Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abanyeshure bemerewe kwiga muri kaminuza Hope Africa university (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abanyeshure bemerewe kwiga muri kaminuza Hope Africa university (...)

Abanyeshure bemerewe kwiga muri kaminuza Hope Africa university bamenyekanye

jeudi 3 Nzero 2013

Nkuko vyari birindiriwe n’abantu benshi cane cane abanyeshure basavye kwiga muri iyo kaminuza mu mwaka w’amashure wa 2013, uyu munsi woku wa kane kwigenekerezo rya gatatu nzero 2013, abemerewe kwiga kuri iyo kaminuza urutonde rwabo rwashizwe ahagaragara.

Nkuko twabibwiwe n’umurongozi wivyigwa kuri iyo kaminuza batubwiye ko abanyeshure bose basavye kwiga kuri iryo shure bujuje ibisabwa n’amategeko agenga iryo shure ndetse n’ ama kaminuza I burundi bose baremerewe ariko batubwiyeko haraho usanga mu bisata bitandukanye harasavye abanyeshure benshi cane bigatuma umuntu atashoboye kuronka ico yasavye ubwa mbere ugasanga bamusize mu bindi yatoye canke bakamubwira ibindi birimo ikibanza ashobora kuba yosaba.

JPEG - 32.4 ko

Batumenyesheje ko hari urutonde ruzosohoka munyuma rw’abanyeshure batari benshi bacerejwe no kurindira ko impapuro zabo z’umutsindo ziboneka kugira ngo barabe ko bujuje ibisabwa n’ubushikiranganji bujejwe ivya mashure I Burundi .

Baboneyeho n’akaryo ko kutubwirako itariki yo gutangura ishuri kubanyeshure bashasha ari ku wambere kw’igenekerezo ry’indwi 2013 aho bazoba bariko biga indimi (igifaransa n’icongereza)batumenyesheje kandi ko kubanyeshure basanzwe biga muri iyo kaminuza bo amashuri azotangura mu kwezi kwa ruhuhuma kw’igenekerezo rya cumi na rimwe 2013(le 11/fevrier/2013) barangije bavuga bati ntimuzocerwe kandi ngo babifurije umwaka mushasha muhire!

Ukeneye kuraba amakuru menshi kurivyo woraba www.hopeafricauniversity.org


Joel sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.