IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abanyamurenge basaba ubutungane bw’Uburundi kubatunganriza

Abanyamurenge basaba ubutungane bw’Uburundi kubatunganriza

vendredi 14 Myandagaro 2015

Abanyamurenge basaba ko ubutungane bw’Uburundi na mpuzamakungu kubatunganiriza,abakoze ubwicanyi mw’ikambi y’impunzi y’abanyamurenge mu Gatumba bamenyekane kandi bahanwe.

Mw’ijambo yashikirije kuwa kane igenekerezo rya 13 Myandagaro 2015,igihe abanyamurenge bibuka imyaka 11 iheze habaye ubwo bwicanyi,umukuru w’umuryango w’abanyamurenge David Munyamahoro yavuze ko ubutungane ataco bwakoze ngo abiyemereye ubwicanyi bahanwe.

David Munyamahoro yavuze ko bazoguma baririra Uburundi n’amakungu kuko gushika ubu ubutungane ataco burakora ngo ukuri kumenyekane,kuri ubwo bwicanyi bwahitanye abanyamurenge 166.

Mwomenya ko ivyo birori vyatangujwe no gushira ingori z’amashurwe ku cibutso cabo banyamurenge, bishwe kw’igenekerezo rya 13 Myandagaro 2004,birangizwa n’amasengesho yabereye mw’ishengero rya Zion Temple.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Nihoshira imyaka 100 muzoronka ubutabera, mu 2000 Araba président, 2025 abe sénateur ubuzima bwowe bwose, ngaho nimurindire abazomara iyo myaka bazobubona

  • ubutungane bwiburundibwo ninkikinamico muzorindira amaso ahere munzira. muharuye abantu tumaze kubura muburundi nubu tutaraza tumenya ababishe. niyobimenyekanye uwubivuze acatabwa mwibohero canke akicwa ubu ivyiwacu twaramaze kubihaga turindiriye imana ikore ivyayo niwe mucamanza turindiriye!

  • mukirundi bacumugani ati" Inkoni ikubiswe mukeba uyirenza urugo"ariko musha amatohoza?????muri bagiwe ivyo mwakoreye abarundi muri congo mumakambi yimpuzi??muturasa mukatugotsa mwari muziko abarundi baheranwa?uuuuuhhh kurya atamatohoza yabay mur congo niko atazoba no muburundi

  • Abanyamurenge ayomanyanga yanyu niyo azotuma mupfa muyerera atagihu nakimwe kibaha indaro ahubwo yobahumba nubwobwasigaye bwagiriza nimwiyumvire abahutu mwishe muri congo mucamurekura amazuru nkimihoro muhunga

  • Muri Kano karere, buri muntu wese yarabuze abantu be, igikwiye ni abantu bokwicara hamwe bakayaga akahise kabo, naho ubundi ntihakagire aboshaka kwigira ibitangaza nabo baragonyeje abacu batari baie.

  • Uburundi buyobowe na agathon rwasa wabishe ngo muramutakira! Ahubwo na banyamurenge batuye iburundi baraje babamese.! inama natanga nuko akimuhana kaza imvura ihise. Ni mutirwanaho imigambi ya rwasa agathon nabandi niyo kubamara.

  • Uburundi buyobowe na agathon rwasa wabishe ngo muramutakira! Ahubwo na banyamurenge batuye iburundi baraje babamese.! inama natanga nuko akimuhana kaza imvura ihise. Ni mutirwanaho imigambi ya rwasa agathon nabandi niyo kubamara.

  • Mwambwa mwe?ntabarundi bariko barahera mwenyine kuri mwenyine?hama ngwabanyamurenge barabishe muri congo?col.Bikomagu na Adolph bishwe nabanyamurenge?muzopfa mutamenye kandi muzokwama mupfa niba uburundi mutisubiyeho ngo ubutungane bukorere mumuco nubwigigenge.

  • Imana itabare abarundi kuko igihugu kigiye kuyoborwa n’abicanyi gusa ntakindi bazakora, usibye ibyo bamaze igihe bitoza, aribyo kwica, kurimbura no gusenya. David, saba amakungu naho abarundi se ntibayobowe n’abicanyi gusa. Icyakora Rwasa we tuzamwasa rimwe tu!!!!!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.