Abanyagihugu biyamirije abasirikare b’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika

Yanditswe na Van Naris Mugisha
Kuya 27 Kigarama 2015 saa 07:58
Yasomwe : 41697
0 0

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo amenyesha ko atawosubira guhenda abarundi ko ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ryafashe ingingo yo kurungika abasirikare mva makungu.
Mu myiyerekano yo kwiyamiriza abasirikare b’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika bo mu rweho rwa MAPROBU yabaye kuwa gatandatu igenekerezo rya 26 Kigarama 2015,icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yavuze ko inama y’amahoro n’umutekano ariyo yashikirije uwo mugambi.
Gaston Sindimwo yavuze ko Uburundi bufise abasirikare (...)

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo amenyesha ko atawosubira guhenda abarundi ko ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ryafashe ingingo yo kurungika abasirikare mva makungu.

Mu myiyerekano yo kwiyamiriza abasirikare b’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika bo mu rweho rwa MAPROBU yabaye kuwa gatandatu igenekerezo rya 26 Kigarama 2015,icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yavuze ko inama y’amahoro n’umutekano ariyo yashikirije uwo mugambi.

Gaston Sindimwo yavuze ko Uburundi bufise abasirikare bakwiye kandi bashoboye gukingira umunyagihugu uwariwe wese.

Abitavye iyo myiyerekano bari bagizwe ahanini n’urwaruka rwitwaje impapuro zanditseko ngo «Turiyamirije abasirikare mva makungu» abandi nabo ngo «Abenshi binumiye ntibazokwigera bemera MAPROBU»

Umurwi ujejwe amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika uherutse gufata ingingo yo kurungika abasirikare 5000 bo gukinga amabi mu Burundi n’ihonyabwoko rishobora kwaduka mu Burundi.


Kumenyekanisha

1
Mbuye - Kivoga 4-09-2016 à 21:19

Jewe Ico Mbona Nuko Abajejwe Intwaro Bokorana Inama Nabanyagihugu Bagatorera Umuti Ikibazo C’uwo Muriro.

2
ICOYITUNGIYE 29-12-2015 à 11:36

Hakene ukumenya ukuri kw’abarundi bama bavuga ibitavuye ku mutima; ibisigaye abasirikare barahari igihe ababijejwe babonye ko hageze kongereza abandi bazorondera abandi mugihugu nkuko vyama ntibazoja kuzana abo hanze.

3
Athanas 28-12-2015 à 07:48

Yoo,IGIHE namwe muratwenza pe.ntabanyagihugu biyamirij inteko mvamakungu nimbonerahagufi,nabayoboke ba gahini nabahahamuwenawe.ntamuntu wumutima yokwirengagiza akamaro kinteko mvamakungu,mbe igiheyavamwishamba ntantekobarungits?

4
Kanyosha 28-12-2015 à 05:22

Turetse nuko numusirikare umwe yitwa ajegusubirira abasirikare bu Burundi yitwangongwaje gucungera umutekano ngo wabarundi, Abobasirikare ubumwe bw’Afrika bwavuze bworungika Burundi bibonekana kobarabo gusubirira abasirikare buburundi kuko nibeshi bitosheje, kukondibuka mumwaka ya 94 uburundi bwaribufise igitigiri gisanikingana nabobasirikare, kubwivyo nuvyabashaka kwongera gukoroneza u Burundi!? Kubwivyo nibazako bazozakuza aruko twese abarundi batumaze baheze bashikire igihugu cu Burundi.

5
Dismas 27-12-2015 à 21:49

Abo Basirikare Ntabo Dukeneye Kuko Muburundi Amahoro Niyose

6
casimiri 27-12-2015 à 17:21

jewebirantangaje ishirahamwerya afirika ngoriturungikire abasirikare tudashaka nibirekere twebweturikwije izongabo ntacozigezezitumarira

7
izere 27-12-2015 à 16:45

Komera ntumwere.abasoda buburundi ni babitumwako.ntabandi rero bakenewe barondera guha inzira kagame ntitubakene turabiyamirije%

8
NKINYINYA 27-12-2015 à 16:38

TURAMESHEJE IGIHUGU NABANYAGIHUGU KO ABOBASIRIKARE MVAMAKUNGU NIBAZA KUNGUVU UBURUNDI BUZOBA TWATEWE NATWE ABASIRIKARE NA BAPORISI TUMEZE MAGABO TUZOBAVUGUTIRA MUTI NIBACA HEJURU TUBAKUBITIREYO NIBACA MUMAZI TUBAMESEREYO.ABARUKARIHIJE NIBEMERE RUBAMWE.

