Accueil > Amakuru > u Burundi > Abanyamurenge basaba ubutungane bw’Uburundi kubatunganriza
Abanyamurenge basaba ubutungane bw’Uburundi kubatunganriza
vendredi 14 Myandagaro 2015
Abanyamurenge basaba ko ubutungane bw’Uburundi na mpuzamakungu kubatunganiriza,abakoze ubwicanyi mw’ikambi y’impunzi y’abanyamurenge mu Gatumba bamenyekane kandi bahanwe.
Mw’ijambo yashikirije kuwa kane igenekerezo rya 13 Myandagaro 2015,igihe abanyamurenge bibuka imyaka 11 iheze habaye ubwo bwicanyi,umukuru w’umuryango w’abanyamurenge David Munyamahoro yavuze ko ubutungane ataco bwakoze ngo abiyemereye ubwicanyi bahanwe.
David Munyamahoro yavuze ko bazoguma baririra Uburundi n’amakungu kuko gushika ubu ubutungane ataco burakora ngo ukuri kumenyekane,kuri ubwo bwicanyi bwahitanye abanyamurenge 166.
Mwomenya ko ivyo birori vyatangujwe no gushira ingori z’amashurwe ku cibutso cabo banyamurenge, bishwe kw’igenekerezo rya 13 Myandagaro 2004,birangizwa n’amasengesho yabereye mw’ishengero rya Zion Temple.
Van Naris Mugisha
Messages
14 Myandagaro 2015, 10:12, par JERARI NTAKIRUTIMANA
NIMURINDIRE MUZOTUNGANIRIZWA
14 Myandagaro 2015, 14:27, par john
Nihoshira imyaka 100 muzoronka ubutabera, mu 2000 Araba président, 2025 abe sénateur ubuzima bwowe bwose, ngaho nimurindire abazomara iyo myaka bazobubona
14 Myandagaro 2015, 20:36, par houssen
ubutungane bwiburundibwo ninkikinamico muzorindira amaso ahere munzira. muharuye abantu tumaze kubura muburundi nubu tutaraza tumenya ababishe. niyobimenyekanye uwubivuze acatabwa mwibohero canke akicwa ubu ivyiwacu twaramaze kubihaga turindiriye imana ikore ivyayo niwe mucamanza turindiriye!
14 Myandagaro 2015, 20:36, par adjm
mukirundi bacumugani ati" Inkoni ikubiswe mukeba uyirenza urugo"ariko musha amatohoza?????muri bagiwe ivyo mwakoreye abarundi muri congo mumakambi yimpuzi??muturasa mukatugotsa mwari muziko abarundi baheranwa?uuuuuhhh kurya atamatohoza yabay mur congo niko atazoba no muburundi
15 Myandagaro 2015, 05:46, par Mjeshi
Abanyamurenge ayomanyanga yanyu niyo azotuma mupfa muyerera atagihu nakimwe kibaha indaro ahubwo yobahumba nubwobwasigaye bwagiriza nimwiyumvire abahutu mwishe muri congo mucamurekura amazuru nkimihoro muhunga
15 Myandagaro 2015, 09:07, par john
Muri Kano karere, buri muntu wese yarabuze abantu be, igikwiye ni abantu bokwicara hamwe bakayaga akahise kabo, naho ubundi ntihakagire aboshaka kwigira ibitangaza nabo baragonyeje abacu batari baie.
15 Myandagaro 2015, 21:33, par prince
Uburundi buyobowe na agathon rwasa wabishe ngo muramutakira! Ahubwo na banyamurenge batuye iburundi baraje babamese.! inama natanga nuko akimuhana kaza imvura ihise. Ni mutirwanaho imigambi ya rwasa agathon nabandi niyo kubamara.
15 Myandagaro 2015, 21:33, par prince
Uburundi buyobowe na agathon rwasa wabishe ngo muramutakira! Ahubwo na banyamurenge batuye iburundi baraje babamese.! inama natanga nuko akimuhana kaza imvura ihise. Ni mutirwanaho imigambi ya rwasa agathon nabandi niyo kubamara.
16 Myandagaro 2015, 06:25, par Ntuye Samson
Mwambwa mwe?ntabarundi bariko barahera mwenyine kuri mwenyine?hama ngwabanyamurenge barabishe muri congo?col.Bikomagu na Adolph bishwe nabanyamurenge?muzopfa mutamenye kandi muzokwama mupfa niba uburundi mutisubiyeho ngo ubutungane bukorere mumuco nubwigigenge.
18 Myandagaro 2015, 09:23, par Munyamurenge
Imana itabare abarundi kuko igihugu kigiye kuyoborwa n’abicanyi gusa ntakindi bazakora, usibye ibyo bamaze igihe bitoza, aribyo kwica, kurimbura no gusenya. David, saba amakungu naho abarundi se ntibayobowe n’abicanyi gusa. Icyakora Rwasa we tuzamwasa rimwe tu!!!!!!!