IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abana 27 nibo bariko bafashwa na Fondation BUNTU gukurikirana ivyigwa mu (...)

Abana 27 nibo bariko bafashwa na Fondation BUNTU gukurikirana ivyigwa mu makungu

mercredi 18 Kigarama 2013

Mu rugendo Denise Nkurunziza arimwo mu gihugu ca Dubai aho yagiye kuronswa agashimwe kajanye n’ibikorwa arangura mu gihugu abicishije muri fontation BUNTU, yaragendeye Zayed Bin Sultan Al Nahyan Charitable and Humanitarian Foundation’’ ikigo cashinzwe mu mwaka w’1993 mu ntumbero yo gufasha abatishoboye i Dubai.

Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu Denise Nkurunziza akaba yarashimiye umuyobozi w’ico kigo cashinzwe n’umwami Zayed Bin Sultan Al Nahyan. Denise Nkurunziza akaba yaramenyesheje nawe ibikorwa arangura, harimwo gushigikira abana b’impfumvyi mu kubarihira amashure n’utundi twa nkenerwa. Abandanya avuga ko abanyeshure 27 b’impfuvyi, abigeme 19 n’abahungu indwi bariko barakurikirana ivyirwa vyabo vya kaminuza mu gihugu c’Ubuhindi, hakaba n’abandi 189 bariko barakurikirana inyigisho z’imyuga mu kigo c’igisha inyigisho ivy’itunganywa ry’amahoteri, ingenzi n’imico.

Umupfasoni w’umukuru w’igihugu c’Uburundi akaba avuga ko igikorwa co gufasha abatishoboye, impfuvyi, abapfakazi, impunzi n’abandi, abagenzi b’Uburundi baterera agacumu k’ubumwe muri ivyo bikorwa vyogushigikira abatakwo bifashe. Denise Nkurunziza ahejeje kugendera inyubakwa za fondation Zayed, akaba yamenyesheje ko anezerewe n’ibikorwa biteye igomwe vyaranguwe n’iyo fondation ndetse n’intambwe igezeko.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.