Accueil > Amakuru > u Burundi > « Bicwa babona, bagahambwa babona, abamenyeshamakuru bafotora (...)
« Bicwa babona, bagahambwa babona, abamenyeshamakuru bafotora »
mercredi 2 Ntwarante 2016, par
Abamenyeshamakuru mpuzamakungu bakoreye mu Burundi mu gihe c’imyiyerekano yatanguye kuwa 26 Ndamukiza 2015 bagirijwe ko bari bafise intumbero y’ugusenyura umugambwe CNDD-FDD n’Ubutegetsi buwukomokako. Abo bamenyeshamakuru basabiwe kwumvirizwa mu butungane bw’Uburundi.
Mw’itangazo ryasohowe n’umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi, bamenyesheje ko mu bimenyeshamakuru mpuzamakungu habaye ukwambika iceyi ubutegetsi bwagirijwe ko buriko buramara abantu. Muri CNDD FDD bavuga ko hari abamenyeshamakuru bo mu bimenyeshamakuru mpuzamakungu bimwe bimwe bigira ko bazi ubwenge, ko bafise ibikoresho, ubuhinga n’uburyo bukwiye, bavuze ko hariko harakorwa ihonyabwoko, kandi ko hari ibinogo bihambwemwo abantu benshi bishwe n’inzego z’umutekano, mbere hakaba hariho n’abemeje ko ibigendajuru vyerekanye amasanamu y’ahahambwe abantu ikivunga hashasha.
« Mbega abanyamakuru mvamakungu birigwa banyagara muri ayo makaritiye ya Mutakura, Jabe, Ngagara, Nyakabiga, Musaga, Cibitoke aho ntibazi neza ibinogo vyose bihambwemwo inzirakarengane zishwe zizira ubusa? Abo bahinga ba ONU mu vy’Agateka ka zina muntu bategerezwa kumenyesha Abarundi n’Amakungu abamenyeshamakuru mvamakungu bose baje gukorera muri ayo makaritiye y’abagumutsi kuva muri Rusama 2015 kuko birumvikana ko abicwa bicwa babona, bagahambwa babona, abamenyeshamakuru bafotora. »

Umugambwe CNDD-FDD umenyesha ko wagumye ubibeshuza, bati : none biragaragaye ko abo bamenyeshamakuru bambika iceyi inzego zijejwe umutekano mu makungu. Mbega abo bamenyeshamakuru mvamakungu ko birigwa muri ayo makaritiye ko bari barabihoze kandi womengo bari babizi? Ubu rero, ikinogo co ku Mutakura ni icagirizo ku bansi b’Umugambwe CNDD-FDD na Reta yawo.
Umugambwe CNDD-FDD uvuga ko mu Burundi hari ibinogo vyinshi bihambwemwo abantu benshi kuva kera ariko amakungu ntiyigeze ahaguruka ngo afashe kurondera aho ivyo binogo biri. Umugambwe CNDD-FDD wasavye ushimitse ko amakungu yofasha kugira ukuri kuje ahabona. Usavye kandi abantu bose boba bazi ahari ibinogo bihambwemwo abantu benshi kuvyerekana.
IGIHE
Messages
2 Ntwarante 2016, 12:43, par Rosa kamakazi
gelase nukuri umuntu agukunda yogusaba kunama.
2 Ntwarante 2016, 13:12, par Rusakumba
Ntibagende kure Nyakubahwa Gelase, nibabanze baje harya must BUTERERE, hari imodoka zitwa amabeni, niho zaseha abantu bakiri bazima bavanze n’ibiziga vy’Abahutu baja guhambwa babona. Ikimashini cabafurira babona cari ca Mairie. Kandi mubatwara ayo mabeni bamwe baracariho, bamwe n’Abanyekongo.
2 Ntwarante 2016, 13:59, par niyonzoza@gmail.com
En fait asigaye ari akamaramaza kuri ino si. Aho yataturiye (gutatura ni ukuvuga ibintu bitagira mvura) yarabuze umuntu n’umwe yomuhanura? Nabone ntibakundana kuko sinovuga ko bameze gutyo bose.
2 Ntwarante 2016, 14:12, par jimy
None kuva aho CDD FDD yagatwariye imyaka cumi n’umwe ko batari bwavuge ivyo binogo,ubu niho bibutse kubivuga?
2 Ntwarante 2016, 14:15, par nina
Ahubwo nibafatwe bacirirwe urubanza kuko babakingiy ikibaba bene wacu bakicwa bunyamaswa.
2 Ntwarante 2016, 14:45, par sharangabo
ndabirabe murabesha kababanye muzerakana ukuntu abantu bokwimba ikinogo impande y position naho nyene yabo kwa Darius
2 Ntwarante 2016, 14:57, par DEZOSI STARS
NTIMWIBAGIRE KUBURANISHA ABOKURI R.P.A
2 Ntwarante 2016, 15:54, par burundi
ewe mukama imana yakuremye!!!urabesha tu uzotinda ubibazwa imana irakubona
2 Ntwarante 2016, 16:05, par richo
babwire haraho bo kwunva
2 Ntwarante 2016, 16:18, par MUHUZA
babwire mutama ivyobikere vyomu makaritiy yimigumuko atakindi igamij ngwagomba abogoz nkurunziza naleta yiwe muzopfa mutabibony mwabikeremwe vyabatutsi meme 2020 tuzomwongera mushak mwinige nitugire cndd-fdd.
