Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB u Burundi
Abantu 52 nibo bishwe abandi 28 baburirwa irengero mu kwezi kw’umunani
Yanditswe taliki ya 4-09-2016 - isaha 14:44' na IGIHE

Icegeranyo c’ishirahamwe LIGUE ITEKA co mu kwezi kw’umunani kivuga ko abantu baharurwa mu 541 aribo bahagaritswe binyuranye n’amategeko, abaharurwa muri 52 baricwa, 31 barakomereka, abarenga 28 barahohotewe, mu gihe abandi 28 nyene baburiwe irengero.

Muri ico cegeranyo ku bugizi bwa nabi bwabaye mu kwezi kw’umunani, ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu, LIGUE ITEKA rimenyesha kandi ko hari n’ibiziga vy’abantu vyatowe mu nzuzi muri ukwo kwezi, ivyo navyo bikaba birenga 20 nk’uko bivugwa n’iryo shirahamwe.

Ishirahamwe LIGUE ITEKA ryagiriza bamwe mu bajejwe intwaro mu ntara zatowemwo ivyo biziga, ko baciye bihutira kubihambisha hatarakorwa imyidondoro yavyo.

Muri LIGUE ITEKA bakagiriza bamwe mu bakozi b’igendereza hamwe n’abaporisi, ko boba bari inyuma y’iryo nyuruzwa ry’abantu hamwe n’ihohoterwa rya kiremwa muntu mu Burundi.

Mu rukurikirane rw’abanyuruzwa, umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA ntawuzi irengero ryiwe kuva kw’igenekerezo rya 22 Mukakaro 2016, umuryango wiwe ukaba waramubuze mu busho bwose. N’igiporisi hamwe n’igendereza baramaze kumenyesha ko ataribo bafashe uwo mumenyeshamakuru.

Ivyiyumviro vyanyu

MURADUFASHA

11.09.2016 à 12:12
NAHAYO

Mesiya azozashikira hehe wew wigize umunyabwenge.Si mu Burundi ?Nihehe none weho.

7.09.2016 à 18:23
Mukunzi

Harabant badatahur messiy uwariwe !mwibaz aramuts aje kwazoz iburund ?mwigir ngo mziguseng senge turab kuyo mukozi wa kiranga yovakubutegets.nayivy Yezu hebere abisirayeri yaje kuyobora atar abarund na banyarwanda.

6.09.2016 à 06:14
NYAMITWE

Harabant badatahur messiy uwariwe !mwibaz aramuts aje kwazoz iburund ?mwigir ngo mziguseng senge turab kuyo mukozi wa kiranga yovakubutegets.nayivy Yezu hebere abisirayeri yaje kuyobora atar abarund na banyarwanda.

6.09.2016 à 06:13
NYAMITWE

Ehh iyi league iteka isigaye iri fantôme. Wasanga ikorera i Mahama mumufuka w’impungure. Ibyo bavuga ni itekinika ry’ibinyoma

5.09.2016 à 21:49
Nkotanyi yumudigidigi

Ibyo LEAGUE ITEKA ivuga nibyo ibwirwa ni INKORAMARASO KAGAME umutezi wagafuni. kubera uwo muginga yishe benshi aba ajijisha amahanga atangaza ibihuha

5.09.2016 à 14:47
proud te be rwandan

vyosebizokurwah ningomaya Messiya Kand Irimukz Maz Burimuntu Wese Ahinyuk Murindr Gat Tugz Kwisah Yanyuma Kugrng Cristo Agarukn Ubwami Bwe Uwomunsi Uzab Uteye Umnezr

5.09.2016 à 13:22
Blaise

LIGUE ITEKA NTIKIBAHO.ABO NABANGUSHI BAVYANDIKA

5.09.2016 à 13:11
NGENDA

Uburundi bukwiriye ingabo za UN zikwiye kuza gukingira abaturage kko Leta yananiwe inshingano zayo zo kuzana ituze numutekano ariko birasaba ingabo zitajenjeka nki zu Rwanda ubu zagarukanye amahoro Sudan Centre africa nahandi naho ubundi amahanga nadahaguruka abantu barashize I Burundi kubera aho igihugu kigeze cyaramunzwe namoko aho gukora mwirirwa mu moko no kunywa byeri.

5.09.2016 à 10:51
Proud to be rwandan

Mbona.Komuburundi.Dukwiye.Kwibagira.Akahise.Tukabandanya.Ibikogwa

5.09.2016 à 10:24
Odasi

Nubwo ndi inyenzi iyi league ntabwo ivugisha ukuri. Ningombwa kobene wacu bashutswe none ubu bakaba bafashweho ingwate nu Rwanda i Mahama bataha iwabo kuko hari amahoro

5.09.2016 à 08:01
Nkotanyi Mujeri

ntawufise ico abivugako kiretse Imana.

5.09.2016 à 05:48
sinzi

Muraguma mubashuhurira kurisongoy mubabwira ko muzi guharura.mbega mwibaza ko mukiri mumabarabara muturira abantu nibintu ? tesha mute ingata itara ntija kumugez bandanya mubashora mugwiz ibitabo vyukwandikamwo ibitigiri. twomenya gut katari mwebw mubiyicira kugira muryoze leta ihari nabugingo tuzi ko murinda bugabura. bati iminwe uzi ntikumarira amaz.

4.09.2016 à 22:35
VUGUKURI

Ni kimwe muri bibiri
Ni yaba igipolisi canke snr atarivyo vyagandaguye jean bigirimana n,’ukuvuga yuka batagishobora kwubahiriza umutekano mu Burundi. Ni babise abandi lero babishoboye.

4.09.2016 à 22:07
James

League Boko Haramu iteka. Ni intagondwa gusa gusa (inyangaburundi-sindumuja-mujeri)

4.09.2016 à 21:47
kamanayo (mob)

Emw Mubrund Ibhaber Biratey Intunt N’umubabro Umunt Asigay Artwa N’ink Ipfuy Bagra Amathoz ?Emw Hargez K’uhorah Agra Ico Akra Kweri !

4.09.2016 à 19:45
Izbahora G.

Muzoharura muruhe kuko intumva ninyinshi muburundi

4.09.2016 à 19:40
Songambere

Muzoharura muruhe kuko intumva ninyinshi muburundi

4.09.2016 à 19:35
Songambere

Muzoharura muruhe kuko intumva ninyinshi muburundi

4.09.2016 à 19:28
Songambere

Ibi vyose ababigira birazwi ni API na CNDD FDD,bitebe bitebuke muri Court Pénale internationale muzobibazwa

4.09.2016 à 18:45
Musaga
1 | 2

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.