IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abanyaruyigi basabwa kwijukira gukorera mu mashirahamwe

Abanyaruyigi basabwa kwijukira gukorera mu mashirahamwe

jeudi 23 Rusama 2013

Umukuru w’igihugu c’Uburundi nyakubahwa Petero Nkurunziza mu rugendo arimwo mu ntara ya Ruyigi kuva kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 22 Rusama 2013, yarabonanye n’imvukira z’iyo ntara n’abarongoye abandi mu ntara yose.

Inyuma y’iyo nama, Gervais Abayeho umuhanuzi mukuru ajejwe ivy’ukumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’Igihugu, yamenyesheje abamenyeshamakuru ko umukuru w’igihugu yasavye imvukira z’intara ya Ruyigi ndetse n’abarongoye abandi muri iyo ntara kwijukira ibikorwa vy’iterambere, mu gihe iyo ntara igira indwi ku ntara zigize igihugu cose mu bikorwa vy’iterambere mu mwaka w’2012.

Umukuru w’Igihugu rero asaba abanyaruyigi muri Rusangi gukorera mu mashirahamwe kuko ari naho vyokworoha gukurikirana iyo ntara mu bikorwa iba iriko irarangura gurtyo iterambere riheze risasagare mu Ruyigi. Umukuru w’igihugu avuga ko hamwe abanyagihugu boja mu mashirahamwe, boshobora gusaba ingurane amabanki, imigambi yabo igashobora kuranguka neza.

Umukuru w’igihugu rero ahamagarira imvukira z’intara ya Ruyigi gukorana umwete na burya turiko turegereza ihangiro 2025, rizodushikana kw’iterambwere rirama, eka kandi Uburundi bukaba bwitwararitse iterambere ry’igihugu na cane cane kurwanya ubukene biciye mu mugambi (CSLPII).

Petero Nkurunziza avuga ko intara ya Ruyigi ifise ico abandi boyirabirako mu bijanye n’uburimyi n’ubworozi, aha tukaba twovuga uburimyi bw’umuceri, inanasi, ibigazi dusanzwe tuzi ko biri mu birimwa cane mu ntara z’imbo, eka n’umugambi wo kurwiza ibitungwa, n’umugambi mwiza wo kuvuga mu ntumbero yo kuvunira akagohe abandi boba bakiri inyuma muri uyo mugambi.

Umukuru w’igihugu abandanya amenyesha ko intara ya Ruyigi yari yaribagiwe, ubu ikaba ishobora kuba ikigega c’igihugu hamwe ubuhinga bushasha bw’uburimyi n’ubworozi bwokwijukirwa n’abanyaruyigi.

Umukuru w’igihugu asaba imvukira zo mu ntara ya Ruyigi cane cane incabwenge kubera akarorero abandi mu ntumbero yo gufasha abatize kugira bamenyere gukora ibikorwa bibateza imbere, bigateza imbere intara yabo n’igihugu cose muri rusangi. Yaheraheje asaba abanyaruyigi kugira amashirahamwe yohingura ivyo bimbuye.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.