IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abantu babiri bapfuye abandi barakomereka mw’isanganya

Abantu babiri bapfuye abandi barakomereka mw’isanganya

jeudi 23 Rusama 2013

Abantu babiri bitavye Imana abandi batatu barakomereka mw’isanganya ritewe n’abagendesha amakinga mu gatondo ko kuri uyu wa kane igenekerezo rya 23 Rusama 2013 i Mushishi, muri komine ya Mabanda, intara ya Makamba.

Abo bagendesha amakinga bari babiri bariko baragenda bariruka cane, basekanye bose baca baritaba Imana inyuma yo kugwa mw’ibarabara ryi Mushishi, abandi bari bahetswe n’abo banyonga b’amakinga, uko ari babiri bakomeretse umwe muri bo yahavuye ajanwa kuvuriwa ku bitaro i Nyanza Lac.

Umwe muri abo banyonga amakinga yamenyekanye ko yari umunyeshure mu mwaka w’icumi kw’ishure ryisumbuye rya komine ryegereye aho nyene, uwo wundi nawe yaheruka kurangiza amashure yisumbuye.

Iryo sanganya ribaye inyuma y’ayandi masanganya abiri y’imiduga, rimwe ryabereye ku musozi, aho imodoka yarenze imbibe z’ibarabara, ayandi abiri nayo yari yabaye muri uku kwezi nyene kwa Rusama, yahitanye abantu babiri, abandi cumi na bane bakomereka.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.