IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abanyagihugu 200 baronkejwe amakarata yo kwivurizako n’ishirahamwe (...)

Abanyagihugu 200 baronkejwe amakarata yo kwivurizako n’ishirahamwe VONECOVIC

mardi 5 Myandagaro 2014

Imfashanyo igizwe n’udukarata two kwivurizako niyo yahawe abanyagihugu amajana abiri bo mu Gatunguru, abo muri komine Mutimbuzi n’abo muri komine Isale. Umuririmvyi FEMI de J’Abat, icegera c’umukuru w’ishirahamwe VONECOVIC ryatanze iyo mfashanyo asaba abanyagihugu baronkejwe iyo mfashanyo ko bofata neza ayo makarata (carte d’Assurance Maladie) azobagirira akamaro mu kwivuza ku mafaranga make.

Kuri uwu wa gatandatu, mu gihe mu gihugu cose c’Uburundi bariko bahimbaza umunsi mukuru wahariwe amakomine, ishirahamwe VONECOVIC (Voix Neutre contre les Violences et Injustice à travers les chansons) ryashimye kugarukira ku banyagihugu bo mu Gatunguru baheruka guhura n’impanuka y’imvura y’isegenya. Abanyagihugu bagera ku majana abiri bo muri komine Mutimbuzi na Isale, zone Nyambuye na Rubirizi baronkejwe amakarata yo kwivurizako (Carte d’Assurance Maladie), mu ntumbero y’ibikorwa vy’ishirahamwe VONECOVIC ryashinzwe n’imvukira yo muri komine Isale, umuririmvyi FEMI de J’Abat, asanzwe ariwe cegera c’umukuru w’iryo shirahamwe rifise icicaro mu gihugu ca Norvège, aho uwo muririmvyi asanzwe aba.

Abo banyagihugu baronkejwe iyo mfashanyo barasiguriwe akamaro k’amakarata yo kwivurizako, bakaba mbere barahawe akarorero k’umunyagihugu yarwaje umwana mu bitaro indwi zitatu, kubera ako gakarata ko kwivurizako, akaba yarishe amafaranga ibihumbi cumi na bitatu gusa, kandi yari yandikiwe ibihumbi ijana na mirongo umunani n’icenda vy’amarundi (189000 Frs BU).

Umwe mu bashingamateka batowe mu ntara ya Bujumbura, Ezechiel NIGIBIRA, yarashimiye umuririmvyi FEMI de J’Abat n’ishirahamwe VONECOVIC (Voix Neutre contre les Violences et Injustice à travers les chansons) kuri iyo mfashanyo, hamwe n’ibindi bikorwa vy’iterambere ry’abanyagihugu bo mu mw’Isale n’ahandi badahengeshanya gukora. Umushingamateka Ezechiel NIBIGIRA yahamagariye n’izindi mvukira, zaba iziba mu Burundi canke mu makungu, kwama bibuka kugarukira kuri benewabo bakiri mu bukene.

JPEG - 365.8 ko
Umushingamateka Ezechiel NIBIGIRA yatowe mu ntara ya Bujumbura

Ishirahamwe VONECOVIC ryatanguriye mu mahanga mu mwaka w’2003, ritangujwe n’umuririmvyi FEMI de J’Abat, ubu asanzwe ari icegera c’umukuru waryo. Kuva mu mwaka w’2007, iryo shirahamwe rirongowe n’umudagikazi Angela Iroegbu-Shauer niho ryatangura gutanga imfashanyo ku miryango y’abatwa bo muri komine Isare, Nyambuye, Mutimbuzi n’ahandi. Mw’ihangiro ryo muri kazoza, FEMI de J’Abat, icegera c’umukuru wa VONECOVIC amenyesha ko bipfuza gushikana ibikorwa vy’iryo shirahamwe mu gihugu cose c’Uburundi, kugira bashobore kwama hafi y’abanyagihugu ba ntahonikora.

JPEG - 537 ko
Umuririmvyi Femi de J’Abat

Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.