Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB u Burundi
Abanywanyi ba CNDD FDD basabwe guhinduka bose ba Lieutenant-Général Adolphe NSHIMIRIMANA
Yanditswe taliki ya 2-08-2016 - isaha 16:55' na IGIHE

Mu gihe umwaka warumanye kuri uwu wa kabiri Lieutenant-Général Adolphe NSHIMIRIMANA agandaguwe, mu mugambwe CNDD FDD bamenyesheje ko umunsi w’igenekerezo rya 2 Myandagaro wahebewe kwibuka iyo ntwazangabo, uwo mugambwe ugasaba Abagumyabanga bose ba CNDD FDD gufatira akarorero kuriwe, bagahinduka bose ba Lieutenant-Général Adolphe NSHIMIRIMANA

ITANGAZO NO 014/2016 RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KU WA 02 MYANDAGARO 2016

Umunsi w’igenekerezo rya 2 Myandagaro wahebewe kwibuka Intwari Lieutenant-Général Adolphe NSHIMIRIMANA

1. Umugambwe CNDD-FDD, kuri iri genekerezo rya 02 Myandagaro 2016 urifatanije n’Abagumyabanga eka n’Abarundi bose mu kwibuka umwaka urangiye Intwari Lieutenant-Général Adolphe NSHIMIRIMANA agandaguwe n’abicanyi batipfuza na gato demokarasi mu gihugu cabo. Yari umugabo w’ijunja n’ijambo, umugabo w’Abagabo atatinya urukamvye, yobera akarorero ab’ubu n’abazovuka ejo ;

2. Umugambwe CNDD-FDD uboneyeho kwipfuriza umuryango wa Lieutenant-Général Adolphe NSHIMIRIMANA n’Abagumyabanga bose babuze Intwari batanka, baze bame bazirikana ibihe twaciyemwo kugirango ivyo bihe bitubere isoko ry’ubumenyi, urukundo, kwihangana hamwe no kutazosubira inyuma na rimwe ;

3. Umugambwe CNDD-FDD usavye Abagumyabanga bose gufatana mu nda, bakunga urunani rumwe nk’uko Intwari Lieutenant-Général Adolphe NSHIMIRIMANA atahengeshanya kubigaragariza Abarundi n’Amakungu ;

4. Umugambwe CNDD-FDD usavye kandi Abagumyabanga bose gufatira akarorero kuri iyo Ntwari, bagahinduka bose ba Lieutenant-Général Adolphe NSHIMIRIMANA ;

5. Umugambwe CNDD-FDD urateye ivyatsi bimwe mu bihugu bimwe bimwe birajwe ishinga no guhonyanga Ubwigenge, Ukwikukira, Ubumwe n’imipaka y’Uburundi abagumyabanga baharaniye imyaka n’iyindi, Intwari zikagandagurika mu gushaka guteza ingabo mvamakungu zotangurirwa n’abaporisi 228 biciye kubiri n’ingingo z’Akanama gashinzwe umutekano k’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU inomero 2248 yo ku wa 12 Munyonyo 2015 be n’inomero 2279 yo ku wa 1 Ndamukiza 2016. Ivyo na vyo bikaba kandi biteye kubiri n’ukwishira n’ukwizana Umuhisi Lieutenant-Général Adolphe NSHIMIRIMANA yari yaraharaniye imyaka myinshi. Uno munsi rero twibuka intwari yacu bikaba bitumvikana ko ari co gihe ivyo vyokwiyumvirwa kanatsinda ni ugusubiza Uburundi mu ntwaro z’ubukoroni zasezerewe ;

6. Umugambwe CNDD-FDD urangije wibutsa kandi Reta y’Uburundi ko uwo munsi w’igenekerezo rya 02 Myandagaro woba ntibagiranwa mu mateka y’igihugu, ukazokwama uhimbazwa n’abuzukuru n’abuzukuruza.

Ivyiyumviro vyanyu

Ariko mutubarire uwakoze ayo mahano ninde ? Hanze ko bavuga ko ari Umukuru w’igihugu c’uburundi watanze uburenganzira kubera ko Adolphe yashakaga kumuhirika.

11.08.2016 à 11:05
kij

Jewe nunvise abavuga ngo niyombare ese haruwumaze kumukubita ijisho nyuma ya coudetemp ? Uwumaze kumubona azoje kwa pasteur amusengere kuko yabonye umuzimu

8.08.2016 à 06:54
muzinga

njanwe nahobishe yotumaze

7.08.2016 à 12:50
wasafi

Nunvirije ivyo mudedemba nca ndabatwega iryinyo kurindi ijisho kurindi bikomagu kararuza bobo barihe ?