2 Ntwarante 2016, 17:05, par Batwenga
CNDD-FDD Ramba Komera! Yewe Bakinda Bicaye Bagaramye Birabasha; Turabandanya Ariko Amaso Yibikere Ntabuza Abavoma; Uwuvugira CNDD-FDD Niwe Muvugizi
2 Ntwarante 2016, 17:11, par None?
Ndagukundacane kuko iyuvuze ibintu ncansanga arivyonanje mbamaze imisi niyumvira. Muvyukuri najewe abobamenyeshamakuru mvamakungu kiryagihe cimigumuko nabona baguma banyurangana mwaryama karitiye yarikwaraberamwo imigumuko ariko naritegereza amabi abarimwiryamwigumuko bakora nkategereza ko abobamenyeshamakuru bayavuga nkabura nkumva barambabaje kukosinarinzi kobaje gufasha nogushigikira abarimwo barakora amabi mu Burundi . kamimura nigihe abagumutse batanguriye guturira abantu babona bakongera bakicisha urubozo umu polisikazi bagenda bamukwega mwibarabara yubitse inda Mana nahandabivuze numva ubwoba nikinya giciyekiza kubwivyo bakoreye uryamupolisikazi kubera yapfuye ababajwe bidasanzwe urazi kugukwega mwibarabara wubitse inda umubiri ukagenda usigara mwibarabara mbere kubera yarumugore nimwibase ububabare yagize kumabere . Ariko ivyovyose abobabamenyeshamakuru bagumabivugira ngo abapolisi ngobasiko barabangamira abiyamiriza ikiringo CAGATATU! Maze bamwebarimumigumuko bakacabakazanya mukwirukangana aba polisi babatera amabuye aba polisi bagaheza bakiruka ninkoho mumugongo kw’Isi nzima ntanahamwe harabapolisi bokwihanganira abanyagihugu nkuko abapolisi bi Burundi babikora, uwutavyemera nzobimwibutsa ahohazogira mukindigihugu abegihugu cabo bagumuka nkakurya vyabaye ngaha Burundi icobazokorerwa.
2 Ntwarante 2016, 17:45, par novati9@gmail.com
Komera mitama, semerera amakungu azoteba avyumve ayotwagowe Luca kera narindi
2 Ntwarante 2016, 20:40, par Sambura Ubaka
Ewe Mungu wanje! Muranka muzofatwa, ntamuntu yishe yigera aronka amahoro! Ko mutangura kwisigura ninde abibabajije? Guma hamwe, murindire bakore icabzanye nayo gutangura kuvuga aya muhe ngo bategerezwa gukora canke kuriya , vyihorere bobo barazi icabazanye. Ikindi, none namba kuva ker mu Burundi ahri ibinogo vyarusangi kandi bakaba batigeze batohoza, none mubabajwe nuko baje kuraba ivyo mwebwe mwabahamvyemwoivyabandi babahamvyemwo batabiravye? Namba muzi aho biri ca muherekana babaigireko navyo hanyuma intahe izokubite mugahanga inkozi z’ibibi zose!

3 Ntwarante 2016, 03:04, par M
Ahubwo abo DD F ntibakwije mumitwe ni barindire ntiharagera aho bazovuga nkimodoka ya tobotse shampuma. mbega ivyo bakora naza bonerakure bahereza ibirwanisho vyokumara abanyagihugu,nibarindire ukuri kuzoja ahabona.
3 Ntwarante 2016, 09:44, par Jonathan
Mbega ikigabo cigipfu uhenda Nkurunziza an bunyoni ariko amakugu na Burundi tuzi ko arizo terahamwe na nazambonerakuri mwategura makuri yokwizera nuko Nyamitwe yarondeye imisore ayiha amahera ngo izokwemere yuko barabagwanyi kandi bemere yuko bahoraga bagandagura abantu bashigikiye leta mugabo murihenda biraza kubagora amakuru amaze kumenyekana
3 Ntwarante 2016, 13:45, par alidi Hicuburundi
Mweebwe biburamutima vya cndd fdd mumenye ko imana ibona vyose muriko murakora.naho mwidedembesha mugiye kuriha imbere yimana mushimwe mumazekuvumwa nimana mwabinywamaraso.
3 Ntwarante 2016, 23:18, par Karizi
@ Alidi, cunga neza utwotunwa twawe.
4 Ntwarante 2016, 00:09, par Tarehe sita. Otafiire
@Jonathan. Iyo uvuze interahamwe uba uvuze umuhutu. Mu Rwanda kagame yatangihe genicide afatanyije na Twagiramungu wamukiniye politique. None muburundi kagame ari gukora na Nyangoma, leonce , Minani na Ntibantunganya. Gusa Imana ikunda uburundi bazumirwa.
4 Ntwarante 2016, 20:22, par Munyanziza Jpierre
Abarundi Bagomba Kureka Kwicana Kuko Satani Akubwira Gukora Icaha Akaguhisha Ingaruka Nimwizere Umu Cunguzi Yesu Christu Azabahumura Amaso Murebe Neza Ikibarwanya
4 Ntwarante 2016, 20:23, par Munyanziza Jpierre
Abarundi Bagomba Kureka Kwicana Kuko Satani Akubwira Gukora Icaha Akaguhisha Ingaruka Nimwizere Umu Cunguzi Yesu Christu Azabahumura Amaso Murebe Neza Ikibarwanya
4 Ntwarante 2016, 23:58, par Mutiganda
Ibinyamakuru byo muburayi byandika inkuru zimpimbano gusa. Kuburyo abaturage babo bameze nk’intama bumva ko igitangajwe mubinyamakuru aribyo. Kandi mubyukuri aro ibinyoma gusa . Iyo bandika bakurikiza umuronga wa politique wa leta yabo. Iyo umutegetsi wo muri africa abimye cg ari gutuma batiba zahabu , diyama baruhuka bamwishe.
6 Ntwarante 2016, 07:25, par Miruho
Izonkozi Zikibi Zoba Zirafatwa Canke?