Ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura bwarahambishije abantu bapfuye mu bari bateye amakambi, umukuru w’igisagara ca Bujumbura akamenyesha ko afashanije naba Musitanteri, bashinguye abo bantu mu mva zizwi, ku Mpanda no mu Kanyosha.
Inyuma y’aho ikinogo cahambwemwo abantu benshi gitowe muri karitiye ya Mutakura kw’ibarabara ry’icenda, ibisigarira vy’abantu batatu akaba arivyo vyakuwe muri ico kinogo kirekire, ariko abacerekanye bakaba bamenyesha ko cahambwemwo abantu bagera kuri mirongo itatu, umukuru w’igisagara ca Bujumbura yaboneyeho akaryo ko kwishura ku vyagiriji vy’ishirahamwe mpuzamakungu Amnesty International ryamenyesheje ko mu bitero vyabaye ku makabi ya gisirikare kw’igenekerezo rya 11 na 12 Kugarama, abajejwe umutekano bagandaguye inzirakarengane, baca bahambwa mu binogo rusangi.
Freddy MBONIMPA, umukuru w’igisagara ca Bujumbura yamenyesheje ko abaguye muri ivyo bitero ari abari bateye amakambi, kandi ko bahambwe mu mva zizwi, mu kanyosha hamwe no ku Mpanda.
« Uwufise amakenga wese arabisaba bamwereke aho bahambwe, namba afisemwo uwiwe kandi amwemanga bamumuhe bari kumwe n’abajejwe agateka ka zina muntu. Nta kinyegero kirimwo, bahambwe ku mugaragaro abarundi babona. »
Umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy MBONIMPA akamenyesha ko bahambishije abagera kuri 58, abo nabo bakaba bari batowe ibiziga mu Ngagara, muri komine Muha, hamwe na komine Mukaza.
Ishirahamwe mpuzamakungu Amnesty International ryatangaje ko rifise amasanamu yafashwe n’ikigendajuru (Satellite), yerekana ibinogo rusangi bitanu vyahambwemwo abantu mu gisagara ca Bujumbura. Iryo shirahamwe ryamenyesheje kandi ko rifise n’intahe z’abantu batandukanye bagiriza igiporisi ubwicanyi bw’abantu benshi kw’igenekerezo rya 11 Kigarama 2015, n’igenekerezo rya 12 Kigarama 2015, igihe hakorwa ibitero ku makambi atandukanye y’igisirikare c’Uburundi.
Umuyobozi wa Amnesty International muri Afrika y’ubuseruko, hamwe no mu biyaga bigari, Muthoni Wanyeki, yamenyesheje ko ayo masanamu yerekana ubushake bw’abayobozi b’Uburundi bw’ukunyegeza ubwicanyi bukorwa n’abajejwe umutekano, hamwe n’ukwanka ko ukuri kuja ahabona.
Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryamenyesheje ko ryipfuza kurungika mu Burundi abahinga bigenga, kugira bafashe ubutegetsi bw’i Bujumbura mu matohoza kuri ivyo binogo vyoba vyahambwemwo abantu barenga ijana mu kivunga, bikavugwa mbere ko hoba hari n’ibinogo kimwe coba kiri mw’ikambi ya gisirikare.
Icegera c’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ajejwe agateka ka zina muntu, Ivan Simonovic, yamenyesheje ko naho umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi yashizeho umurwi w’amatohoza, ko bikenewe ko abahinga ba ONU boshika ahavuzwe ko hari ivyo binogo, bikugururwa, ONU igasaba ko abahinga bayo boba ariho bari, ONU igatanga n’abahinga muvy’ubuvuzi bemewe n’amategeko (Experts médicales légales)
Bitegekanijwe ko kuri uwu wa gatatu ariho hashika i Bujumbura umurwi w’abahinga batatu b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bajejwe amatohoza. Uwo murwi uzomara indwi yose mu Burundi, ukaba uzobonana n’abategetsi b’Uburundi hamwe n’abaharanira agateka ka zina muntu.
uwuzorukarisha ruzomumwa mugani wa mutama wacu twitoreye niwe abikunda none baja gutera amakambi bazi kwari bimwe vyakera ndadaye bishe nurya nyene ntawundi murakoza agati muntozi muze murabe carafashwe basha ubu natwe twarashikiriwe mutama wacu guma kwibanga abasara basare