7.08.2016 à 07:42
zoulu

Ahwiiiii, wa mugani w’uwambanjirije iri tangazo riburamwo U Rwanda, mbega none vyagenze gute ga yemwe ?

4.08.2016 à 10:56
copy

Murakoze Kunyibutsa Ko Yapfuye !

3.08.2016 à 22:24
Asha

Yewega yeee. Mbega umurage mubasigeye. Neneho ubundi bubaye ubwabahotozu gusa. Ngo bose bamere nka nka Adolphe le satan.
May God be with innocent burundian

3.08.2016 à 20:27
Kabebe

IYO LETA NUWO MUGAMBWE WAYO BOSE NIBIJUJU.NDASUBIRIYE GUKEBURABARUNDI KO BOZA TUKEMERA GUHONA KUBWABANA BACU,TUJE MWIBARABARA TWIYAMIRIZIYILETA ITUMYE TUHABA NABI.MURAKOZE !

3.08.2016 à 19:15
NYAMITWE

aragafa nabi ivyo yakorey abanya mutakura gusa imana imwakir

3.08.2016 à 18:14
chivaniy

Emwe nimureke guta umwanya musaba Imana ngo yakire Adolphe Nshimirimana kuko umengo ibibi yakoze n’uwovoma Tanganyika yose abimwoza ntivyomuherako.
Si uko nezerewe ko yapfuye, ariko rero iyo aba akiriho, tubandanya kwibaza niba Uburundi butaba busigaye ari umunyota kuko integuro yari afise yo gutikiza abarundi bazira ubusa yari iteye ubwoba.

Abo nabo bavuga ngo bazoyibandanya nibitonde mu majambo kuko nta ntambwe nabo nyene bagiye gutera, aho babukaranga abandi bari musi y’urujo.

3.08.2016 à 13:03
Barengayabo

"umwaka urangiye Intwari Lieutenant-Général Adolphe NSHIMIRIMANA agandaguwe n’abicanyi batipfuza na gato demokarasi mu gihugu cabo".c’est vrai.abo bicanyi banze kubahiriza amasezerano ya arusha, banze kubahiriza amategeko, kandi nibo barongoye igihugu.

3.08.2016 à 11:26
jean

Mbe none Gelase Ndabirabe ko yibagiye kutubwira uruhara rw’urwanda muri iri tangazo umengo format yahawe gukoresha yayibagiye ? Asha aca akomborwa kuko iyo arangije itangazo atavuze urwanda n’abategetsi barwo bica vyibonekeza ko akazi kamunaniye.

3.08.2016 à 10:30
elias

Yarondeye kuguma ari umu star, ntiyiyumvishe ko umu star agomba kuba peter wenyene. Peter rero yaciye amwereka ko batiganye. Adolpf amashuri yiwe yari makeya cane ntiyashoboye gutegera. Ehe raba Niyombare yabibonye kare.

3.08.2016 à 10:12
Aferky

iryani ntwari twemera twebwe abarundi100% turashigikiye ubwira bwiwe,numugabo atakangwa nimbwa zamujeri yarazihana bikwiye,rero nubu BA ADOLFE nibenshi mugihugu abarundi yadusigaranye iragi murabona hagize nagataruka duca ducakira kimyakimya !

3.08.2016 à 07:32
CAKIRA

Ndifatanije n’umuryango wabuze,nsangiye umubabaro na CNDD.FDD

3.08.2016 à 06:53
Juvenal havyarimana

UKORA INABI IKAGUHEREKEZA ABARUNDI ADOLPHE YAGANDAGUY YIBAZA KO IMANA ITABIBONA ?

3.08.2016 à 03:58
Léonce Ciza

Mbega Adolphe Nshimirimana ko yari umusirikare(lieutenant général) yakabaye yari umu CNDD ? Nagirr ngo l’srmée est spolitique

2.08.2016 à 23:37
Kana claude

At Peace, abobabisavye abobabona ko bashikirara ninginga nawewe uhisemwo kuzozuravuga kuruwiwiwe ntawuzokubuza.
Hanyuma nutabikora nawewe uzoba utemeye koyaruwigihugu ataruwumugambwe.

2.08.2016 à 22:32
Iragiryagahuturemy

apuu mwarihekuye mwikora munda CNDD murahumye.

2.08.2016 à 22:16
turaje

NDABASHIMIYE KOMUHANURA KWIBUKA AHOTWACIYE

2.08.2016 à 20:58
Ngenzebuhoro Leonce
1 | 2

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.