IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abana basaba ko agateka kabo kubahirizwa

Abana basaba ko agateka kabo kubahirizwa

mercredi 12 Ruheshi 2013

Kuri uyu wa 12 Ruheshi amakungu ariko arahimbaza umunsi wahariwe kurwanya ikoreshwa ry’abana ibikorwa biruhije. Uyu munsi rero no mu Burundi uriko urahimbazwa aho igihe c’isaha zine zo mu gatondo, muri komine Bwiza hatangura urugendo, aho abana batari bake bariko bariyamiriza iryo koreshwa.

Ivyo birori rero vyari vyitabwe n’abanyacubahiro batari bake aha twovuga abategetsi bo mu bushikiranganji bw’abakozi n’akazi, abari mu mashirahamwe mpuzamakungu nka UNICEF na CROIX ROUGE, eka kandi harimwo abana bo mu mashure amwe amwe yo mu gisagara ca Bujumbura, amashirahamwe atandukanye aharanira agateka k’abakozi bo mu mazu. Abana batari bake rero batubwiye uko baje i Bujumbura kurondera akazi, bamwe bakavuga ko batorohewe kuko bashikiye mu mabarabara, abandi nabo bavuga ko bamaze kuronka ubuzi, bahuye n’igorane zitandukanye, gufatwa nabi mu buzi harimwo gukubitwa, kwirukanwa batagira iyo baja, kurwara ntibavuzwe, kurazwa ubusa n’ibindi bitandukanye bibi bakorerwa.

Akarorero ni ak’umwana yitwa Derick akoreshwa akazi ko kuropora amabuye, umunsi wose ariko arakora, ahembwa amafaranga y’amarundi amajana atatu. Uyo mwana avuga ko ivyo abikora kubera ubukene abona mu muryango iwabo, avuga ko ubukene bwokora inzara bugata, none yahisemwo kuja gukorera n’ayo make kugira arabe ko yogira ico aterereye muhira iwabo.

Eka abana benshi bavuga ko bavuye iwabo kubera ubukene. Kanyange, umwigeme w’imyaka 15, avuga ko yaje i Bujumbura kurondera akazi kubera yari abonye inzu y’iwabo yari ibonetse kandi atawundi ari buyubake, ubu rero avuga ko afasha na batoya biwe kugire bashobore kubandanya biga. Ariko avuga ko ingorane zo zitabuze kuko bahohoterwa n’ababakoresha, asaba ko amategeko abagenga yobaho, bagakora bayazi.

Amashirahamwe rero atandukanye arwanira agateka k’abakozi avuga ko ubu bariko bararaba ukwo bokora bagatuza akageso abantu bamwe bamwe bafise ko gukoresha abakozi ntibabahembe canke ugasanga babakoreye ibindi vyaha biteye kubiri n’agateka ka zina muntu.

Muri Leta baratera ivyatsi abo bose bakorera ayo mabi abana, bakibutsa ko uwukora ivyo wese ataho aba ataniye n’inkozi y’ikibi, bagasaba abana nabo nyene kudata amashure ngo bariko bahurumbira ibisagara. Basaba abana kwiga na cane cane ko Leta yafashe ingingo nziza y’ukwigisha abana bose ku buntu.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.