9
ndugw 27-12-2015 à 14:15

erega ntivyodutangaza igituma mubiyamiriza.mushaka kuguma mutwica atacamira. ariko mwaba d d mwe,ntimworeka abana buburundi bakidegemvya? kizoteba gitora umurozi.mweho ntimuzoronka iyo muhungira ugwanda ntimujayo, tanzani ntimugerayo, congo nukonyene. nimwemere tubane jewe mvuga nti:nnibaeze barakazand

10
Scott 27-12-2015 à 12:36

None ntagitangaje kirimwo none simbonerakure gusa baguma bariko barahenda? Harumuntu afise ubwenge yoja mwibarabara ngo agomba yiyamirize abajejwe umutekano mva makungu? Erega ntibobura kutavyanka bazi amabi bariko barakorera abanyagihugu mukubacisha k’ubuhomba nibindi mugabo barabesha imisi iraharuye kabisa!!!

11
kiki 27-12-2015 à 12:29

Gaston Sindimwo yamye ari mubavye banka umuzo w’inteko mvamakungu mu burundi kuva kuntwaro za BUYOYA. ico ashira imbere n’ubukunzi bw’inda s’ubugukunda igihugu n’abanyagihugu. ari muri bamwe twita mpema y’uzuye.

12
kamaro 27-12-2015 à 12:24

e ibi nivyizacanegose....nubu tuzoibandanya mpaka bahagaritse iriyangingo igayitse.......

13
Lilis 27-12-2015 à 10:13

Abobasirikare nibabarungike murwanda bajeyo kugenzura a baguma bahungabanya umutekano muburundi bacumbitse mwico gihugu

14
SOUPLE NYENICUBAHIRO 27-12-2015 à 10:10

URWO RWARUKA NDAZI KO ARI IMBONERAKURE.NKANJE NSABA KO BAZA!

15
xxxxxx 27-12-2015 à 09:58

nibabarungi boba badukingiye runini

16
J.Bosco Bahati 27-12-2015 à 09:53

Ntaba Sirikare Mvamakngu Dukeneye,kuko Natwe Tuja Gufasha Kugarukana Amahoro Hanze.Tworinda Tuja Gufasha Ahandi Tutikwije?Abobantu Ntabo Dushaka.Kagame Nawe,niyihede Awatse Uzomuzimirako Kuko Uburundi Ntibwitaha,burikwije.Rekancire Agace Urwand.Ntimuzemwihende Kuko Naho F D N Itokora,abademobe Imbonerakure Nabandi Bavyumva Twokwikorera Bigashimwa.Kuko Twebwe Uburebure Nubuvyibuhe Ntaco Bitubwiye.Abahenzwe Ngo Barahungiye Murwanda,nibarindire Bahere Nkivyana Vyinyoni.

17
Jean CLaude 27-12-2015 à 09:18

Iyoyarinzirayokwitandagazakubanyagihugu.Kugira.Boroherwekubica..Vyankebikunde.Bategerezwakuza.Batajenaho.Bazobabahevye.Uburundi Nabarundi.Abotugowerumwe Dukomezegusaba Abasodanvamakungubaze.Nacanecane.Urwarukatwebwetugeramiwe..

18
irumva 27-12-2015 à 08:58

uwurota muburundi haba ihonyabwoko izondotontazirotore ababirota baragapfana indotozabo twebwe twibereyemumahoro ivyonavyo barasubiza iyobabikuye bankabemera IMANA iriho kand’isumbi ngabo

19
irumva 27-12-2015 à 08:56

uwurota muburundi haba ihonyabwoko izondotontazirotore ababirota baragapfana indotozabo twebwe twibereyemumahoro ivyonavyo barasubiza iyobabikuye bankabemera IMANA iriho kand’isumbi ngabo

20
Mpozamarira Erias 27-12-2015 à 08:43

Ntabwenge bagira ababanyagihugu, banezererwa nuko benewabo bariko baherera kwicumu? nukuri wabaroze ntiyakaravye! none ico cegera cumukuru wigihugu ariko aravuga harimwo ukuri? kubwanje ntakuri kurimwo, kuko abanyagihugu bashika amajana bagandaguwe niki porisi nabamwe bamwe mugisirikare,bisigura kuza kwabasoda mpuza makungu,nuko igi porisi cahemutse kundahiro carahiye yuko kizocungera umuteka wabanyagihugu bikaba atariko bikiri. mubakenyezi,nabashingantahe, nimisore, nabigeme nabana, bamaze kwicwa ntamusivere ya toye ubuhiri ngoce mwenewabo. abobose nadondaguye bishwe ni ki porisi, igisirikare naco kirorera. rero igisirikare ni kiporisi ntamutekano wa banyagihugu bagishoboye gucungeraaa vyarabataye kuwamazi. hasigaye ahigisoda mpuzamakungu.

1 | 2

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha