Accueil > Amakuru > u Burundi > Abanyarwanda batanu bavuga ko bafitiye Abarundi ubutumwa bw’Imana (...)
Abanyarwanda batanu bavuga ko bafitiye Abarundi ubutumwa bw’Imana bafashwe
mardi 30 Myandagaro 2016, par
Abanyarwanda batanu bafatiwe ku rubibe Uburundi buhana n’Urwanda, ku Kanyaru, bariko berekeza mu Burundi, aho bivugwa ko bari bagiye gutanga ubuhanuzi bari bahawe n’Imana.
Abakobwa batatu n’abahungu babiri bavuga ko bahawe ubutumwa n’Imana yabasavye kuja kwigisha mu Burundi abantu bakava mu vyaha bakagarukira Imana, kuko ibiriko biberayo muri iyi minsi bibabaza Imana.
- Abo banyarwanda batanu bavuga ko bahawe ubutumwa n’Imana yabasavye kuja kwigisha mu Burundi
Abo banyeshure baba mu Murenge wa Gataraga, mu Karere ka Musanze, bakaba basanzwe ari abo bita "Abakarisimatike" bo mw’idini rya Gatorika.
Bose bafashe urugendo mu gitondo co kuwa 18 Myandagaro 2016 berekeza mu Burundi, ariko bakaba bashaka kubanza guca i Kibeho bakahasengera, imbere yo kubandanya urugendo rwabo, aho bavuga ko bari batumwe n’Imana kuvuga ubutumwa bwiza mu masengero hamwe no mu makoraniro.
Bakoze urugendo rw’amaguru rw’iminsi itatu baciye mu turere umunani, aho bavuye i Musanze, baca i Nyabihu, Ngororero, Muhanga, Ruhango, Nyanza, Huye, baza gufatirwa ku mupaka w’Akanyaru, mu Karere ka Gisagara kuwa 21 Myandagaro 2016.

Muri urwo rugendo rw’amaguru bagize iminsi itatu, abo banyarwanda barara aho bageze, bagasaba indaro aho bwije bageze.
Umuhoza Oliva ni umwe muri abo bafashwe. Yagize ati : "Imana yatanze ubutumwa twese budutambukaho ko tugomba kwigisha mu nsengero no mu makoraniro, tukabigisha ko bagomba kugarukira Imana kuko ibihabera muri iyi minsi biri kuyibabaza."
Nyirazaninka Marie Louise ni umuvyeyi wa Munyemana Olivier, umwe muri abo banyarwanda bari bagiye guhanura mu Burundi. Avuga ko umwana wiwe asanzwe asenga kandi akaba yaranamusezeye agira afate urwo rugendo.
- Bamwe mu bavyeyi b’abo banyarwanda bagaruriwe ku mupaka
Yagize ati : "Ajya kugenda yarabimbwiye, mubaza niba afite itike, ambwira ko bindenze, musaba gusengera urugendo nk’uko byari bisanzwe aragenda. Twakomeje kujya tuvugana bari mu rugendo musaba ko nibagera ku mupaka bagomba kwitonda kuko ngo mu Burundi hari umutekano muke."
Umuyobozi w’Akarere ka Musanze, ajejwe imibereho myiza y’abanyagihugu, Uwamariya Marie Claire, yashikirije abo banyarwanda imiryango yabo kuri uwu wa 27 Myandagaro 2016. Yasavye abavyeyi kuba maso, bagakurikirana abana babo muri vyose.
- Umuyobozi w’Akarere ka Musanze, ajejwe imibereho myiza y’abanyagihugu, Uwamariya Marie Claire, yashikirije abo banyarwanda imiryango yabo
Umwe mu bapadiri bo muri Diyoseze imwe yo mu Rwanda, atipfuje ko amazina yiwe atangazwa, yavuze ko ivyo aba banyarwanda bakoze bitandukanye cane n’ukwemera Gatorika, kuko umuntu wese ubonekewe canke agahabwa ubutumwa, abikora yubahirije amategeko.
Yagize ati : "Duhura n’ibibazo nk’ibi aho usanga hari abiyitirira kubonekerwa n’ubundi butumwa bwa kiliziya gusa ntawe ukwiye kubikora binyuranye n’amategeko kuko natwe dukorera Imana kandi niyo yadutumye."
Abo banyarwanda bagaruriwe ku mupaka w"Akanyaru ni Umutoni Marie Claire, Mutuyimana Claudine, Munyemana Olivier, Umuhoza Olive biga kuri GS Gataraga, hamwe na Nibishaka Théophile atiga.
IGIHE
Messages
30 Myandagaro 2016, 11:41, par NDIHO
ABO NABAGUMUTSI NIBABUTANGE IWABO NAHO SIHEZA CANE
30 Myandagaro 2016, 11:57, par miruho
iyo bububwumwe byarikindi kuki batabatinye? izo nintasi za kagome, kuki bavuga I biber à muburundi nti bavuge ibibera I wabo ewe burundi waragowe wabaye ikirimbiro dyimihimbi yose ibonetse, kuki ubwobutumwa batari kubuha kagome?
30 Myandagaro 2016, 12:24, par Komera mwa...
Abo bantu bari kubajana kwa Legentil niwe yobaronkera agati k’ukubapfupfahaza kuko birabagoye!
30 Myandagaro 2016, 13:18, par observer
Jewe ndumva ubutumwa babutanze deja. Media yahejeje kubafasha kubutanga ahubwo nkurunziza n’abarundi bemera Imana babwakire baheze basenge cane Imana irinde igihugu c’uburundi. Nta muhanuzi wicwa canke ngo utukwe Muriho!!! Ibyo wakoze nugusema
30 Myandagaro 2016, 13:42, par Nzeyimana Emanuel
Ijambo Ryimana Rivgako Abeshi, bazokwiziba Amatwi Ngontibumve Ukwigishakuzima, Baca umugani Mukirundi Ngo Agatuze Amagantigasubira Ikuzimu,wehomwakoze nimwirindirire Gusa!
30 Myandagaro 2016, 13:43, par J.P
Haaaaa ! Uko Niko Baza Mugabe Abari Kumipaka Eheee! Nibabutange Iwabo Kuko Na Bo Ntibumva.
30 Myandagaro 2016, 15:20, par Bimana
Nivyiza ko beretswe.none twebw’abarundi ntidusenga?ewe banyarwanda murahiriw k’iwanyu ari mwi paradizo,burya iwanyu ntabibzo mufis?ijuru si nyabarega rizojamwo uwarikoreye kandi ntawuzojana nuwundi.
30 Myandagaro 2016, 15:28, par Musaga
Jewe aba DD murantwenza,none ko Shetani iganje murimwe,nimwumve ico Imana ibasaba, muti nibaze tubamese,mbega gutwarwa n’amadayimoni y’aba DD
30 Myandagaro 2016, 18:56, par ema
Ivyisi biragoye ko basenga kandi imyidogo bidogera Kagame ikaba irenze kuki Imana itabatuma kumu president wabo? Umwe yadedemba ngwamatora Imana iyacishijemwo akarongo ko bitabaye vyo? Ivyubu biragoye aho bari bafise ikibagenza
30 Myandagaro 2016, 19:53, par Mob
Ndigusoma amakuru anyuranye kubyo aba DD barigukora nka Hitler bishobokeko ingoma yabo iri mu marembera walahi...isa ningoma y abatabazi mu Rwanda 1994
30 Myandagaro 2016, 20:01, par Mob
Wowe wiyise miruho uri miruho nyine ryamabere ya nyoko
30 Myandagaro 2016, 20:24, par jewe
ko wumva bari batumwe nimana uwo yabasubije inyuma yaburijemwo umugambi wimana? atako arabishobora? canke bakumbuye indagara
30 Myandagaro 2016, 20:24, par jewe
ko wumva bari batumwe nimana uwo yabasubije inyuma yaburijemwo umugambi wimana? atako arabishobora? canke bakumbuye indagara
30 Myandagaro 2016, 20:24, par jewe
ko wumva bari batumwe nimana uwo yabasubije inyuma yaburijemwo umugambi wimana? atako arabishobora? canke bakumbuye indagara
30 Myandagaro 2016, 20:24, par jewe
ko wumva bari batumwe nimana uwo yabasubije inyuma yaburijemwo umugambi wimana? atako arabishobora? canke bakumbuye indagara
30 Myandagaro 2016, 20:45, par Mb.Fra
MURI EKLEZIYA NTAKWIYADUKIZA ABO NUKUBARABA NEZI IBONEKEGWA RIRASUZUMWA HANYUMA RIKEMEZA ATARUKO ABARIBINDI MWIBUK ZEBIYA PATIRI YABIVUZ NEZA ABEPISCOPI MUGWANDA BARABAZI UYO NUMUTEGO ZEBIYA YAKORA GURYO GUM MUGUM MWISENGERA ABAVUGISHWA NABO ABUNGER BAZOBATUMENYESHA
30 Myandagaro 2016, 20:45, par Muyahudi
Yemw Bantu Bapinga Ubuhanuzi! Mwikebuk K1 Kubabaribaj Kuvugako Twosenga Can Sibibi Ndabibariz Kuberiki Umukuru Wigisagara Ca Bujumbura Yirigwariruka Agwanya Abakora Ubumaraya Nabambara Nabi Suko Abona Ivyaha Vyagwiriy Mugihugu!!
30 Myandagaro 2016, 20:58, par SABO SALVATOR
NONE.IWABO.NTIBACUMURA?
30 Myandagaro 2016, 21:21, par ciza.pascl
none.burya.abobantu.kwaribatanu.bose.beretswe.kuburundi?.abo.nabavugishwa.bibinyoma.kagome.yahenze..anone.murwanda.burya.naberanda?
30 Myandagaro 2016, 21:44, par clement
haa kagame ntamunyepolitike amucarukana abonye uwuvyuy’umutwe acamwagiriz ihonyabwo non aho ntakwiriye kumva ubwohanuzi bwabo yaratumye muburindi abarundi twaratandukanye nibinyoma nibagumiz iwabo.
31 Myandagaro 2016, 00:05, par Marame
Ndavye amashusho ndabano ari bamwe bari mu murwi(Abahtu) w’abo FPR yagize des sous-hommes. Bamwe Kagame yandika muruhanga rwabo n’imvyaro zabo zose zizokwirikira igicumuro c’inyanduruka yise genocide. Ni bamwe batakigira uburenganzira nabumwe gushika aho no mu gatongo iwabo batagishobora kurima(guhinga) ivyo bipfuza kuko Kagame atabishaka. Bari bahunze Urwanda, Abarundi mu bakire kuko baragowe.
31 Myandagaro 2016, 03:43, par CIZA JOSEPH
MBEGA ABANYARWANDA NIBO BERANDA BEREKWA IVY’UBURUNDI? NTA MURUNDI N’UMWE IMANA YOTORANYA NGO IMUKORESHE? MUNYISHURE.
31 Myandagaro 2016, 06:42, par kamenge elvis kamenge
kobisuka mubitabaraba?iwabo ingorane zuzuyeyo..
31 Myandagaro 2016, 08:51, par Mob
Marame alias interahamwe genocidaire
31 Myandagaro 2016, 11:33, par ntezu
Iyo mihimbiri yari ije kubonekera bande ?ahubwo bari bakwiye kubanza bakabaha inkoni nyinshi.mu Rwanda ntavyaha biriyo?
31 Myandagaro 2016, 11:51, par Maherezo
Ibizoba mu misi y’iherezo abahanuzi b’ibinyoma bazogwira.Ntawuyobewe abiyita abahanuzi badutse mu Burundi kuva 2014 ariko ivyo bavuze vyose ntanakimwe cabaye gusa ils etaient politiciens sous le manton de la religion.L’insecurity est partout dans le monde,d’ou il faut precher partout le retour proche du Christ.Voir Mathieu 24
31 Myandagaro 2016, 14:30, par BUBESHI
Abo ni ba GAKWAYA bavugishwa ibinyoma vyatumye abarundi isinzi bahunga ibihuha badumisha. Ikibabaje n’uko babikora bazi neza ko ari ubukozi bw’ikibi bariko barashira mungiro bihishije mu guhishurirwa. Abo muri manifestation nabo nivyo vyabaha inguvu ngo bariko barashira mungiro ubuhanuzi!!!!.
31 Myandagaro 2016, 15:51, par jean
insengero n’amakoraniro mu burundi n’ivy’imbonerukure.nibaje kurima. iyo bagera mu burundi bari kemeswa
31 Myandagaro 2016, 15:51, par jean
insengero n’amakoraniro mu burundi n’ivy’imbonerukure.nibaje kurima. iyo bagera mu burundi bari kumeswa
31 Myandagaro 2016, 15:51, par jean
insengero n’amakoraniro mu burundi n’ivy’imbonerukure.nibaje kurima. iyo bagera mu burundi bari kumeswa
31 Myandagaro 2016, 15:51, par jean
insengero n’amakoraniro mu burundi n’ivy’imbonerukure.nibaje kurima. iyo bagera mu burundi bari kumeswa
31 Myandagaro 2016, 15:51, par jean
insengero n’amakoraniro mu burundi n’ivy’imbonerukure.nibaje kurima. iyo bagera mu burundi bari kemeswa
2 Nyakanga 2016, 06:01, par njeri
Mana garukira ibibihugu vyacu,you must to know someone who is innocent,be nkaho mubahoriki abasrnzi abubutumwa
2 Nyakanga 2016, 17:16, par AHISHAKIYE
nimubareke bakore icimana yabatumye
2 Nyakanga 2016, 21:49, par Amos
Jewendibazakobarikubarekabagashikaiyobaribagiyekuvugaubwobuhanuzikukon’ubuhanuzibwizabwoguhanura.
5 Nyakanga 2016, 14:51, par turaje
@MOB RUNYENZI. mujye mureka kwivanga muri politique yabarundi.
24 Ruhuhuma 2017, 22:03, par AHISHAKIYE
MUNDUGIKIRA IJAMBORYIMANA MESSAGE KURRZINOMERO 69165598