IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abanyamerika babwiwe ibibanza vyo mu Burundi badakwiye kujamwo

Abanyamerika babwiwe ibibanza vyo mu Burundi badakwiye kujamwo

samedi 12 Ntwarante 2016, par egide

Igihugu ca Reta zunzubumwe za Amerika kimenyesha imiryango y’abakorera Reta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi, hamwe n’abandi bakozi bose b’ubuserukizi bwa Amerika mu Burundi badakenewe cane, ko bosubira mu Burundi, ariko bakabwirwa ibibanza badakwiye kujamwo.

Uburenganzira bw’umwidegemvyo w’ugutembera n’ugukorera mu Burundi ku Banyamerika utanzwe inyuma y’ingingo yari yafashwe kw’igenekerezo rya 13 Kigarama 2015, aho iyo ngingo yasaba imiryango y’Abanyamerika kuva mu Burundi, bitewe n’ihungabana ry’umutekano ryibonekeza mu Burundi.

Mw’itangazo ryasohotse kuri uwu wa gatanu, Reta ya Amerika imenyesha ko abana batarakwiza imyaka 18 hamwe n’imiryango y’abakorera Amerika mu Burundi, badafise imirimo bakorera Amerika, ko batemerewe gusubira mu Burundi.

N’aho uwo mwidegemvyo watanzwe, Abanyamerika bashaka kuja mu Burundi basabwa gukurikirana ibivugwa mu binyamakuru, gukurikirana ibirangamisi vy’indege zija mu Burundi, hamwe n’ukuraba amakuru atangwa n’ubuserukizi bwa Amerika mu Burundi, mu bijanye n’umutekano, amakuru acishwa ku rubuga ngurukanabumenyi (Internet).

Iryo tangazo rya Reta ya Amerika risaba abakozi b’ubuserukizi bwa Amerika mu Burundi kudatembera hanze y’igisagara ca Bujumbura mu masaha y’umugoroba, bongere birinde kuja mu makaratiye ya Kamenge, Musaga, Ngagara, Mutakura, Cibitoke hamwe na Nyakabiga.


IGIHE

Messages

  • Wazingatiye huwo wushahuri hao nduguzetu.

  • siryambere basaba abanyamerika kuva muburundi arko ntibagende kuko babona neza ko muburundi hifashe neza muvyumutekano, ahubwo haguhunga baraza emw nakamaramaza simvuzd kwaramayobera

  • Nabonyene bahaye babonako bahenzwe nibaze muburindi ninyabagendwa ntanzu iriko irasha kandi abarundi dufatanye munda abagomba kuducanishamwo nabo sabarundi ntabandi nabanyarwanda bari murwanda iwabo na banyarwnda bavukiye muburundi bahawe ubutumwa nurwanda babomore uburundi ariko ntavyo bazoshobora nbarifuza nkuwurota ari mwijuru.imigumuko

  • Uvuzukuri Ariko Twebwe Kinama Namahoro Ikitubabaza Nuko Udashika Iwacu Udaciye Mwizokaritie Zavumwe Kuva Kera,ariko Nabonyene Inzara Ibishe Baraza Kinama Gusuma.

  • NI BIYIZIRE MUBURUNDI NTA NTA NZU IRIKO IRASHA

  • None twebwe tuhaba ntituri abantu ga yemwe! Abo banyamerika nibareke kwirata vraiment!

  • Nibaze bari bahunze ikinyoma cambaye ubusa. Erega ntanumwe atatahuye ko ibintu vyose vyabaye vyari ikinyoma gusa. Urwanda rwababajwe n’uko muburundi habaye igabagabanwa ry’ubutegetsi kuko babona amakungu azohava abategeka kugira nk’uko muburundi babigize , nibo baciye bashaka kubitoba kugira bereke amakungu ko gusangira ubutegetsi bizana invururu. None Kagame ubu yamaramaye. Abahutu babanyarwanda nabo ubu barashaka ko nabo bagabura ubutegetse.

  • Ivyovyose Amerika Ibikora Uko Kuko Izi Uruhara Ifise!

  • Ariko mwagiye mureka kwiyemera none se hari ijoro rirara hatavuze amasasu mugisagara na president wigihugu agenda yihishe ahantu ari buce meme a 10km ibintu byose birahagarara plus de 3hr nawe uvuga urtyo ntushobora guca kuri presidance yigihugu cyanyu cg hafi ya documentation mwitera akamo abanyamerika into bakoze ni precaution ngaho uzabaze abacomercan ko hari umuntu ashobora kubikuza kuri bank plus de 5million Bif plus de 2 fois bataramunigira munzu basigaye baza gukorera ama deal murwanda bagasubirayo barangije kwishyurana et puis hafi ya Bose babitsa muri bank nka KCB kugirango babone ukwo bakorera ama retrait hanze yumupaka wigihugu kuko iwanyu ari ibibazo gusa.

    Pauvre ignorant

  • ahubw abo ba nyamerika mubarab nez ntab aribo bari guhungabany umutekan kuk ndavy ivyo bakorey kadafi na sadamu bantera amakenga

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.