IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abiga mu mashure ya Reta batanguye igice ca gatatu c’umwaka batazi umwimbu (...)

Abiga mu mashure ya Reta batanguye igice ca gatatu c’umwaka batazi umwimbu w’ica kabiri

lundi 13 Ndamukiza 2015, par IGIHE

Amanota y’igice ca kabiri c’uno mwaka w’ishure w’2014 ushira w’2015 azotangwa mu ndwi iza, ahatari hake, nk’uko bishikirizwa n’abigisha bahurikiye mu masendika.

Kuri uno wa mbere igenekerezo rya13 Ndamukiza, niho abanyeshure bo mu mashure mato mato n’ay’isumbuye, mu gihugu cose batangura icese igice ca gatatu c’uno mwaka w’ishure barimwo. Ariko rero abanyeshure bo muri Reta bakaba bagiye mu buruhuko bw’igice ca kabiri bataronse amanota yabo. Imvo yabitumye akaba ari uko abigisha bahurikiye mu masendika, barahiye bakarengwa ko batagenda batanze amanota, mu gihe Reta itobumviriza igakosora ubusumbasumbane bw’imishahara, kuko ku bw’abo basaba ko amategeko akwirikizwa.

Ku munsi wa gatanu, niho batangaza icese ko babangiriye ku ngingo bari bafashe yo kudatanga amanota kuko bashima intambwe ibiganiro hagati ya Reta nabo bigezeko, nk’uko Eulalie Nibizi yabishikirije.

Kuri uno wa mbere rero, abo bigisha bahurikiye mu masendika bakaba bagiye ku mirimo, ndetse bamenyesha ko batanguye gutegura amanota y’abanyeshure, kugira mu ndwi iza bazobe bamenye umwimbu wabo w’igice ca kabiri, bitume bitegurira neza igice ca nyuma.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.