramenyereye kurya ivyo mutabiriye akuya pe!Par contre dusubize Rema FM yacu,murihe imiduga y’abahutu mwaturiye,amazu yacu mwaturiye,mushengeze abaturiye wa mwana w’umuhutu mw’i pine wo kwa gwasa ,abapolisi bishwe bari ku kazi kabo,muvure abahemye ivyo vyotsi vyo mu ma pine ubu bagwaye za cancer zo mu mahaha,atari uko na Bankimoon ntaco ashoboye,kinda musubire ntituzongera kubirrerako
19 Ruheshi 2015, 01:38, par 34
Twizey ko bikoranwa uk8zera,turindire ayo matohoza arik nibaze k atazomera nk ayo kur Ernest manirumva twarindiriye ntituronke ...Erega Uburundi ntah bwoshika ama radios arik araturirwa.Ni muje hamwe mugre ibiganiro bisengeye.
21 Ruheshi 2015, 05:20, par Ndabihaze Antoine
Ewe barundi n’uburundi!Turi ku kibazo nkoralutima c’umutekano n’amatora,npne uyu nawe azanye ivy’abahima n’abagore,an rungikira amakungu?